Putin atangaza ko igihugu ciwe cakoze igerageza ry’igisasu ruhonyanganda c’ubumara, Burevestnik

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Robert Plummer
- Igikorwa, BBC News
Vladimir Putin atangaza ko Uburusiya bwakoze “igerageza rya nyuma” ry’igisasu ca misire ruhonyanganda c’ubumara.
Amajambo ya Perezida Putin yaje inyuma y’aho umuvugizi wiwe yiyamirije inkuru ya New York Times yavuga ko igerageza ry’ikirwanisho, kizwi nka Burevestnik, ryari ryegereje.
Iki kirwanisho cageragejwe inyuma yo gutangura kuvugwa ubwa mbere mu 2018, kivugwa ko intera yaco itagira aho igarukira.
Ariko si vyinshi bizwi ku bushobozi bwaco mu gihe hari amakuru ko ibikorwa vy’igerageza vy’imbere y’aha vyapfuvye.
Ibivugwa na Perezida Putin nta ruhande ataho rwegamiye ruravyemeza, kandi n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya nta kintu burashikiriza.
Hagati aho, amasanamu y’ibigendajuru yazungurutse mu kwezi guheze yerekana ko Uburusiya bwari bwubatse ibindi bibanza mu karere ka kure k’izinga rya Arctic aho icahoze ari Ubumwe bw’Abasoviyeti cageragereza ibirwanisho.
Aya masanamu yerekana ibikorwa vy’ubwubatsi ahitwa Novaya Zemlya, umurwi w’amazinga mu buraruko bw’ikiyaga Barents.
"Ubu dusa n’abahejeje igikorwa co guhingura ibirwanisho rutura vya none nigeze kuvuga kandi natangaje mu myaka mike iheze”, niko Putin yavuze mu nama y’ejo ku wa kane mu karere ka Sochi ko ku Kiyaga Cirabura bigacishwa ku mboneshakure ya reta ikibiriraho.
Yongeyeko ati: "Hakozwe igerageza rya nyuma rya Burevestnik – igisasu ca misire ruhonyanganda c’ubumara cambukiranya – kandi ryagenze neza".
Ariko New York Times yasubiyemwo ishirahamwe riharanira igenzurwa ry’ibirwanisho, Nuclear Threat Initiative, rivuga ko ibikorwa vy’igerageza ry’iki kirwanisho vyamenyekanye hagati ya 2017 na 2019 vyapfuvye ku ncuro 13.
Putin yabwiye kandi abariko baramwumviriza ko ibikorwa vyo guhingura igisasu ca misire cambukiranya imigabane, kizwi nka Sarmat, bisa n’ivyarangiye.
N’aho Putin yashize ahabona ibi bikorwa, avuga ko Uburusiya ata mugambi bufise bwo guhindura poritike yabwo itegekanya igihe ingabo zabwo zishobora gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.
Avuga kandi ko Uburusiya ata kintu na kimwe kibubangamiye kandi ko ata “muntu n’umwe afise umutwe ukora” yohava ahirahira ngo abutere akoresheje ikirwanisho ruhonyanganda c’ubumara.
Ariko avuga ko Uburusiya bushobora kwiyonkora mu masezerano yo mu 1996 abuza igerageza ry’ibirwanisho ruhonyananda vy’ubumara. Avuga ko Amerika yayateyeko igikumu ariko ko itigeze iyubahiriza, rero ko n’Uburusiya bushobora gukora gutyo.
Muri iyo nama nyene ya Sochi, Putin yavuze ko isanganya ry’indege ryahitanye umukuru wa Wagner Yevgeny Prigozhin muri Myandagaro (8) ritatewe n’ikintu cavuye hanze, nk’igitero ca misire.
Avuga ko umukuru w’uno murwi w’abacangero hamwe n’abandi baguye muri iryo sanganya vyabonetse ko “bari bafise ibirombora vya gerenade” mu mibiri yabo, akongerako ati: “Umukuru w’umurwi ujejwe amatohoza niyo raporo yampaye bukeye bwaho”.
Ntasigura ingene gerenade ishobora kuba yaraturikiye mu ndege, ariko avuga ko abajejwe amatohoza bari gutegerezwa gupima ko ata nzoga canke ibiyayuramutwe vyoba vyari mu biziga vy’abaguye muri iri sanganya.
Icateye iri sanganya ntikirashirwa ku mugaragaro gushika ubu.










