Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Haravugwa indwara itazwi itera umuriro, kuva umwuna... gupfa
Abajejwe intwaro muri Tanzania bavuga ko bagavye mu gihe mu bumanuko hari indwara itazwi.
Iyo ndwara itaramenyekana ngo ituma abantu bagira umuriro, bakava umwuna, bakagwa hasi bikabaviramwo no gupfa.
Leta ivuga yuko imaze kurungika abahinga muri ako karere hagana urubibe na Mozambique ngo bihweze iyo ndwara.
Aho yashikiriza ijambo mu nama y'urunani rw'abasenyeri ba Gatolika mu karere k'ubuseruko bwa Afrika (AMECEA) i Dar es Salam, Prezida Samia yavuze ko abamaze gufatwa n'iyo ndwara ari "benshi" ariko ntiyavuga igitigiri.
Yongeyeko yuko ivy'iyo ndwara vyamenyekanye nyuma y'urugendo rw'umushikiranganji wa mbere muri ako karere.
Yagabishije kandi abanyagihugu kwirinda gusambura amashamba asanzwe ari uburaro kamere bw'ibikoko, akavuga yuko ivyo bituma ivyo bikoko vyimuka bikaza aho abantu batuye.
Harindiriwe icegeranyo c'abahinga barungitswe mu bumanuko ahavugwa iyo ndwara, kugira hamenyekane iyo ari yo.