Uburundi bwishuye kw'itangazo ry'Urwanda ryiyamiriza amajambo ya Ndayishimiye i Kinshasa

Leta y'u Burundi yasubije kw'itangazo rya leta y'u Rwanda ryiyamirije amajamabo yavuzwe na Prezida Evariste Ndayishimiye aho yabonana n'urwaruka i Kinshasa mu mpera z'indwi iheruka.

Iryo tangazo rya leta y'u Rwanda ryavuze ko amajambo yashikirijwe na Prezida Ndayishimiye ari amajamabo atutira (rutwitsi).

Ibicishije mw’itangazo, leta y’Uburundi ivuga ko yaguye mu gahundwe imenye ibivugwa mw’itangazo rya leta y’Urwanda.

Leta y’Uburundi ivuga ko amajambo bashira ku gatwe ka Prezida Evariste Ndayishimiye adafise ishingiro kandi agamije kuyovya no gusamaza abantu ku kibazo nyamukuru kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda: Kuba rutarungikira Uburundi abashatse gutembagaza inzego mu 2015.

Ni itangazo rigizwe n’ingingo umunani riri ku mpapuro zibiri ryashizweko umukono n’umunyamabanga mukuru wa leta y’Uburudi, Jerome Niyonzima.

Ku bw’iryo tangazo, ibivugwa ko vyashikirijwe n’umukuru w’Uburundi ntibigira ishingiro, kandi bigamije kubesha, ngo bigakwiragizwa ibigirankana n’abakorera Urwanda mu kwerekana ibibazo uko bitari.

Leta y’Uburundi ivuga ko ababikora bafise agatima katagamije ineza mu kuvana amajambo y’umukuru w’igihugu c’Uburundi aho yavugiwe.

Itangazo risobanura ko umukuru w’Uburundi asanzwe ari intumwa y’umugambi w’urwaruka mw’ishirahamwe rya Afrika yishuye ikibazo abajijwe c’uko urwaruka rw’abanyarwanda rutitaba amanama ahuza urwaruka rw’akarere, maze Perezida Ndayishimiye aca yiyemeza kuzotunganya ikoraniro rwohuriramwo anasaba ko ryokwitabwa na bose.

Leta y’Uburundi ivuga ko ibivugwa mw’itangazo rya leta y’Urwanda bigamije guhisha ikibazo nyamukuru hagati y’Urwanda n’Uburundi: kuba gushika ubu reta y’Urwanda yaranse kurungikira Uburundi abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015 kandi yo ngo yaragize utwigoro twinshi tw’imigenderanire kuva mu 2020.

Abo irondera kurungikirwa, leta y’Uburundi ivuga ko ari bo bagize, ku bw’iryo tangazo "umutwe w’umugwi w’iterabwoba Red Tabara" udasiba guhekura Uburundi nk’uko itangazo ribandanya rivuga.

Leta y’Uburundi yemeza ko yubahiriza ivyo kutisuka mu biraba ikindi gihugu ariko nayo ikitega ko n’abandi bagenza gutyo.

Hagati aho inagiriza Urwanda gufasha mu kuronderera mw’ikambi y’impunzi ya Mahama [y'Abarundi mu Rwanda] urwaruka ruja kwinjizwa mu bagwanyi ba Red Tabara.

Leta y’Uburundi muri iryo tangazo ivuga ko amakungu yoyibera icabona kuri ivyo bikorwa vyose vy’agasomborotso k’Urwanda biciye kubiri n’ingendo yo kubana neza kandi ko ata kindi irondera ku Rwanda atari ukurungika abaronderwa ku ruhara rwo kugerageza gutembagaza inzego mu 2015.