Ukraine yakoresheje misire zo mu bwoko bwa ATACMS ku ncuro ya mbere, niko Zelensky avuga

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Robert Greenall & Chris Partridge, umuhinga mu bijanye n'ibirwanisho
- Igikorwa, BBC News
Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko Ukraine yakoresheje ku ncuro ya mbere ibisasu vya misire biraswa kure yahawe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ashikirije aya majambo inyuma y’aho amakuru avuze ko ibi birwanisho, bizwi nka ATACMS, vyasambuye kajugujugu icenda mu bigo vya gisirikare vy’Uburusiya vyo mu buseruko bwa Ukraine. Gusa Ukraine ntiremeza ko ibi bisasu ari vyo vyakoreshejwe.
Ukraine ivuga ko ibigo birimwo ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere n’ibindi bikoresho biri mu vyatewe muri Berdyansk na Luhansk.
Ingabo z’Uburusiya ziharurwa muri mirongo zishwe canke zirakomereka muri iki gitero, nk’uko Ukraine ibivuga.
"Vyakoze neza cane kandi bidahusha. ATACMS zerekanye ubushobozi bwazo”, niko Zelensky avuga mu butumwa bwiwe bwo ku mugoroba bwacishijwe ku mbuga hwaniro, ariko adatanga insiguro ku gihe n’aho zakoreshejwe.
Igisirikare c’Uburusiya ntaco kirashikiriza.
Ubutegetsi bwa Biden bwabanje kwanka guha Ukraine izi misire zo mu bwoko bwa ATACMS, ariko “mu ndwi nke ziheze” niho bwafata ingingo yo kuzirungika mu gacerere, nk’uko bivugwa n’ikimenyeshamakuru CNN co muri Amerika gisubiramwo abategetsi babiri.
Kivuga ko Washington (umugwa mukuru wa Amerika) yashatse kwumira (gutungura) Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya).
Kubera impungenge ku mishamirano ishobora kwaduka hagati y’Uburusiya, izi misire Ukraine yahawe, zigera ku ntera ngufi ugereranije n’intera ibi birwanisho bishobora gushikako, nk’uko vyandikwa n’itororokanizo ry'amakuru Associated Press (AP).
Ubwoko bw’izi misire zahawe Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) zirekura amabombe atekeye amajana n’amajana y’utubombe duto (bombes à sous-munitions/cluster munitions) zikaturekurira mu kirere, aho kurekura igisasu kimwe gusa, nk’uko AP ivyandika.
Bombes à sous-munitions canke cluster munitions ni ibirwanisho bitavugwako rumwe kandi bibujijwe mu bihugu birenga ijana kubera akaga bishobora guteza ku basivire.
Vladimir Rogov, buramatari w’igice c’intara ya Zaporizhzhia cigaruriwe n’Uburusiya, bukaba ari nabwo bwamushizeho, avuga ko ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere “bwashoboye gusama ibisasu vya muzinga vy’umwansi” mu kirere ca Berdyansk.
Yongerako y’uko amakuru ku bapfuye canke bakomeretse hamwe n’ivyononekaye ariko arihwezwa mu nyuma ashirwe ahagaragara.
Ariko videwo itarahinyuzwa yacishijwe ku mbuga hwaniro zegamiye Uburusiya ivugwa ko yafatiwe i Berdyansk, isa n’iyerekana ibiturika n’ibisasu vya muzinga mu kirere, mu gihe ijwi risigura ko ububiko bw’amasasu bwatewe.
Uwundi mwanditsi wo ku rubuga ngurukanabumenyi yanditse avuga ivy’igitero ku kibuga c’indege hakoreshejwe ibisasu vya misire zo mu bwoko bwa ATACMS, uyu mwanditsi akavuga ko cateje “uruhombo rukomeye”, aho hari abantu bapfuye n’ibikoresho vyononekaye.
Izi misire za ATACMS ntiziri ku rutonde rwasohowe na Amerika mu kw’icenda rwerekana imfashanyo za gisirikare zahawe Ukraine.
Ariko amasanamu atarahinyuzwa yacishijwe ku mbuga hwaniro ejo ku wa kabiri yerekana ko ibi birindiro vy’Uburusiya vyatewe hakoreshejwe MGM-140A, ibisasu biraswa ku ntera ngufi vyo mu bwoko bwa ATACMS, biri mu muryango w’ibirwanisho bishika ku ntera yababa ibirometero 160.
Icihariye ni uko inomero y’amasezerano ihometse ku ruhande yerekana amasezerano yo guhingura za misire yategerezwa kurangira mu 1997.
Kuri Kyiv, kuronka ibi birwanisho vyo mu bwoko bwa ATACMS vyerekana ko ubu ifise ubushobozi bwo kurasa hirya kure mu butaka bwigaruriwe n’Uburusiya.

Ahavuye isanamu, Igisirikare ca Ukraine
Berdyansk iri ku birometero vyababa 85 uvuye ku rwasiro ruri hafi, kandi ifise ikibanza kidasanzwe kuko iri hagati ya Mariupol na Crimea. Luhansk nayo iri ku birometero hafi 100 uvuye ku rwasiro.
Intambara zirabandanya ku rubuga rw’intambara, harimwo no mu micungararo y’ibisagara vya Avdiivka, Kupyansk na Lyman biri mu minwe ya Ukraine, bimaze imisi bicucagirwa amabombe n’Uburusiya.
Igisata ca Ukraine kijejwe ubutabazi kivuga ko inzu y’uburaro yasambuwe n’igitero c’Uburusiya mu gisagara ca Slovyansk kiri mu buseruko, aho bivugwa ko abantu babiri bakizibiriwe mu bihomoka.
Muri Odesa, abategetsi bavuga ko ibisigarira vy’indege z’Uburusiya zitagira abadereva (drones) zarashwe, vyononye amato yo kwinezereza (yacht ), ariko ko ata muntu yapfuye canke ngo akomereke.
Ukraine iriko iragerageza kubohoza ubutaka bwigaruriwe n’Uburusiya mu buseruko no mu bumanuko, mu gitero kinini co kwivuna umwansi, ariko gushika ubu ikaba imaze gutera intambwe nto.
Irakora kandi n’ibitero vyo mu kirere ku birindiro vy’Uburusiya mu gihe irondera kunaniza utwigoro tw’intambara twa Moscou.
Uburusiya na bwo bubandanya butera ibirindiro vya Ukraine mu buseruko mu micungararo ya Avdiivka na Kupyansk, ariko mu misi iheze bukaba bwaratakaje abatari bake nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri Ukraine.










