Google yatoye imigera yateye amatelefone iPhone ya Apple mu kiringo c’imyaka ibiri

Umurwi w'abahinga ba Google bavuga ko iyo migera yateye ubwoko bwose bwa iPhone, harimwo n'izigezweho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umurwi w'abahinga ba Google bavuga ko iyo migera yateye ubwoko bwose bwa iPhone, harimwo n'izigezweho

Umurwi w'abahinga ba Google bajejwe kurwanya ubukozi bw'ikibi bukorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi (cyber attacks) batoye imbuga ngurukanabumenyi zinjiwe n'imigera yateye amatelefone yo mu bwoko bwa iPhone yegukira ikompanyi Apple.

Abashakashatsi bamenyesha ko iyo migera yateye izo telefone igihe benezo bugurura imbuga ngurukanabumenyi, bikaba vyatumye igira uburenganzira bwose bwo kwiganzira telefone n'ukubona ibiriko birakorerwamwo vyose.

Muvyo abateye iyo migera bashoboye kwiba harimwo amasanamu, inomero z'abantu ziri muri telefone, ubutumwa bwandikwa, aho uwuyikoresha ahagaze, amajambo canke ibiharuro kabanga (mots de passe) vyabitswe muri yo, n'ibindi.

Abo bashakashatsi bavuga ko imbuga ngurukanabumenyi zuguruwe zashoboye gutuma ibikorerwa muri iPhone vyibwa mu kiringo kitari munsi y'imyaka ibiri.

Apple yabwiye BBC ko idashobora kugira ico ishikirije kuri ayo makuru.

Ian Beer, umwe mu bahinga b'umurwi 'Project Zero' wa Google ujejwe kurondera ubukozi bw'ikibi bwoba bukorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi, avuga ati: "Nta gucagura kwaba muri ubwo bukozi bw'ikibi".

"Wewe wakira gusa kwugurura urubuga ngurukanabumenyi rwatewe n'iyo migera, vyaba bikwiye kugira ngo telefone yawe iterwe, kandi iyo migera ihejeje kwinjira muri telephone yawe, yaca ishiramwo uburyo (contrôleur) buguma bwihweza ivyo uriko urayikorerako vyose".

Beer n'umurwi wiwe bavuga ko iyo migera yatera mu buryo butanu butandukanye, arivyo vyatuma ishobora kwifatira burundu telefone ngendanwa yawe.

'Akarwi nk'inkozi z'ikibi'

Beer avuga ko iyo migera ihejeje kwiba ibiri muri telefone vyose, yaca ibirungika mu mubiko bwo hanze (serveur externe) uko imisegonda 60 iheze.

Iyo migera kandi yarashoboye kwegeranya amakuru yose ku ma 'applications' uwuyikoresha yashoboye kwugurura, nka za Instagram, WhatsApp na Telegram.

Eka n'ama 'applications' yegukira Google nka Gmail na Hangouts (ituma abantu bavugana babonana canke bandikiranira ubutumwa muri uyo mwanya bita 'messagerie instantanée'), nayo ntiyasigaye inyuma muri ubwo busuma.

Uyo muhinga avuga ko amatelefone ya iPhone yahuye n'iyo ngorane ari ayo mu bwoko bwo kuva kuri iOS 10 gushika kuyigezweho ubu ari yo iOS 12.

Icegeranyo ca Google kivuga ko iyo migera yashoboye gutera amatelefone ayo ari yo yose yo mu bwoko bwo kuva kuri iOS 10 gushika kuyigezweho ubu ari yo iOS 12

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Icegeranyo ca Google kivuga ko iyo migera yashoboye gutera amatelefone ayo ari yo yose yo mu bwoko bwo kuva kuri iOS 10 gushika kuyigezweho ubu ari yo iOS 12

Ati: "Ibi vyerekana yuko hari akarwi k'inkozi z'ikibi zishize hamwe kugira ngo bibe amakuru y'abantu bo mu burere bumwe bumwe bw'isi bakoresha iPhones, mu kiringo kitari munsi y'imyaka ibiri".

Ingingo za Apple

Google yaramenyesheje Apple amakuru ajanye n'ubwo bukozi bw'ikibi mu kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka.

Haciye indwi imwe gusa Apple yaciye itegura umugambi w'ugushira ku gihe (update) uburyo bw'ugucungera umutekano w'amatelefone yayo.

Kugira ngo abakoresha izo telefone za iPhone bikingire bongere bakingire na telefone zabo, bategerezwa gushira ku gihe "software" zikoresha.