Uwahora atwara Banki Nkuru y'Uburundi ari mu gasho yagirizwa ivyaha bitandukanye

    • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi

Vyari bimaze iminsi binugwanugwa, ariko noneho vyemejwe ku mugaragaro ko uwahora ari umukuru w’ibanki nkuru y’Uburundi ari mu minwe y’inzego z’ubucamanza.

Umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Leonard Manirakiza, yasohoye itangazo ryemeza ko Dieudonné Murengerantwari yafashwe ubu ariko arasambishwa.

Be n'umugwizatunga, Sylvestre Niyonsaba, bafashwe itari 7 na 8 uku kwezi kw'icumi, nk'uko itangazo rivuga. Murengerantwari na Niyonsaba basanzwe basanzwe ari incuti.

Sylvestre Niyonsaba ni umugwizatunga asanzwe azwi cane mu bijanye n’urudandazwa rw’ubutare no muri kompanyi y’ikivuko ca Bujumbura.

Itangazo ry’umushikirizamanza mukuru rivuga ko abo bagabo babiri ubu bariko barasambishwa.

Ntirivuga aho bariko barasambirishizwa aho ariho, ariko biravugwa ko ari mu biro vy’igihugu bijejwe igendereza, Service National de Renseignemetns (SNR). Ni ho kenshi habanza gucishwa abantu bakurikiranwa ku ma dosiye akomeye ya poritike, ubutunzi canke umutekano.

SNR n’urwego rutinyitse rukunze kuvugwa ko uwucishijweyo ashobora kuborezwa igufa canke gukorerwa ayandi mabi mu gusambishwa.

Gishobora kuba ari naco gituma mw’itaganzo ryiwe umushikirizamanza mukuru wa repuburika yanditse ati ‘’Nashaka guhumuriza imiryango ko ico gikorwa kiriko kirakorwa hubahirijwe uburengenzira bahabwa n’igitabo c’ingene imanza mpanavyaha ziburanishwa n’ayandi mategeko ya repuburika’’.

Ivyo bagirizwa navyo birimwo:

  • kubangamira ubutunzi bw’igihugu
  • ibiturire mu buryo buteruye
  • gukoresha no gutunga amafaranga y’inkomoko mbi
  • hamwe no kunyuruza amatungo y’igihugu.

Umushikirizamanza mukuru wa repuburuka avuga ko ivyo bagirizwa ari vy'imfatakibanza muri iki gihe dosiye ikiri mw'itohoza. Bisigura ko hari ibishobora kwongerwako canke bikavanwako bivanye n'ibivuye mu matohoza.

Ico bakoze nyezina muri ivyo vyose kizomenyekana urubanza rushitse mw’iburanishwa.

Mu majambo ameze nk’ayo kugabisha abandi atavuze amazina, muri iryo tangazo umushikirizamanza mukuru avuga ko hari abategetsi bazibira amatwi ku kamo ka reta ko kuvavanura n’ingendo mbi zo kubangamira ubutunzi bw’igihugu, ariko ko bomenya ko ''ibikorwa vyabo bibi amaherezo bizoruhira guhanwa.''

''Dufise ishaka ryo gushira abantu bose ku murongo kugira hubahirizwe itunga rusangi.'' niko itangazo rirangiza rivuga.

Dieudonné Murengerantwari yafashwe yongera arasubirizwa yari amaze umwaka n'amezi abiri atwara Banki Nkuru y'Uburudi, BRB.