Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine-Russia: Ibimodoka vy’intambara vy’Uburengero ntivyorohewe ku rwasiro
- Umwanditsi, Na Jonathan Beale
- Igikorwa, Umunyamakuru ashikiriza amakuru yo kwivuna abansi, mu bumanuko bwa Ukraine
Umujenerali arongoye igitero rurangiza ca Ukraine co kwivuna umwansi mu bumanuko avuga ko Uburusiya bwashinze uturere twinshi twuzuye ibisasu bitegwa (gutega) mu kuzimu (mines) n’ibirindiro vyo kwivuna, ibi bigatuma ibikoresho vya gisirikare, harimwo ama-chars n’ibindi bimodoka vy’intambara vyatanzwe n’Uburengero, bitoroherwa gutera bija imbere.
Jenerali (Gen) Oleksandr Tarnavskyi yabwiye BBC ati: "Ni co gituma hafi ibikorwa vyose bikorwa n’ingabo”.
Avuga ko igisirikare c’Uburusiya cerekanye “ubuhinga bukomeye” mu kubuza ingabo za Ukraine “gutera zija imbere ku murindi munini.
"Ntabwo nsuzugura umwansi”.
Gushika ubu nta cemezo kinini kihari cerekana ko ama-chars n'ibindi bimodoka vy’intambara vyatanzwe n’Uburengero vyoba vyarahinduye ibintu bigatanga akarusho kuri Ukraine.
Mu misi ya mbere y’iki gitero co kwivuna umwansi, vya bimodoka vy’intambara vyo mu bwoko bwa Leopard vy’Ubudagi hamwe n’ivyo mu bwoko bwa Bradley vya Amerika vyarononywe canke birasamburwa, hafi y’igisagara ca Orikhiv.
Brigade ya 47 ya Ukraine, ari nayo yari yahawe inyigisho zikomeye yongera ihabwa ibikoresho n’Uburengero kugira ngo igerageze kumenera mu birindiro vy’Uburusiya, ntiyatevye kuzibirwa n’amamine, mu nyuma icucagirwa ibisasu vya muzinga.
Uburusiya bwasohoye amavideo atari make yerekana ingene vyagenze bunavuga ko igitero ca Ukraine capfuvye. Mu vy’ukuri, yabaye ingorane yashitse mu ntango, ariko ntabwo kwari ukunanirwa ubutakivayo.
Twaragendeye iyo brigade nyene mu kibanza ikoreramwo, cinyegeje mw’ishamba inyuma y’urwasiro, ari naho iriko iragerageza gusanasanira ibimodoka vy’intambara birenga cumi – vyinshi muri vyo bikaba ari ivyo mu bwoko bwa Bradley vyatanzwe na Amerika.
Vyaje bimeze neza ariko ubu biriko birayabonera ku rugamba. Ibinyororo vyavyo vyamenetse n’amapine yahetamye - ibimenyetso vyerekana ko ibitari bike vyakozweko na mine.
Serhii, umwe mu ba-injeniyeri bariko barasanasana ibi bimodoka, avuga ati: "Dushoboye kubisanasana ningoga, niko vyosubira ku rubuga hakiri kare kugira birokore ubuzima bw’abantu”.
Ariko aremera ko hari n’ibindi bidashobora gusanurwa, bigashobora gukurwamwo bimwe mu bibigize kugira bizokoreshwe ahandi canke naho bisubizwe benevyo kugira ngo bikorwe gushasha.
N’aho ibikoresho Uburengero bwahaye ingabo za Ukraine vyashoboye kuzikingira, ntivyashoboye kumenera mu birindiro vy’Uburusiya – iyi ikaba ari imwe mu ngorane zituma Ukraine idatera intambwe.
Turiko turatembera ku rwasiro rwo mu bumanuko, twabonye ibindi bimodoka vy’intambara vyo mu bwoko bwa Mastiff vyatanzwe n’Ubwongereza vyononekaye vyongera birasamburwa.
Ubu iyi Brigade ya 47 iriko ikoresha amwe mu ma-chars ya kera yo ku gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti mu gukubura uburere bwuzuye amamine. Ariko nayo nyene ntashobora guhunga izo anyegeje mu kuzimu, n’aho afise ubuhinga bwo kuyategura.
Hafi y’urwasiro, umukomanda arongoye ingabo zirwanisha ama-chars, Maksym, yatweretse char yiwe yo mu bwoko bwa T-64 yari iherutse kwononekara. Isanzwe ifise ibizingo bibiri imbere kugira ngo ishobore guturitsa mine. Yatakaje ikizingo kimwe mw’ijoro igihe yariko agerageza gukubura inzira kugira ngo abasirikare bashobore kurengana.
"Mu bisanzwe ibizingo vyacu birashobora kunesha ibisasu bishika kuri bine”, niko avuga. Ariko, yongerako y’uko Abarusiya bagiye bagerekeranya amamine hejuru y’ayandi kugira ngo basambure ubuhinga bwabo bwo kuyategura.
"Ntivyoroshe kuko hariho amamine menshi cane", niko Maksym avuga, akongerako y’uko hakunze kuba imirongo irenga ine y’amamine imbere yo gushikira ibirindiro vy’Abarusiya.
Doc n’umurwi wiwe ukoresha indege za drone za maneko wo mu gisirikare c’abakutsakivi ca Ukraine ntiborohewe iyo baravye ingene intambara yariko iragenda.
Doc, izina ryiwe ry’ubuhizi, yararwanye mu rugamba rwo mu mwaka uheze rwo kubohoza Kherson. Ariko avuga ko iki gihe kiriko kiboneka ko kitoroshe. Ku ncuro ya mbere muri ino ntambara, nk’uko abivuga, abasirikare barakomeretswa cane n’amamine gusumba amabombe. “Tugize ngo turateye intambwe twisanga mu mamine ahantu hose”.
Doc anyereka videwo aherutse gufata akoresheje imwe mu madrone yiwe igihe ingabo za Ukraine zariko zirasatira umwobo winyegejemwo Abarusiya.
Igihe cose abasirikare bagize ngo barinjiye, haba igiturika gikomeye cane. Nta n’umwe yari muri uno mwobo, ariko wuzuye amamine. Doc avuga ko ingabo z’Uburusiya ubu zikoresha amamine aturikirizwa kure (mines télécommandées/remotely controlled mines).
"Abasirikare bacu bagize ngo barashitse kuri ino myobo, Abarusiya baca bafyonda buto (bouton) kigaca giturika, kikica abagenzi.
Avuga ko aya mayeri ariko arakoreshwa kuva mu ndwi zibiri ziheze, akavuga ko ari “ikirwanisho gishasha”.
Hari intego ngenderwako mu ntambara yo mu bumanuko bwa Ukraine. Ifata ko ari nkenerwa gucamwo kubiri ingabo z’Uburusiya no gushika mu bisagara vya Melitopol na Mariupol vyigaruriwe n’umwansi – gushika no muri Crimea. Ariko nubwo Ukraine ishashaye kumenera hano, niho ingabo z’Uburusiya zashize inguvu zose.
Gen Tarnavsky avuga ko ingabo ziwe ziriko zikora “igikorwa kigoye kandi kigumye”. Avuga ko ikirindiro ico ari co cose gishobora kumenwa, ariko ko ari ngombwa kwitonda kandi ugakoresha ubuhinga bwinshi.
Yemeza kandi ko Ukraine iriko irananiza umwansi buke buke. Uburusiya ntaco bibubwiye gutakaza abasirikare, nk’uko abivuga, kandi ko kubona haherutse kuba impinduka mu burongozi bw’igisirikare vyerekana ko “ibintu bitameze neza”. Ashimangira ko Ukraine gushika ubu itarakoresha inguvu zayo zose.
Ati: ''Tugenda bukebuke canke tutagenda, igitero kirabandanya kandi impera n’imperuka kizoshika ku ntego yaco”.
Nabajije Gen Tarnavsky ingene abibona, nimba igitero carananiwe canke kiriko kigenda neza.
Aramwenyura hanyuma akishura ati: "Iyaba igitero carapfuvye, simba ndiko ndavugana nawe ubu”.