Amafoto adasanzwe mu birori vyo sa kwugurura inkino za Olempike Paris 2024

    • Umwanditsi, George Burke
    • Igikorwa, BBC News

Ibirori vyo kwugurura inkino za Olempike biha igihugu cazakiriye akaryo ko kwereka isi yose ibitangaza vyaco mu birori bidasanzwe kandi vyihariye.

Ni vyo vyaraye bibaye mu kwugurura Inkino za Olempike za Paris 2024 - abaziteguye bahevye umuco kama w'ibirori, maze ziba inkino za mbere za Olempike zigururiwe mu gisagara cose aho kuzugururira mu kibuga.

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanonotsi n'abanyatugenegene bakoze urugendo ku ruzi Seine ku mugoroba w'imvura, imbere y'uko ikirere c'ijoro n'Umunara wa Eiffel vyakirizwa amatara y'amabara y'akaroruhore kandi ku buhinga bwo hejuru, ikirori cihariye.

Raba amwe mu mafoto y'akaroruhore yaranze iri joro ryakeye.

Inyuma y'urugendo rw'amezi atatu kuva mu Bugiriki gushika i Paris, urumuri rwa Olempike rwashikirijwe Zinedine Zidane yahoze ari umukinyi w'umupira w'Ubufaransa, imbere yo gushikirizwa ibihangange mu rukino rwa tennis Rafa Nadal na Serena Williams.

Muri ivyo birori vy'akataraboneka, umukinyi wa judo Umufaransa Teddy Riner hamwe n'umunonotsi yiruka intera ngufi Marie-Jose Perec bakoresheje uru rumuri rwa Olempike mu kudomeka iziko ry'igipulizo kinini cane categerezwa kugururirwa mu kirere.

Iki gipulizo kinini caka cane caguruwe hejuru y'igisagara ca Paris nk'ikimenyetso c'uko izi nkino za mbere zikomeye kw'isi zitanguye.

Umwotsi ufise amabara y'ibendera ry'umurwi w'Ubufaransa wabonetse ku kiraro ca Austerlitz muri ibi birori vyo kwugurura Inkino za Olempike Paris 20204 nijoro ku wa 26 Mukakaro (7) 2024 i Paris mu Bufaransa.

Abafana n'abarorerezi batamariwe bari barindiranye igishika ibi birori, kandi n'imvura yariko irabanyagira ntaco yababwiye.

Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yari yitavye ibi birori ari kumwe n'umukuru wa komite mpuzamakungu ya Olempike Thomas Bach.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene yarabutswe ariko arorera ibi birori, asa n'uwari yiteguriye imvura yariko iragwa.

Ivyamamare bitari bike vyari vyitavye ibi birori, harimwo umuririmvyikazi wa Amerika Ariana Grande ari kumwe na mugenziwe w'Umwongerezakazi Cynthia Erivo.

Nk'uko vyari vyitezwe, ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare n'abapolisi bari banyanyagijwe mu gisagara cose mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano .

Muri ico gihe cose c'ibirori, umuntu w'amayobera yiyoberanije mu maso yikoreye urumuri yaguma yiruka mu gisagara aca hejuru y'amazu ku nkengera z'uruzi.

Amato y'imirwi yaserukiye ibihugu bitandukanye kw'isi yose, bazungurutse mu ruzi Seine, bafise n'amabendera n'ibihugu vyabo mu munezero.

Umwibizi w'Umwongereza Tom Daley hamwe na Helen Glover ahiganwa mu kugendesha ubwato bikoreye ibendera ry'igihugu cabo.

Ibi bikorwa vyaranzwe n'ibirori vy'ubwoko bwose uhereye kuri Lady Gaga, abacuraranzi bo mu bubare, abahinyanyuzi batandukanye gushika no kuri Celine Dion.