Bishasha hagati ya Israel na Hamas: IDF ivuga ko yakubise ibibanza 300 muri Gaza mu masaha 24 aheze

Ahavuye isanamu, IDF
Mu gihe umukuru wa Hamas ari i Cairo mu Misiri mu biganiro, igisirikare ca Israel (IDF) gihejeje gutanga aho ibintu bigeze ku bijanye n’ibitero vyaco muri Gaza, aho kivuga ko ejo ku wa kabiri cakubise ibibanza 300.
IDF ivuga ko ibandanya "ibitero ku bibanza vy’iterabwoba n’ivy’abarwanyi muri Gaza”.
Ivuga ko ingabo zayo “zihanganye na Hamas mu buryo bwa hafi na hafi ku butaka zongera zereka indege z’intambara ibibaza birimwo abarwanyi n’ibirwanisho vya Hamas”.
Itangazo rya IDF rivuga riti: "Ibibanza vy’iterabwoba birenga 300 vyarakubiswe ku musi w’ejo”.
IDF ivuga kandi ko ingabo zayo zarashwe mu bumanuko bwa Gaza, mu kwihora igaca itera ikigo ca gisirikare muri Khan Younis, aho yatoye inkoho, amasasu n’amabombe.
Ivuga ko indege z’intambara zayo zakubise ikirindiro kirekura ibisasu vya muzinga “cateye amarokete ku basivire ba Israel ejo”.
Haravugwa intambara zikomeye cane n’ibitero vyo mu kirere i Khan Younis

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gatondo itororokanirizo ry’amakuru Safa ryegamiye Hamas ryavuze ko ko hagati mu gisagara ca Khan Younis ariko habera intambara z’urutavanako hagati y’abarwanyi b’abanya-Palestina hamwe n’ingabo za Israel.
Intambara zikomeye kandi hamwe n’ibitero vyo mu kirere vya Israel biravugwa mu karere ka Ma'an.
Mw’ijoro ryakeye, umuvugizi w’igisirikare ca Israel Daniel Hagari yavuze ko igisirikare cari “congereje” ibikorwa vya gisirikare hagati muri Khan Younis.
Ati: "Twongereje birigade yose hamwe n’ingabo zikoresha ibimodoka vy’intambara ku rubuga rw’intambara mu karere – ingabo zikoresha ibimodoka vy’intambara kugira ngo dutsimbataze ibikorwa vya gisirikare mu karere”.
"Turiko turongereza inguvu mu birindiro vya Hamas muri Khan Younis mu ntumbero yo gusambura Hamas kandi tuzobandanya ivyo n’inguvu zose aho hose bizoba bikenewe”.
Israel yakubise ibibanza bitari bike vya Hezbollah muri Libani

Ahavuye isanamu, Reuters
Hampande y’intambara yo muri Gaza, igisirikare ca Israel kivuga ko cateye ibibanza bitari bike vyegukira umuhari Hezbollah wo muri Libani - umuhari w’Aba-Shia ufashe mu mugongo na Irani ufise inguvu za gisirikare n’iza poritike zidasanzwe muri Libani.
Ibihugu vya Israel, Ubwongereza, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi, bifata Hezbollah nk’umuhari w’iterabwoba.
Igisirikare ca Israel kivuga ko ingabo zaco zirwanira mu kirere zakubise "ibibanza bitari bike vy’iterabwoba hamwe n’ibibanza vya gisirikare uno muhari ukoreramwo”.
Kuva Israel itanguye ibitero vyayo kuri Gaza inyuma y’igitero ca Hamas co ku wa 07 Gitugutu (10), Hezbollah ibandanya ikora ibitero vya muzinga n’indege zitagira abaderva biva mu bumanuko bwa Libani, bimwe bikaba bikorwa ku bibanza vya gisirikare, ibindi bikaraswa mu rudavagi mu buraruko bwa Israel.
Vyabaye ngombwa ko Israel yimura ibihumbi vy’abasivire muri ako karere kubera imishamirano n’abarwanyi ba Hezbollah itera yiyongera.










