Putin avuga ko ahubwo ibihano vyatumye Uburusiya bukomera

Ahavuye isanamu, Russian government
Uburusiya buzobandanya burwanya ibihano bwafatiwe n’ibihugu vy’Uburengero, nk’uko Perezida Vladimir Putin abivuga, inyuma y’igitero ca Moscou kuri Ukraine.
Ijambo yashikirije mw’ikoraniro ry’ishirahamwe ry’ugufashanya rya Shanghai, rizwi nka Shanghai Cooperation Organisation (SCO), ni ryo rya mbere ashikirije ku rwego mpuzamakungu kuva hadutse imigumuko mu Burusiya mu kwezi guheze.
Putin yashigikiye amasezerano y’ubudandaji hagati y’ibihugu bigize SCO avuga ko bukwiye gukorwa hakoreshejwe amafaranga y’ibihugu - iki kikaboneka ko ari inzira imwe yo kworosha ibi bihano.
Ikoraniro rya SCO 2023 ririko riraba hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, rikaba rirongowe n’Ubuhindi.
Putin yakoresheje ubu buhinga mu kurungika ubutumwa bwo gusuzugura Uburengero, avuga ko “Uburusiya bunesha ibi bihano vyose, ibitsure n’agasotoro, kandi bubandanya butera imbere gusumba imbere y’aha”.
Yari amaze kuboneka akatari gake kuva umurwi Wagner uteje imigumuko yamaze umwanya muto mu mpera z’ukwa gatandatu, ariko ubu ni bwo bwa mbere yari abonetse ari kumwe n’abategetsi mpuzamakungu.
Mw’ijambo ryacishijwe ku mboneshakure yashikirije ari muri Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya), yavuze ati: “Nashaka gushimira abagenzi banje bo mu bihugu bigize SCO bashigikiye ibikorwa vy’Ubutegetsi bw’Uburusiya mu gukingira intwaro ishingiye kw’ibwirizwashingiro, ubuzima n’umutekano w’abenegihugu”.
Putin yongeyeko y’uko ibice birenga 80% vy’ubucuruzi hagati y’Abashinwa n’Abarusiya bukorwa mu mafaranga y’ama-rouble n’ama-yuan, aca asaba n’ibindi bihugu bihurikiye muri SCO gukora gutyo.
Uwurongoye iri koraniro, umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi atera akamo abagize iri shirahamwe guteza imbere ubucuruzi, ugufashanya hamwe n’ukwunga ubumwe mu bijanye n’ubuhinga.
Ariko ntiyigeze avuga yeruye ku ntambara yo muri Ukraine canke ingendo y’Ubushinwa yo gushinga imizi mu karere ka Indo-Pacifique. Ubuhindi – kuva kera bwamye ataho buhengamiye – bwamye bwinengesera mu rwego rw’imigenderanire, cane cane kubera ubucuti bufitaniye n’ibihugu vy’Uburengero bugenda bukomera.
Hari haciye imisi mike Modi yakiranywe iteka muri Amerika, igihe yakirwa i Washington mu rugendo rw’akazi.
Mu gihe yavuga ibijanye n’umutekano w’akarere, ntiyigeze acishamwo Ubushinwa, umubanyi afitaniye ubucuti bubi kuva kera cane.
Ingabo z’Ubuhindi n’iz’Ubushinwa zaratanye mu mitwe abapfa barapfa mu ndyane zo kuva kera zishingiye ku karimbi mu 2020 kandi icuka kibi kirabandanya gushika n’uno musi.
Uburengero bugenda bubona ko Ubuhindi bushobora kuzibira Ubushinwa, n’aho Delhi yoyo itigeze ivyiyemeza ku mugaragaro. Kandi yanse no gukora uku muri iri koraniro rya SCO.
Ubushinwa, Uburusiya n’ibihugu bine vya Aziya vyashinze ishirahamwe SCO mu ntumbero yo kuzibira uburengero bwariko burondera gushinga imizi muri ako karere. Ubuhindi na Pakistani vyinjiye mu 2017.
Umurwi w’ibi bihugu warabaye kirumara ku Burusiya n’Ubushinwa mu gihe imigenderanire n’ibihugu vy’Uburengero igenda itituka.
Abahinga bavuga ko inguvu z’uno murwi zidashobora kwirengagizwa n’aho hari ayandi mahuriro akomeye nka BRICS (Brazil, Russia, India, China na South Africa), G20 (ibihugu 19 bitunze kurusha ibindi kw’isi hiyongeyeko Ubumwe bwa Bulaya) na G7 (ihuriro ry’ibihugu indwi bifatwa ko bitunze kurusha ibindi kw’isi).
SCO rihurikiyemwo hafi 40% vy’abantu bose kw’isi, hamwe n’ibice birenga 20% vy’umwimbu wose wimburwa kw’isi yose (PIB/GDP). Wongeyeko Irani, izoba igenzura hafi 20% vy’ibitoro vyose vyimburwa kw’isi.
Irani ni yongerwamwo nk’umunywanyi bwegu mw’iri koraniro ry’uno mwaka, bizotuma SCO igira inguvu nyinshi mu bijanye n’igitoro ariko kandi bizoteza uburakari ibihugu vy’Uburengero.










