Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugambwe wa mbere ukomeye utavuga rumwe na reta ya Tanzania wakuwe ku rutonde rw'iyizitabira amatora
- Umwanditsi, Jessica Rawnsley
- Igikorwa, BBC News
Umugambwe wa mbere ukomeye utavuga rumwe na reta ya Tanzania wahagaritswe kuja mu matora y'uyu mwaka, inyuma y'imisi mike uwuwurongoye yagiirijwe guhemukira igihugu.
Ramadhani Kailima, uuyobozi w'igisata kijejwe amatora mu kanama k'igihugu kigenga kajejwe gutegura amatora, avuga ko Chadema yanse gushira umukono nyandiko y'inyifato imigambwe yogira mu gihe c'amatora mu gikorwa cabaye ku wa gatandatu, bisigura ko uwo mugambwe uvuye mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa Gitugutu(10).
Mu ndwi iheze, Umukuru w'umugambwe Chadema, Tundu Lissu yarahagaritswe aca yagirizwa guhemukira igihugu bivuye ku myiyamamazo yagize mu bumanuko bwa Tanzania aho yatera akamo ko hoba impunduka mu vyerekeye amatora.
Vyitezwe ko umugambwe uri ku butegetsi CCM, urongoye Tanzania kuva 1977, uguma ku butegetsi kubera ibi biherutse gushika.
"Umugambwe wose utashize umukono kuri iryo tegeko rigenga inyifato ntuzoja mu matora rusangi yimirije," uko ni ko Kailima yavuze kuri uyu wa gatandatu, yongerako ko umugambwe Chadema ushobora guhagarikwa kwitaba amatora ayo ari yo yose gushika mu 2030.
Mu gitondo co ku musi wa Gatandatu, Chadema yavuze ko itaja mu birori vyo gushira umukono kuri iryo tegeko rijanye n'inyifato, mu ntumbero yo gusaba impinduka mu buryo amatora akorwa.
Ico gihugu cimirije amatora y'abashingamateka na prezida , aho vyari vtitezwe ko Lissu azohangana na prezida ahari ubu Samia Suluhu Hassan.
Igihe Hassan yaja ku butegetsi mu 2021, inyuma y'urupfu rw'uwo yasubiriye John Magufuli, yarashimagijwe ku kuba yarahinduye amwe mu mategeko akandamiza.
Kuva ico gihe, abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n'imigambwe itavuga rumwe na reta batanguye kwagiriza reta yiwe gutangura guhama abatavuga rumwe na yo, bavuga ihagarikwa n'inyuruzwa ry'abayoboke b'imigambwe itavuga rumwe na reta. Reta yagumye ibihakana, iranatanguza n'amatohoza kuri iryo nyuruzwa.
Umwe mu migambwe irambiye ku butegetsi muri Afrika, CCM- canke Chama Cha Mapinduzi - utwaye Tanzania imyaka irenga mirongo itanu.
Ku civugo "Ata mpinduka, nta matora", Lissu yavuga ko ata kuntu hoba amatora yisanzuye andi ata ho yegamiye hatabaye ibihinduka ku kungene amatora ategekanijwe gukorwa muri Tanzania.
Lissu avuga ko abagize akanama kajejwe gutegura amatora bakeneye guhinduka kandi hadakwiye kubamwo abantu bagenywe na prezida Hassan.
Abategetsi bagirizwa Lissu kurondera gutera akavuyo mu matora no gutuma haba imigumuko.
Ubu yashizwe mw'ibohero, urubanza rwiwe rwo guhemukira igihugu rukaba rwungururijwe kw'itariki 24 z'ukwezi kwa Ndamukiza(4).
Umushingwamanza wiwe, Rugemeleza Nshala, yabwiye Reuters ko ivyo yagirizwa bijanye na poritike, yongerako :"Ntushobora gutandukanya ivyo bamurega na poritike,"
Uwo mukuru w'abatavuga rumwe na reta aramaze guhagarikwa kenshi, hanyuma mu 2017 yarahatswe kwicwa aho yarashwe imasase 16 ari mu modoka.
Ico gihe yaciye aja mu buhungiro, aragaruka akanya gato mu 2020 kugira ahangane na Magufuli mu matora. Yaciye asubira kugenda inyuma y'aho hatangarijwe ivyayavuyemwo, yidoga ko aamatora atakurikije amategeko.
Yasubiye kugaruka mu 2023, bivuye ku mpinduka zari zizanywe na Samia, aho reta yiwe yavuga ko ifise intumbero yo kureka imigambwe itavuga rumwe na reta kwidegemvya.