Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu marira, Casandra Ventura abwira sentare ko Diddy yamukubise akamuteza isoni
- Umwanditsi, Madeline Halpert
- Igikorwa, BBC News muri sentare i New York
Mu rubanza rw'uno rurangiranwa mu muziki wo mu mudiho wa hip-hop, Sean "Diddy" Combs, yagirizwa ivyaha vyo gushora abantu mu busambanyi, uwahoze ari umukunzi wiwe, Casandra Ventura, yabwiye sentare ko yifatiye ubuzima bwiwe mu minwe, akamuhatira mu bikorwa "biteza isoni" vy'ubusambanyi.
Icabona nyamukuru yavuze kw'ihohotera ryo ku mubiri no ku mutima uno mugore yakorewe ari mu minwe y'uno raperi mu birori vy'imibonano mpuzabitsina bidasanzwe vyo kwiryohera, bise 'freak-offs'.
Incuti n'abagenzi bari bashwabadutse ku bwinshi baje gushigikira Combs, abashingwamanza biwe bakaba bataratangura kubaza Ventura.
Combs arahakana ivyaha yagirizwa harimwo gutegura imigambi y'ubukozi bw'ikibi, ugushora abantu mu busambanyi, no kubunguruza abajana mu bikorwa vy'ubumaraya.
Kugabisha: Iyi nkuru irimwo ibintu bamwe mu basomyi boshobora gusanga bibabaza
Ventura 'yari akundanye' na Combs
Abashikirizamanza batanguye kubaza uno mugore Ventura, ku bijanye n'imyaka 11 yamaranye na Combs.
Ku myaka 38 ubu kandi akaba yibungenze umwana wiwe agira gatatu, avuga ko yabonanye na Combs igihe yari agitangura kuririmba afise imyaka 19, mu gihe Combs na we yari afise imyaka 37.
Ikigo gitunganya umuziki wiwe mu nyuma cahavuye gikorana na Ventura nk'umunyamuziki, inyuma y'igihe gito ivy'urukundo rwabo biba biratanguye.
Ico gihe, nk'uko abivuga, yumva ko ari we mukunzi wenyene bari kumwe, nubwo ubu azi ko yari afise abandi bakobwa bari bakundanye.
Avuga ko "yakundanye" n'uno "mugwizatunga n'umunyamuziki kibirengeye". Ariko ntivyatevye kubona urundi ruhande kuri we, nk'uko abivuga.
Combs yashaka 'kugenzura' buri gice cose c'ubuzima bwiwe, niko Ventura avuga
Combs yashaka "kugenzura" ubuzima bw'umukunzi wiwe, nk'uko Ventura abivuga. Avuga ko ari we yamurihira inzu, imodoka ziwe, terefone yiwe n'ibindi bikoresho vy'ubuhinga bwa none yashobora rimwe na rimwe kumwaka "nk'igihano".
Ventura ati: "Yangenzura muri vyose, kuva ku kungene nasa…gushika ku vyo naba ndiko ndakora".
Avuga ko uku kumugenzura kwahavuye kuvamwo ubugizi bwa nabi. Combs kenshi yarashobora "kunkubita mu mutwe, akankubita hasi, akankwega, akantera imigere", niko Ventura yavuga, rimwe na rimwe akorora amosozi.
Avuga ko yamusiga iminwa ivyimvye, amaso yirabura n'ibipfupfuri mu ruhanga.
Ventura yumva ko yakuwe agashambara n'ibi bikorwa vy'ubusambanyi
Ejo ku wa kabiri, abashikirizamanza bamaze amasaha atari make babaza uno mugore Ventura ibijanye n'iki kintu kizwi nka "freak-offs".
Ventura yabwiye sentare ukuntu Combs yamwinjije mu bikorwa bijanye n'imibonano mpuzabitsina mu mwaka wa mbere w'urukundo rwabo. Bashobora gutumira abandi bagabo bari basanzwe bakora umwuga wo guhuza ibitsina kugira ngo basambanye Ventura Combs na we arorera.
Ventura yabwiye sentare ko yagerageje ubwa mbere kuryamana n'aba bagabo kugira ngo Combs yumve ko "ahimbawe". Ariko avuga ko bamumaramaza, kandi ko rimwe na rimwe vyashobora kumara imisi itatu canke ine.
"Nariyumvise nabi cane", ni ko yabwiye sentare, yihanagura amosozi. "Vyatumye numva ataco maze".
Ventura yabwiye sentare ko atigeze yumva ko yoryamana n'uwundi mugabo atari Combs, akavuga ko vyaba ngombwa ko afata ibiyayuramutwe vyinshi cane - marijuana, ecstasy na ketamine – kugira ngo bimufashe gukora neza nk'uko Combs abishaka, ariko kandi kugira ngo ntamenye n'ibiriko biraba.
Ibi biyayuramutwe vyari "uburyo bwo kugira ngo sinumve vy'ukuri ico ari co kuryamana n'umuntu w'icaduka ntashaka lo turyamana'', nk'uko yabivuze.
Sentare yabwiwe ko Combs yazana abagabo bakora ubumaraya muri freak-offs
Mu gihe abashikirizamanza bariko babaza ibibazo vyinshi Ventura ku bijanye na "freak-offs", yabwiye sentare ukungene Combs yashobora kumutegeka kurondera abagabo bamutambisha canke bamukura impuzu kugira ngo bamusambanye na we arorera.
Avuga ko Combs yahemba aba bagabo amadorari y'Abanyamerika hagati 1.500 na 6.000, bivanye n'ukungene bakoze akazi.
Aba bagabo babakura mu makompanyi y'abatamba bari gusa no mu bigo nka Craigslist. Amwe mu masanamu yabo yareretswe abacamanza, harimwo na Daniel Phillip, yari yamaze kwumvirizwa ejo ku wa kabiri.
Ventura na Combs bahurira n'aba bagabo mu bisagara bitandukanye kw'isi harimwo Los Angeles, New York, Las Vegas na Ibiza muri Espagne, nk'uko bivugwa na Ventura.
Rimwe na rimwe, aba bagabo bazanwa mu gihe baba bari mu kiruhuko, nk'uko Ventura abivuga, aho Combs yamutegeka kubwira abakozi kubataburiza no kubarihira itike, abita ko bari abakozi bashasha.
Mu bindi birego, abashikirizamanza bariko bagerageza kwemeza ko Combs yakoze ubucuruzi bw'ibitsina - ubucuruzi bw'abantu kugira ngo bashorwe mu busambanyi – no kwunguruza abantu baja mu bumaraya.
Combs 'yarategeka', bivugwa na Ventura
Igihe abashikirizamanza bariko bahata ibibazo Ventura kw'ido n'ido ry'aya masanamu, hari ikintu kimwe gikomeye cagaragaye: Ventura yavuze ko Combs ari we yagenzura buri kintu muri iyo mibonano.
Ni we yahitamwo impuzu yambara, gushika no ku birato birebire cane yamarana amasaha n'amasaha, ukungene bategerezwa gukora imibonano mpuzabitsina hamwe n'ukungene amatara yategerezwa kwatswa, nk'uko Ventura yabibwiye abacamanza.
Ati: "Ikintu Sean yashaka ko kiba, ni co categerezwa kuba. Sinashobora kuvuga oya".
Ventura avuga ko rimwe na rimwe yafata iya mbere mu gucagura abagabo bamusambanya kubera Combs yari "afise vyinshi akora", ariko ko yaba ari we yabitangiye intumbero, nk'uko uno mugore avuga.
Yavuze ko buri gihe izi "freak-offs" zama zigizwe n'urukurikirane rwihariye rw'ivyo bakora mu mibonano mpuzabitsina.
Ati: "Yagenzura ibintu vyose. Ni we yabihagararira".
Ventura avuga ko rimwe na rimwe yagerageza kubwira Combs ko yumva "yarengewe". Ariko yanse kwumva akababaro kiwe, nk'uko abivuga, yaca agenza buhoro, atinya ko yari guhava ashavura, canke ubucuti bwabo bukagira ibibazo.
Vyitezwe ko Ventura abandanya yisigura kuri uno wa gatatu, aho ashobora no kubazwa n'urundi ruhande.