Ubufaransa bwahagaritse igurishwa rya iPhone12 kubera imishwarara zisohora

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku wa kabiri, ubugenduzi bwo mu Bufaransa bujejwe igisata c'imirongo ivugirako amaradiyo, ANFR, nabwo bwasavye ico gihangange mu buhinga bwa none gukosora ingorane z'amaterefone akoreshwa ubu.
ANFR yahanuye Apple ko ni yaba idashobora gukosora iyo ngorane, ko yoca isaba ihamagaza terefone zose za iPhone 12 zagurishijwe mu gihugu.
Ariko mu minsi iheze, ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu OMS/WHO ryari ryashatse guhumuriza abantu ku bijanye n'ubwoba bw'imishwarara isohorwa na telefone ngendanwa.
Rivuga ku rubuga ngurukanabumenyi (website) rwaryo ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko kuba hafi y'imishwarara mike (exposure to low level electromagnetic fields) bibangamira amagara y'abantu.
iPhone 12 yasohotse ku masoko mu kwezi kw'icenda mu 2020 kandi iracagurishwa kw'isi yose.
Apple yabwiye BBC ko idahuza n'isuzuma rya ANFR kandi ikabandanya ivuga ko yahaye ico kigo inyishu z'ibipimo vyakozwe n'ikig co gupima [laboratoire] c'ico gihangange mu buhinga bwa none n'abandi bahinga bigenga, ivyo bipimo bikaba vyarerekanye ko iyo terefone isohora imishwarara ku rugero rwemewe n'amategeko.
Yavuze ko iPhone 12 yamenyekanye ko yubahiriza amategeko agenga urugero rw'imishwarara isohora kw'isi.
Nk'uko vyashikijwe n'itororokanirizo ry'amamakuru Reuters, umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe ubuhinga bwa none, Jean-Noel Barrot, yabwiye ikimenyeshamakuru Le Parisien, ko iyo ngingo yafashwe kubera ko iyo mishwarara yari irenze urugero rwemewe n'amategeko.
Yavuze ko ANFR yasanze ko urugero rw'imishwarara (Specific Absorption Rate = SAR) ya iPhone 12 yinjira mu mubiri w'umuntu ruri hejuru y'urwemewe n'amategeko.
Yavuze ati: "Apple itegerezwa gutanga inyishu mu ndwi zibiri zitarenga."
"Nibatabikora uko, nditeguye gutegeka ko amaterefone yose ya iPhone12 asubizwa. Itegeko ni rimwe kuri bose, harimwo n'ibihangange mu buhinga bwa none."
Ubufaransa buzokwereka abandi bashinzwe igisata c'ubugenduzi bw'ibidandazwa ivyo bamaze gushikako - bishobora gutuma hafatwa ingingo- nk'uko Barrot yabivuze- zikomeye gusumba izahahora."
ANFR isaba ko yogenzura urugero rw'imishwarara ya telefone (SAR) yinjira mu mubiri w'umuntu mu buryo bubiri butandukanye bwo gukoresha telefone.
Ubwa mbere ni iyo - ''igihimba c'umubiri'' - canke ukuguru/ukuboko- nka kumwe iterefone iba yegereye cane igice c'umubiri, akarorero uyifise mu ntoke canke iri mu mufuko w'ipantaro. Urugero rwa SAR rwemewe ruba ruri kuri Watt 4 ku kiro (4watts/kg).
Igenzura ryasanze urugero rwa SAR rwa iPhone12 ku mubiri ruri kuri Watt 5,75 ku kiro - urugero ruri hejuru y'urwemewe.
Hariho n'irindi genzura rikorwa nk'iyo iterefone iri kure gato, akarorero iri mw'isakoshi canke mu mufuko w'ikoti, ariko ibipimo vya SAR ya iPhone 12 aha vyaje biri munsi y'ivyemewe.
Aya makuru yatangajwe ubwa mbere ku wa kabiri mu Bufaransa - ku munsi Apple yashira hanze iterefone yayo nshasha ya iPhone15.
Iyi ni terefone ya mbere kuva mu 2012 ifise ubundi buryo bwo kwinjiza umuriro mw'iterefone, kandi Apple ivuga ko izogurisha agakoresho gafatanya (adapter) imigozi ifasha kwinjiza umuriro mw'iterefone kugira abantu babandanye bakoresho iyo bari basanganywe.
Ibi bije mu gihe umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire n'amakungu yamiriye kure ivyashikirijwe n'ibimenyeshamakuru bivuga ko inzego za reta zabwiye abakozi bazo guhagarika gukoresha iPhone.
Avuga ko Ubushinwa butigeze busohora amategeko, amabwirizwa canke ingingo zibuza abantu gukoresha ibicuruzwa vya Apple.












