UK: Ingene abana 175 bandujwe umugera wa SIDA

Michael akiri umwana

Ahavuye isanamu, Family photo

Abana barenga 150 bari bafise ingwara y'amaraso atavura izwi nka haemophilia/hémophilie barandujwe umugera wa SIDA mu myaka ya 1980, nk’uko biri mu nyandiko z’ububiko bw’igihugu zabonywe na BBC.

Imwe mu miryango yahuye n’izi ngorane iravuga ingene vyagenze mu matohoza y’igihugu ku gifatwa ko ari akaga k’agahomerabunwa mu buganga muri kahise k’ikigo c’Ubwongereza kijejwe amagara y’abantu, NHS.

Haraciye imyaka hafi 36 – mu mpera z’ukw’icumi 1986 – ariko Linda ntazokwigera yibagira umusi abwirwa ko umwana wiwe w’umuhungu yari yandujwe umugera.

Ibitaro vy’abana vya Birmingham (Birmingham Children's Hospital), vyaramutumyeko, ari kumwe n’umwana wiwe w’umuhungu Michael yari afise imyaka 16.

Igihe yari acavura, yarapimwe asanga yari arwaye haemophilia, ingwara yo mu muryango ituma amaraso atavura neza.

Linda yibaza ko uwo mubonano wari ukuvugana ingene yokwungururizwa mu bitaro bikuru vyitiriwe Umwamikazi Elizabeth (Queen Elizabeth Hospital) muri ico gisagara.

Ati: "Vyari ibintu dusanzwe tumenyereye ku buryo umugabo wanje yigumiye mu modoka hanze.

"Ubwo nyene, nk’igitangaro, muganga yavuze ati, 'Ni vyo, Michael yaranduye umugera wa SIDA', kandi nyene yabivuze nk’uko umengo yariko aravuga ingene ikirere cifashe hanze. Numvise ivyari mu nda bihiye.

"Twarinjiye mu modoka, ndabibwira umugabo wanje, duca turanuma gushika muhira. Nta wigeze avuga – twakubiswe n’inkuba”.

Yanduye umugera

Hari hakiri mu myaka ya mbere y’uwu mugera wa SIDA – hasigaye amezi make imbere y’uko isekeza rya reta ryacishwa ku mboneshakure ryiswe Don't Die of Ignorance (Ntiwicwe n’ukutamenya) ritangura kwigisha buri Mwongereza ivyerekeye iyi ngwara.

Ariko kunena umuntu yanduye uwu mugera vyari vyamaze kwisasira indava.

Mu 1985, abavyeyi batari bake bari bamaze gukura abana babo mw’ishure ry’intango ryo muri Hampshire inyuma y’aho umwana w’imyaka icenda - nawe nyene yari afise iyi ngwara ya haemophilia – apimiwe agasanga yaranduye umugera wa SIDA.

Michael ntiyashaka ko abagenzi biwe canke mu muryango babimenya.

Linda ati: "Uko niko yavyitwayemwo – yavyigumijemwo”.

"Ntiyigeze abwira na kimwe abagenzi biwe kuko yipfuza kubaho mu buzima busanzwe".

Linda

Hagati ya 1970 na 1991, abantu 1250 bari bafise ibibazo vyo mu maraso barandujwe umugera wa SIDA mu Bwongereza inyuma y’aho bafatiye umuti witwa Factor VIII – umuti mushasha wari uje gukoreshwa mu kuvura iyo ngorane.

Muri aba harimwo abana 175 bahawe uwu muti n’abaganga b’ikigo NHS mu bitaro, mu mashure canke mu bigo bivurirwamwo iyi ngwara ya haemophilia.

Abandi ibihumbi n’ibihumbi bavugwa ko bandujwe ingwara y’igitigu co mu bwoko bwa C (hépatite C/hepatitis C) ishobora gutuma igitigu cononekara cankekikagwarakanseri, haba mu kuvurwa iyi ngwara uku nyene canke mu guterwa amaraso.

Hafi igice c’abo bose bandujwe umugera wa SIDA barapfuye bishwe n’ingwara z’ivyuririzi imbere y’uko hatangura kuboneka imiti yo gupfupfahaza.

Abanywa ibiyayuramutwe

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ico gihe, Ubwongereza ntibwari bwikwije mu bubiko bw'amaraso aterwa abantu iyo bikenewe, rero uwo muti Factor VIII washika mu gihugu uvuye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Agapaki kamwe kamwe kaba kagizwe n’uruvange rw'amaraso yatanzwe n'ibihumbi vy'abantu. Rero, iyo umwe muri bo yaba yaranduye umugera wa SIDA, waca ukwiragira hose.

Amakompanyi yahingura imiti muri Amerika yaraha amafaranga abantu kugira baze gutanga amaraso – kandi muri bo harimwo n’imirwi yari ifise ivyago vyinshi vyo gushobora kwandura, aha ni nk’abapfungwa canke abafata ibiyayuramutwe.

Linda aribuka igihe abwirwa ubwa mbere ivyerekeye SIDA mu nyigisho zabereye ku bitaro vy’abana vya Birmingham mu 1984 akanagabishwa ko yoza arihweza ibimenyetso bimwe bimwe.

Ariko avuga ko umuryango utigeze wigishwa neza akaga kawuhanze – igihe kimwe umuforoma yamubwiye ko atogira ubwoba, ko “Michael yari ameze neza”.

Ico gihe cose, umuhungu wiwe yabandanije avurwa hakoreshejwe uwo muti wari wavuye muri Amerika. Mu mpera z’imyaka y’ubusore bwiwe, Michael yatanguye kugira ibibazo vy’amagara – guhera ku kubira icuya mw’ijoro gushika aho atangura kumeneka umutwe hanyuma agafatwa n’igicurane.

Ariko yabandanije abaho mu buzima busanzwe - afata ingendo, yumviriza umuziki mbere abandanya ashigikira umurwi w’umupira w’amaguru, West Bromwich Albion.

Linda ati: "Ico gihe hari urukino rukomeye ku kibuga ca Wembley kandi ico gihe yari ameze nabi, nabi cane”.

"Rerotwararyohoyeimodoka yose hanyuma aragenda guhura n’abagenzi biwe. Uko yiyumva ntaco vyari bitwaye, ashoboye gushikayo, nta ngorane”.

Mu nyuma mu buzima bwiwe, abasoda b’umubiri batanguye kugabanuka, Michael yaratakaje ibiro, atangura kwumva uburuhe, n’ubwonko buratakara.

Michael akiri umusore

Ahavuye isanamu, family photo

Yahavuye yungururizwa mu bitaro vya Heartlands muri Birmingham, ari naho Linda, inyuma yo guheba akazi kiwe k’ubuyaya mu kigo c’abakukuruke, yabandanije amufashiriza n’aho yari mu mezi make yiwe ya nyuma y’ubuzima bwiwe.

Linda ati: "Yambwiye ati, 'Mama, ntuzigera uba inakuru', nanje mvuga nti, 'Ntugire ingorane kuri ico’. Ico nico nashoboye kwiyumvira nari kuvuga”.

Michael yafashwe na mugiga be n’umusonga – zompi zatewe n’umugera wa SIDA yandujwe akiri umwana.

Yahavuye apfa ku wa 26 Rusama (5), 1995, hasigaye neza na neza indwi imwe gusa ngo agire isabukuru y’imyaka 26 y’amavuka.

Inama idasanzwe

Inyuma y’imyaka hafi 30, Linda aratanga ivyemezo kuri ano matohoza y’igihe kirekire kuri kano kaga kabaye mu buvuzi.

Azorenguka ari kumwe n’abandi bavyeyi, mu nama idasanzwe ijanye nivyo imiryango yaciyemwo mu kubona abana babo banduzwa umugera mu myaka ya 1970 na 1980.

Ati: ''Numva ko ari ngombwa ko ndabikora kuko nshaka gufasha kugira ngo ukuri kumenyekane”.

"Twese dushaka kumenya igituma baretse bikaba kandi bikabandanya uko nyene”.

Linda yasavye ko izina ryiwe ry’umuryango rinyegezwa