Hongrie yazibiye imiriyaridi 50 z’ama-euro Ubumwe bwa Bulaya bwashaka guha Ukraine

Umushikiranganji wa mbere wa Hongrie Viktor Orban i Brussels ejo ku wa kane

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Hongrie Viktor Orban i Brussels ejo ku wa kane

Hongrie/Hungary yazibiye imfashanyo y’imiriyaridi 50 z’ama-euro z’Ubumwe bwa Bulaya zari zigenewe Ukraine – amasaha makeya inyuma y’aho bashikiye ku mwumvikano ko hashobora gutangura ibiganiro vyo kuraba ingene Ukraine yokwinjira muri uno muryango.

"Incamake y’ivyashitsweko muri iri joro: veto ku yandi mahera agenewe Ukraine", niko umushikiranganji wa mbere wa Hongrie Viktor Orban yavuze inyuma y’ibiganiro vy’ejo ku wa kane i Buruseli mu Bubirigi.

Abategetsi b’Ubumwe bw’ibihugu vya Bulaya (UE/EU) bavuga ko ibiganiro kuri ino mfashanyo bishobora gusubira gutangura mu ntango z’umwaka uza.

Ukraine irakeneye cane amahera y’Ubumwe bwa Bulaya na Amerika mu gihe ibandanya itana mu mitwe n’ingabo z’Uburusiya.

Orban yatangaje ko iyi mfashanyo yazibiwe inyuma y’aho abategetsi b’Ubumwe bwa Bulaya bafatiye icemezo co kwugurura ibiganiro na Ukraine hamwe na Moldavie/Moldova kugira bishobore kwinjira muri uno muryango.

Hongrie – igihugu kigifitaniye ubucuti bwa hafi cane n’Uburusiya – camye canka ko Ukraine yinjira muri uno muryango ariko nticazibiye iki cemezo.

Orban yavuye muri ivyo biganiro mu gihe gito mu vyo abategetsi bavuze ko vyabaye mu buryo bwari bwumvikanyweko, mu gihe abandi bategetsi 26 bobo babandanije amatora.

Mu butumwa bwa videwo yacishije ku rubuga rwa Facebook, uno mutegetsi wa Hongrie yitandukanije na bagenziwe mu kuvuga ati: "Kwinjiza Ukraine mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya ni icemezo kibi. Hongrie ntishaka kugira uruhara muri ino ngingo mbi”.

Orban avuga kandi ko Ukraine idakwiye kuronka amafaranga menshi avuye mu Bumwe bwa Bulaya kuko si umunywanyi w’uno muryango.

Umuvugizi wa Charles Michel, umukuru w’Inama nkuru y’Ubumwe bwa Bulaya, yavuze ko abari bahari bose bumvikanye.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashimagije iki cemezo c’Ubumwe bwa Bulaya co kwugurura ibiganiro vyo kwinjira nk’"intsinzi”.

Ati: "Iyi ni intsinzi kuri Ukraine. Intsinzi y’umugabane wose wa Bulaya. Intsinzi itera intege n’inkomezi”, niko yanditse ku rubuga rwa X.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avuga ku bijanye n’ingingo ya Orban yo kuzibira ino mfashanyo, umushikiranganji wa mbere w’Ubuholande Mark Rutte yavuze ati: "Turacafise umwanya, Ukraine ntizobura amahera mu ndwi nkeya ziri imbere”.

Yongerako ati: "Twumvikanye n’ibihugu 26. Victor Orban, Hongrie, ntibari bwashobore kubikora. Ndizeye neza ko dushobora gushika ku mwumvikano mu ntango z’umwaka uza. Turiko turiyumvira mu mpera za Nzero (1)”.

Avugana n’abamenyeshamakuru mu gaturuturu ko kuri uno wa gatanu, Michel yemeje ko abategetsi bose b’Ubumwe bwa Bulaya, havuyemwo umwe gusa, bumvikanye kuri iyi mfashanyo hamwe n’amahera yokwongerwa ku yo uno muryango uzokoresha - n’aho Suwede (Suède/Sweden) igikeneye kuvugana n’inama nshingamateka.

Ati: "Tuzogaruka kuri iki kibazo mu ntango z’umwaka uza aho tuzogerageza gushika ku mwumvikano wa bose”.

Ukraine iriko kandi irarondera ko imfashanyo y’imiriyaridi 61 z’amadorari y’Abanyamerika yemerewe na Amerika – ariko iyi ngingo nayo nyene iriko iracererwa kubera impari zikomeye ziri hagati y’abashingamateka n’abakenguzamateka b’aba-Democrats n’Abarepubulika.

Igitero ca Ukraine co kurwanya ingabo z’Uburusiya zigaruriye ubutaka bwayo carahagaze mu ntango z’iki gihe c’ubukonje burenze urugero, kandi hari ubwoba ko Abarusiya bashobora gukubiranya Ukraine ata ngorane.

Imbere y’aha ejo ku wa kane, Perezida Vladimir Putin yarashinyagurije Ukraine, avuga ko imfashanyo y’Uburengero yariko irahera: "Mumbabarire ku kwerura kwanje, ariko ibintu vyose biriko biratangwa ku buntu. Ariko ivyo bintu vya gusa bishobora kubura mu gihe kanaka”.