Abashikiranganji ba Israel bahaye Netanyahu uruhusha rwo kwihora Hezbollah

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Raffi Berg
- Igikorwa, BBC News
Abategetsi bo muri reta y'intambara ya Israel bahaye umushikiranganji wa mbere wa Israel Banjamin Netanyahu n'umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi uruhusha rwo gufata ingingo yo kwihora igitero ca roketi cahitanye abantu Israel na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko cagabwe na Hezbollah yo muri Liban.
Abashikiranganji bakoraniye mu nama yihuta inyuma y'ico gitero co ku wa gatandatu cahitanye abana n'abayabaga 12 mu karere ka Druze mu misozi ya Golan yigaruriwe na Israel. Hezbollah yahakanye kuba ibifisemwo uruhara.
Nico gitero ca mbere co hakurya y'umupaka cahitanye abantu benshi mu mezi menshi yo kurasana hagati y'izo mpande zibiri.
Ico gitero congereje ubwoba ko uguhangana gushika ubu kutari bwarenge inkombe noneho gushobora guhinduka intambara yeruye.
Ibihugu vya Buraya na Amerika bisaba Israel kwigumya ku bijanye n'ingene izosubiza kuri ico gitero.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika (Maison Blanche) bimenyesha ko ''bagumye mu biganiro n'impande za Israel na Liban kuva habaye ico gitero giteye ubwoba'' ku kibanza c'inkino mu gisagara ca Druze co muri Majdal Shams.
Vyavuze kandi ko ''biriko birarondera inyishu iciye mu nzira z'imigenderanire yo kuri Blue Line (urubibe rutazwi icese hagati ya Israel na Liban) yorangiza ibitero vyose burundu''.
Kuri uyu wa mbere mu gitondo drone (indege itagira umudereva) yarashe hanze y'igisagara ca Shagra, hafi 6,5km uvuye ku rubibe rwa Israel, yica abantu babiri, nk'uko vyavuzwe n'ibinyamakuru vya reta ya Liban. Hezbollah yavuze ko abo bishwe bari babiri bo mu barwanyi bayo. Israel ntaco yabivuzeko.
Hagati aho Air France yabaye kompanyi ya vuba yahagaritse ingendo zayo ziva canke zija Beirut, mu gihe haguma hongerekana ukwitega kw'igitero ca Israel co kwihora. Lufthansa, Swiss International Air Lines, na Eurowings nayo yari yafashe ingingo nk'iyo.
Ico gitero ni co ca mbere cashegeshe ico kibano ca Druze, abantu bamaze imyaka amajana baba mu misozi ya Golan. Ni bamwe mu mugwi w'abantu bavuga icarabu bakagira n'amadini y'abarabu baba muri Liban, Syria, imisozi ya Golan hamwe no mu buraruko bwa Israel.
Ababa mu misozi ya Golan yigaruriwe na Israel batwarwa mu butegetsi bwa Israel kuva Israel ifashe ako karere ikatse Syria mu ntambara yo mu 1967, n'ubwo benshi bagumye bayoboka Syria. Hari abashika 21.000 baba muri iyo misozi y'amabuye, 20% muri abo bakaba baremeye ubwenegihugu bwa Israel.
Netanyahu yaciye ahagarika urugendo rwiwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika aho habereye ico gitero. Yabanje kugirana inama n'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi imbere y'uko atumako inama y'abashikiranganji baraba ikibazo c'umutekano ku wa mungu.
Inyuma y'iyo nama y'amasaha menshi, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere vyaciye bisohora itangazo rivuga gusa ko ''abagize reta bahaye uruhusha umushikiranganji wa mbere n'umuhikiranganji wo kwivuna abansi rwo gufata ingingo ku buryo n'igihe vyo gusubiza [ku gitero c'] umuhari w'iterabwoba wa Hezbollah''.
Netanyahu yavuze ko ''kubera ico gitero Hezbollah izoriha ivyo itari bwigere iriha kugeza ubu''.
Hezbollah yahakanye yivuye inyuma kuba iri inyuma y'ico gitero, bikavugwa ko yacegetse kuri misire ya Israel itegerera ibisasu mu kirere itakoze neza.
Ariko igisikare ca Israel kivuga ko kizi neza aho iyo roketi yatewe iva.













