Menya ingene uno mugabo yamaze amasaha 60 hasi mu nyanja ubwato bwibiye akarokoka

Ahavuye isanamu, DCN GLOBAL
Harrison Okene ntiyibagira igihe ubwato yarimwo butangura kwibira.
Uno munya Nigeria, ico gihe yari afise imyaka 29, yakora nk’umukozi wo mu gikoni mu bwato Jascon 4, bwari ku birometero 32 uvuye ku nkengera igihe butwarwa kubera ibibazo vy’ubuhinga.
"Nari ngiye mu cumba c’ubwogero. Narugaye umuryango hanyuma nicara ku musarani ubwo nyene ubwato buca buracurama amaja ibubamfu”, niko yibuka igihe yavugana n’ikiganiro Outlook ca BBC.
Ivyo kwibira vyabaye mu kanya isase ku buryo mu bantu 13 babukoramwo ata n’umwe yashoboye kubuvamwo imbere y’uko bwuzura amazi.
Harrison ati: "Ico nabonye cakurikiye, umusarani nari nicayeko nagiye kwisanga uri ku mutwe wanje.
"Itara ryaciye rizima, nca numva bose bariko baboroga, baboroga, baboroga. Narashoboye kumena urugi ndava mu bwogero, ariko nta n’umwe nahasanze. Amazi yampenuriye mu kindi cumba mba ari yo nugaranirwa”.
Ico atamenye ico gihe yari yuzuye ubwoba ni uko ayo mazi yamukubise yashobora kumubera urukiza. Yamutaye mu cumba c’impwemu (oxygen) zamushoboje gushika ku kintu atari kuba yiteze: kumara imisi itatu ari hasi mu nyanja akarokoka.
Iri sanganya ry’ubwato ryahitanye ubuzima bw’abandi bose bari muri ubu bwato Jascon 4, aha hari ku wa 26 Rusama 2013.
Ntiyari amenyereye ingendo zo mu mazi
Harrison ntiyari amenyereye ingendo zo mu mazi, akaba yari atandukanye na bagenziwe batari bake bari kumwe.
Uno mukozi wo mu gikoni yabwiye Outlook ko mu bisanzwe atari bwigere ahonyoza ikirenge imbere yo kuronka akazi muri ubwo bwato mu 2010.
Harrison yari umukuru w’abakora mu gikoni kw’ihoteri, ibi bikaba vyamutumye ashobora gutunga umugore wiwe n’abana biwe.
Ariko kubera igitoro cariko kiriyongera mu mazi yegereye umweha wo mu ntara yiwe y’amavukiro ya Delta, yabonye ko ashobora kuharonkera amafaranga menshi nk’umukozi wo mu gikoni mu bwato bumwe muri bwinshi bwakoreshwa mu gucukura igitoro mu nyanja.
Ariko wibuke ko ari ubwa mbere ibintu bitagenda neza.
Ati: "N’aho nakunda amazi, kuva ninjiye muri ubu bwato nagize ibizunguzungu, mara imisi itatu ngenda navura, ndahwa, aho nyene ntegerezwa guteka.
"Ariko inyuma y’imisi itatu, nari namaze kumenyera kandi kuva ico gihe nta ngorane nasubiye kugira mw’ibahari”.
Inyuma y’igihe gito, yari yamaze kwishimira cane aka kazi ko mu bwato, aho yagaburira abantu 12 bonyene, mu gihe yahora agaburira amajana y’abantu igihe yakora kw’ihoteri.
Vyongeye, akazi ko mu mazi kamuzanira n’utundi turusho.
Ati: "Uko urugendo ruba rurerure, niko bakwongera amahera kandi atayo ukoresha. Urugendo rurangiye, waraharura ukabona ko koko waronse agafaranga gafadika. Rero nari nishimiye aka kazi”.
N’aho ata burambe yari abifisemwo, Harrison nta bwoba yari afise bwo kuba mu mazi.
Ati: "Numva merewe neza kubera hari ahantu heza, hatekanye, ata nduru ziriyo”.
Eka n’igihe ubwato bwibira nta bwoba burenze urugero yagize.
Ati: "Naratwenze maze gutora ubwenge, nibaza nti: ‘none ibi ntivyari vyo? Canke nari ndoto... sinapfuye?”
Ukwibira kwa Jascon 4

Mu kwa gatanu 2013 niho yatangura gukora kuri Jascon 4. N’aho ubu bwato atari abuzi, yari amaze gufata ingendo n’abandi bakozi babwo imbere y’aha.
Ati: "Twari abagenzi, twari incuti za hafi. Benshi bamfata nka nyina wabo, bambwira ivyo biyumvira vyose n’ibibabo bafise. Narabaha impanuro nashobora kubaha kugira ngo ndabafashe”.
Ni ho mu gitondo co ku wa 25 Rusama (5) Harrison yavyuka aja mu gikoni gutegura vya nkenerwa vyose nk’uko bisanzwe. Ibara ryagiye kugwa agiye mu bwogero.
Avuga ko yumva ingene ubwato bwariko buribira. "Bwarahuruduka. Naratekewe n’ubwoba. Numva abantu bavuza induru, barira. Hari isaha cumi n’imwe zibura iminota cumi mu gatondo, rero bamwe mu bagenzi twari kumwe bari bakiryamye. Numva bavuza induru batabaza. Wumva gusa amazi akubita yinjira mu vyumba, mu nyuma kaba agacerere”.
Ubwato bumaze gushika hasi mu nyanja, Harrison ni we wenyene yari agikomeye. Yari yazibiriwe mu kumba gato, amazi amugera ku mafyigo, mu mwijima n’imbeho.
Ico gihe, yariyumvira ko hari kuba umuntu yari kuza akamurokora, ariko imisi ibiri yaraheze ata n’agakacira.

Ahavuye isanamu, DCN GLOBAL
Yashoboye kuronka isitimu/itoroshi yari iboheye kw’ikoti y’ubutabazi (life jacket). Ari mu mwiheburo, yashoboye kwugurura umuryango wo mu kindi cumba arondera ingene yosohoka, ariko yarabuze aho aca. Mu nyuma ya sitimu nayo irapfa, aca yisanga ari mu kizime.
Aribuka ingene ifi zamurya mu bikomere yagize igihe ubwato bwibira. Yibuka ati: “Nari nambaye agakabutura ko musi konyene.
"Naguma niyumvira umugore wanje, mama wanje. Namara umwanya niyumvira ivyiza vyabo”.
Vyari bimeze uko mu masaha 60 yose. Nta mfungurwa canke inyobwa, kandi nari nzi ko impwemu zariko zirahera.
Hagati aho...
Ku butaka, imiryango y’abakozi b’ubu bwato bahawe amakuru ko abari mu bwato bose bari bapfuye, kandi ko ikompanyi yakoresha Jascon 4, yari izwi kw’izina rya West African Ventures, yari yarondeye abahinga kugira ngo bakureyo ibiziga.
Ikompanyi yahawe iki gikorwa yari iyo mu Buholande izwi nka DCN Global.
Ino kompanyi yarungitse abahinga batatu kurondera ubu bwato bwibiye, barongowe n’uwaguma akurikirana ibikorwa vyabo vyose akoresheje kamera (camera) yo ku bwato bwari hejuru.
Harrison yarashobora kubumva igihe bariko baramena inzugi kugira binjire muri ubu bwato. Niho rero na we yaca atangura gukubita ku mpome z’iki cumba yarimwo kugira ngo arabe ko bomwumva.
“Nari namaze kwihebura. Impwemu zose zisa n’izari zamperanye, nari mfise ingorane zo guhema”.
Ikintu ca mbere yabonye, wari umuco w’isitimu. "Naciye nibira mu mazi mu kugerageza kurondera uno muco iyo uzanana, maze kubona utubumbe tw’amazi [bulles deau], naciye menya ko yari umutabazi”.
Uno mugabo, Nicolaas van Heerden, yabwiye Outlook ko kwumva umuntu amufashe “cabaye igihe ca mbere canteye ubwoba kurusha ibindi vyose mu kazi kanje, n’aho mu nyuma ubu bwoba bwaciye busubirirwa n’inguvu n’umunezero birenze urugero wo kubona dushobora gutora umuntu yari akiri muzima”.
Harrison ati: "Narashaka kumukorako hanyuma ngaca ngenda kuko nari nzi ko yategerezwa kugira ubwoba kandi nanje sinashaka kumutera ubwoba”. Avuga ko na we nyene yari afise ubwoba mbere ko atumva ingene yari akiri muzima kandi ko ico yari abonye cari kiremwamuntu.
Nicolaas asigura ko kumutora akiri muzima yabaye intango y’iki gikorwa c’ubutabazi.
Aba batabazi baciye bamuzanira ibikoresho vyo gukoresha mu mazi baca bamwigisha ingene bikoreshwa. Niho rero mu nyuma bamuzungurukana muri ubu bwato bwari bwibiye.
Atuje, Harrison avuga ati: "Ibintu vyose vyari vyuzuye ivyondo, nta kintu na

Ahavuye isanamu, DCN GLOBAL
kimwe wari gushobora kubona”.
Amaze kumenya ko ari we wenyene yarokotse, yaciye atangura kurira.
Ati: "Nararokotse, ariko ni ibintu ntokwipfuriza umuntu n’umwe”.
Inyuma y’imisi itatu ari hasi mu nyanja, Harrison yategerezwa kumara iyindi misi itatu mu kindi cumba c’ubwato kugira ngo umubiri ubanze utekane kuko yari gushobora kurwana umutima.
Hagati aho, baramenyesheje umugore wiwe ko yatowe akiri muzima. Ati: “Umugore wanje yaciye agwa igihumura bica biba ngombwa ko bamutwara kwa muganga, ariko yari ameze neza”.
Ku musi wa gatatu, niho kajugujugu yaca imutwara ku bitaro, baramukontorora hanyuma baramurekura arataha, aho isinzi ry’abantu bari bumvise iki gitangaza bari bamurindiranye igishika hampande y’umuryango wiwe.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu misi yakurikiye, inkuru yiwe yarazungurutse isi yose inyuma y’aho ba batabazi bamutora basohoreye videwo ku mbuga hwaniro yerekana ingene vyagenze.
Igitangaje, naho Harrison yari yarahiye akarengwa ko atari gusubira kwegera amazi, isanganya ryabaye haciye imisi mike, aho imodoka yiwe yasetse ikiraro igaca igwa mu kiyaga (no ng’aha akaba yarashoboye kurokoka mbere arokora na mugenziwe) yatumye afata icyemezo.
Mu buryo atari yiteze, yabaye umutabazi wo mu mazi yabigize umwuga.
Ati: "Inyuma y’iri sanganya rya mbere, nari navuze ko ntazopfa nsubiye mw’ibahari, ariko niyo nkiri kubera nzi ko ari ho ntegerezwa kuba, niho buzima bwanje kandi nzokwama ndi hafi yabwo”.
" Ni ryo herezo ryanje, niko Imana yashatse ko biba”.










