Putin yiteguye gukamisha intambara ya Israel-Gaza, niko Steve Rosenberg avuga

Vladimir Putin

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Na Steve Rosenberg
    • Igikorwa, Umwanditsi mukuru ku Burusiya

Umuntu ahakwa kubona Vladimir Putin nka James Bond (izina ryo mu mafirime) umwicanyi yicara ku rubaho runini cane, mu misozi aho yinyegeje, agateza akajagari kw’isi yose.

Afyonda buto (bouton) imwe hakaduka imidugararo muri Balkans.

Afyonda iyindi ubwo nyene Ubuseruko bwo hagati bugaturika.

Umuntu niko ahakwa kwiyumvira…ariko kumbure bishobora kuba atariko bimeze. Ni ukurenza urugero mu kwerekana ikibanza abategetsi ba Kremlin bafise kw’isi.

Ni vyo, Uburusiya bufitaniye ubucuti na Hamas kandi bwabaye incuti ya hafi cane ya Irani. Nk’uko Amerika ibibona, Moscou na Tehran ubu bifitaniye ubucuti bwa hafi cane mu vya gisirikare.

Ariko ibi ntibisigura ko Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya) ifise uruhara rutaziguye, canke ko yari izi igitero ca Hamas kuri Israel imbere y’igihe.

"Ntitwemera ko Uburusiya bufise uruhara urwo ari rwo rwose", niko umuserukizi wa Israel i Moscou, Alexander Ben Zvi, yabwiye ikinyamakuru Kommersant muri ino ndwi, aho yongerako y’uko ata “shingiro na rito rihari” kuvuga ko Uburusiya bwoba bufitaniye isano n’amabi yakozwe na Hamas muri Israel.

"Nta cemezo na kimwe ndabona cerekana ko Uburusiya bwoba buha ibirwanisho Hamas, canke ko igisirikare c’Uburusiya giha inyigisho abarwanyi ba Hamas”, bivugwa na Hanna Notte, umuhinga ku bijanye n’Uburusiya hamwe n’Ubuseruko bwo hagati ku kigo James Martin Center for Nonproliferation Studies, asanzwe aba i Berlin mu Budagi.

"Ni vyo ko Uburusiya busanzwe bufitaniye ubucuti na Hamas kuva kera. Uburusiya ntibwigeze butangaza Hamas nk’umuhari w’iterabwoba. Intumwa za Hamas zaragiye i Moscou mu mwaka uheze be n’uno mwaka.

"Ariko sinofatira kuri ibi ngo nce nemeza ko bwafashije cane uno muhari. N’aho tuzi ko hari ibirwanisho vyahinguriwe mu Burusiya vyinjiye muri Gaza, kumbure biciye muri Sinai [mu Misiri] bifashijwemwo na Irani".

Mu yandi majambo, Perezida Putin ntiyafyonze kuri buto yanditseko "Ubuseruko bwo hagati".

Ariko none yoba yiteguye gukamisha ibiriko biraba?

Neza cane. Ng’uku uko bizogenda.

Kwibagiza intambara ya Ukraine

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu gihe indyane zo mu Buseruko bwo hagati ari zo ziganziye ibinyamakuru, Moscou yiteze ko amakuru ateye ubwoba y’ibibera muri Israel azotuma amakungu atitaho intambara yo muri Ukraine.

Ariko gusa si mu binyamakuru gusa. Abategetsi b’Uburusiya bizeye kandi ko, kubera ibiriko biraba mu Buseruko bwo hagati, ibirwanisho bimwe bimwe vyarungikwa muri Ukraine bivuye mu bihugu vy’Uburengero bizoca bijanwa muri Israel.

"Ndizeye ko iki kibazo kizohindura ibintu mu buryo butaziguye ku bijanye n’igikorwa kidasanzwe ca gisirikare [muri Ukraine]", niko umukozi wo mu buserukizi bw’Uburusiya Konstantin Gavrilov abwira ikinyamakuru Izvestia cegamiye Kremlin.

Ati: "Abasanzwe bafasha Ukraine bazosamazwa n’intambara yo muri Israel. Ibi ntibisigura ko Uburengero buzoheba abanya-Ukraine. Ariko urugero rw’ibirwanisho bahora babarungikira ruzogabanuka…kandi ibintu birashobora guhinduka bikomeye ku nyungu [z’Uburusiya]”.

Niko Uburusiya bwiyumvira ko bizogenda? Birashoboka cane.

"Turashobora kandi tuzofata mu mugongo Israel, nk’uko dufashe mu mugongo Ukraine", niko umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika Lloyd Austin yavuze mu nama y’abashikiranganji bo kwivuna abansi mw’ishirahamwe OTAN ryo kwivunira umwansi hamwe.

Ariko intambara yo mu Buseruko bwo hagati izoba igipimo ku bushobozi bwa Amerika bwo gushobora gufata mu mugongo ibihugu bibiri vy’incuti mu ntambara zibiri zitandukanye.

Uburusiya nk’umuhuza?

Uburusiya buriko bugerageza gutsimbataza uruhara rwabwo mu Buseruko bwo hagati mu kwiyerekana ko bushobora guhagararira amahoro.

Buramaze kugira uruhara nk’uru imbere y’aha, mu kwifatanya n’ibindi bihugu mu twigoro two kurangiza indyane muri aka karere.

Umuvugizi wa Putin, Dmitry Peskov, avuga ati: "Uburusiya burashobora kandi buzogira uruhara mu gutorera umuti [iyi ntambara]. Turiko turavugana n’impande zompi muri ino ntambara".

Mu rugendo rwiwe i Moscow muri ino ndwi, umushikiranganji wa mbere wa Iraki yasavye Perezida Putin “gutangaza umugambi nyawo wo guhagarika intambara” mu karere.

Uburusiya biragoye ko bwokwizerwa mu guhagararira amahoro.

Hamwe n’ivyo, iki ni co gihugu kiri mu ntambara cateje mu gihugu kibanyi. Inyuma y’amezi hafi 20, intambara y’Uburusiya muri Ukraine imaze guhitana ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu iranasambura ibintu ku rugero ruteye ubwoba.

Vyongeye, kuvuga ngo urashobora kugira kandi ngo uzogira uruhara mu kurondera amahoro ntibisigura ko abasanzwe bahanganye bazokwizera nk’umuhuza.

Uburusiya buvuga ko buzogira uruhara mu guhagarika intambara hagati ya Israel na Hamas

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uburusiya buvuga ko buzogira uruhara mu guhagarika intambara hagati ya Israel na Hamas

Kuva kera, Moscou yamye ifise inyungu mu Buseruko bwo hagati, igihe Ubumwe bw’Abasoviyeti bwari buhagaze ku ruhande rw’Abarabu, Israel nayo yunze ubucuti bwa hafi na Amerika. Mu kiringo c’imyaka myinshi, kimwe mu vyaranze ubutegetsi bw’Abasoviyeti cari urwanko ku Bayahudi.

Icahoze ari Ubumwe bw’Abasoviyeti kimaze gusambuka, imigenderanire y’Uburusiya na Israel yarisununuye, hamwe ibi bikaba vyavuye ku Bayahudi barenga umuriyoni bimukiye muri Israel bavuye mu bihugu vyahoze bigize Ubumwe bw’Abasoviyeti.

Ariko ubu bwa vuba, Vladimir Putin w’Uburusiya yariyegereje ibihugu bikeba vya Israel, cane cane Irani – ivyatumye imigenderanire hagati y’Uburusiya na Irani itosekara.

Kwiyamiriza Amerika

Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) yama irondera akaryo ko gukora nk’uko yama ikora buri gihe – kwagiriza Amerika.

Kuva Hamas itanguye igitero kuri Israel, ubutumwa nyamukuru bwa Vladimir Putin ni “aka ni akarorero kerekana ko poritike ya Amerika yananiwe mu Buseruko bwo hagati”.

Ibi bihuye n’ingendo ya Moscou yo kurwanya ico yita “ubwiganze bwa Amerika”.

Hanyuma kwerekana ko Amerika ari yo nkwezi y’indyane zo mu Buseruko bwo hagati ni bwo buryo Kremlin ikoresha mu gutsimbataza ikibanza cayo mu karere ibanje gusibanganya Washington.

Hagati aho, n’aho Uburusiya bushobora gukamisha ibibera mu Buseruko bo hagati, n’ingaruka ntizibuze.

Hanna Notte ati: "Imidugararo yateguwe neza ni co kintu gifasha Uburusiya gusumba.

"Nimba izi ndyane zisamaje amakungu ku bibera muri Ukraine – kandi ibi birashoboka neza, uravye uruhara rwa Israel muri poritike yo hagati muri Amerika – ni vyo Uburusiya bushobora kuhungukira gato”.

Ariko Uburusiya ntibwokwungukira mu ntambara yoramuka ikwirakwiye akarere kose, harimwo na Irani isanzwe iha ibirwanisho Hamas, nk’uko umupfasoni Notte abivuga.

"Uburusiya ntibwipfuza intambara yeruye hagati ya Israel na Irani. Mu gihe vyoshika hiyo, kandi bikagaragara ko Amerika yagiye ku ruhande rwa Israel nk’uko biboneka, nibaza ko Uburusiya ata kundi yogira atari ukwinjira kure mu gushikigira Irani. Sinzi neza ko ariko bwokora.

"Nibaza ko Putin agiha agaciro ubucuti bwiwe na Israel. Si nibaza ko igisata c’imigenderanire c’Uburusiya cipfuza gushika aho gita umutwe kirondera uruhande rwo gushigikira. Ariko gusa, uko ibintu bizogenda vyunyuka muri ino ntambara, niko Uburusiya bushobora kubona ko ari ngombwa”.