Ukraine - Russia: Umugore wa Zelensky agabisha ko Ukraine yoja mu ‘kaga k’urupfu’ mu gihe imfashanyo y’uburengero yohagarara

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Ukraine yavuganye na BBC mu gihe ukutumvikana hagati y'abanyaporitike ba Amerika kwatumye imfashanyo ihagarara

Ahavuye isanamu, Anton Kulakowskiy

Insiguro y'isanamu, Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Ukraine yavuganye na BBC mu gihe ukutumvikana hagati y'abanyaporitike ba Amerika kwatumye imfashanyo ihagarara
    • Umwanditsi, Laura Kuenssberg
    • Igikorwa, BBC News i Kyiv

Olena Zelenska umugore wa Perezida Volodymyr Zelensky, agabisha ko Abanya-Ukraine bari mu “kaga gakomeye” ko guhona ari nka hamwe ibihugu vy’uburengero bitobandanya bifasha igihugu mu buryo bw’amafaranga.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Ukraine (Première dame/First Lady) yavugiye ano majambo mu kiganiro Sunday ca BBC n’umunyamakuru Laura Kuenssberg umusi umwe inyuma y’aho abakenguzamateka b’Abarepubulika muri Amerika bazibiriye integuro y’itegeko kirumara yerekeye imfashanyo.

Iyi nteguro yari gutuma Ukraine ironswa imfashanyo y’imiriyaridi zirenga 60 z’amadorari y’Abanyamerika.

Amasaha make inyuma y’igitero c’ibisasu vya misire vy’Uburusiya, Zelenska yavuze ati: "Ari nka hamwe amakungu yoruha, azoba aduhevye ngo dupfe".

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bigabisha ko amahera agenewe Ukraine ashobora kurangira vuba, ariko Abarepubulika bazibiye amasezerano yotuma hatangwa iyindi mfashanyo.

Barondera ko babanza kwumvikana na Perezida Joe Biden hamwe n’aba-Democrats mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ku bijanye n’amafaranga agenewe umutekano wo ku rubibe rwa Amerika kugira ngo nabo baheze bamushigikire.

Perezida Biden avuga ko ari nka hamwe vyokwanka ko bumvikana ku mfashanyo igenewe Ukraine boba bahaye Perezida Vladimir Putin “ingabire” yipfuje kuva kera.

Inyuma y’imyaka hafi ibiri kuva Uburusiya butanguje intambara kuri Ukraine, umutambukanyi w’umukuru w‘iki gihugu yashikirije amakenga kuri ino mfashanyo iteba gutangwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kiganiro cihariye, Olena Zelenska yabwiye BBC ko ugukwega amaguru mu gutanga imfashanyo ari "akaga k’urupfu" ku gihugu ciwe.

Avuga ati: "Ni ukuri turakeneye imfashanyo. Mu majambo yoroshe, ntidukwiye kuruhishwa n’ibiriko biraba, kuko bigenze uko, twoba dupfuye.

"Kandi ari nka hamwe amakungu yoruha, bazoba baduhevye ngo dupfe".

Abandanya avuga ati: "Turababara cane iyo tubonye ibimenyetso vyerekana ko ishaka bari bafise ryo kudufasha rishobora kugabanuka.

"Ni bwo bukiriro bwacu. Rero turababara iyo tubonye bimeze uko”.

Ubwongereza na bwo nyene bumaze igihe busaba abanyaporitike ba Amerika kwumvikana ku kibazo ca Ukraine.

Ari mu rugendo i Washington muri ino ndwi, umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire Lord Cameron yavuze ko Amerika ari uruti rw’umugongo rw’ihuriro ry’ibihugu vy’uburengero bishigikiye Ukraine mu ntambara yayo n’Uburusiya.

Yasavye Amerika ko itoha Putin “ingabire ya Noweli” mu kuzibira imfashanyo y’amamiriyaridi y’amadorari Ukraine ikeneye mu ntambara yo kurwanya ingabo z’Uburusiya.

Nta nkeka ko amakungu yahinduye ukungene yahora yitaho Ukraine.

Nta cizere kihari ko Amerika izobandanya ifasha Ukraine ku rugero rwose mu gihe ata cahindutse ku ntumbero z’ino ntambara.

Iki gihugu kiri ku mpera y’ubuseruko bwa Bulaya kiracari mu ntambara yo kwirukana ingabo z’Uburusiya zagiteye.

Ukraine yaratangaje amakungu igihe ingabo zayo zihagarara rugabo zigatesha umwansi wayo yagomba kwigarurira igihugu mu kwa kabiri 2022.

Ibihugu vyinshi vy’uburengero na vyo vyaciye biha Ukraine imfashanyo itagira uko ingana.

Hagati aho, Ukraine ntishobora kubandanya urugamba idafashwe mu mugongo n’ibindi bihugu.

Amajambo yo kugabisha ashikirizwa n’’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu asa n’ayafise intumbero yo kwerekana neza ibi.