'Hari abashigikiramigambi gito bashaka kwigira abavyeyi beza hano mu Burundi kugira batobe' - Ndayishimiye

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura

Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi aragabisha ko adashobora kwihanganira abatovyi barondera guhungabanya umugambi PAEEJ wo gushigikira urwaruka rufise impano yo kwitunganiriza imigambi mu Burundi.

Mu gihe ku wa gatanu hari haramutse hahimbazwa imyaka ine uno mugambi utanguye, Perezida Ndayishimiye mw'ijambo ryiwe asa n'uwateye igitsure amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe ashigikira imigambi mu Burundi, ayasaba gushira uburyo mu mugambi wa PAEEJ kugira urwaruka rutore akoyoko.

Agira ati: "Nimwiyumvire nk'ubu nk'uwovuga ati ndabahaye imiriyoni ijana z'amadolari. Mu myaka itanu twoba twakoze n'indege made in Burundi".

PAEEJ (Programme d'Autonomisation Économique et d'Emploi des Jeunes) ni umwe mu migambi mikuru mikuru umukuru w'igihugu yubakiyeko politike yiwe.

Ariko uhanganye n'ingorane zo kuronka uburyo bukwiye kugira utunganirize urwaruka rwose rwo mu mihingo y'igihugu.

Ndayishimiye arakengurukira abashigikiramigambi muri iyi myaka ine bemeye gushigikira PAEEJ, akanegura n'abandi avuga ko bashaka guhungabanya uwu mugambi, akagabisha ko ashobora kubafatira ingingo.

Mw'ijambo ryiwe, yarakariye cane yongera aragabisha bamwe mu bashigikiramigambi b'abanyamahanga avuga ko bafise intumbero yo gutoba.

Ati: "Abashigikiramigambi bemeye gutanga uburyo ndabashimiye. Ariko hari n'abandi bashigikiramigambi gito bashaka kwigira abavyeyi beza ngaha mu gihugu c'Uburundi kugira batobe umugambi wa PAEEJ".

"Abo bavuga bati reka twigirire urwaruka rwacu turuhe amahera rudasubiza kugira mu nyuma bazoce bavuga ngo PAEEJ ntaco imaze, ngo ni umuvyeyi mubi.

"Ukunda umwana kurusha nyina ukaba ushaka kumumunyaga. Nibaba bashaka gufasha Uburundi, ayo mahera nibayazane muri PAEEJ hama urwaruka rwose rushikirwe.

"Kandi nagomba ndabasabe abo bagira ivyo mubadomeko urutoke tuzobafatira ingingo. Kuko bashaka gucanishamwo urwaruka rw'Uburundi. Abo ni abanyamahanga si Abarundi".

Perezida Ndayishimiye nubwo atatomoye abo bashigikiramigambi bakora ivyo abo ari bo, yategetse ba buramatari gushikira ba musitanteri kugira bamenyeshe ko "uwuzobikora wese ashaka gucanishamwo urwaruka, tuzomufatira ingingo".

Agishika ku butegetsi mu 2020, Perezida Ndayishimiye yategetse reta yiwe kugira rusansuma y'urwaruka rwamaze amashure rudafise akazi.

Iyo rusansuma yerekanye ko ico gihe urwaruka rurenga ibihumbi amajana atatu ata kazi rwari rufise.

Ni ho yahereye iciyumviro co kwubakira ku rwaruka kubera arufata nka Burundi bw'ejo.

Désiré Manirakiza arongoye uno mugambi ujejwe gushigikira urwaruka rufise impano yo kwitunganiriza imigambi mu Burundi avuga ko urwaruka rwashigikiwe rurenga ibihumbi 135, rukaba rwaranguye imigambi yababa ibihumbi bine.

Avuga kandi ko PAEEJ yakoresheje amafaranga arenga gato imiriyaridi 80 z'amarundi.

Ibirori vyo guhimbaza imyaka ine iheze kuva umugambi PAEEJ utanguye, vyitabwe n'urwaruka ibihumbi umunani ruturuka mu ntara zitandukanye.

Bamwe muri rwo bari baje bitwaje ivyo bahingura n'amaboko bikagaragaza impano yabo.

Akarorero, Révérien Nzoyisaba wo mu ntara ya Mwaro, yari yazanye ipompo rivomera imirima yikoreye.

Avuga ko intumbero yiwe nyamukuru ari ugufasha Abarundi kuronka ubuhinga bwo kuvomera imirima mu bihe vy'ici.

Ati: "Si vyiza ko Abarundi mu ci dufungura ivyo twarimye mu rushana. Dukeneye kwiga kurima no muci kugira tugwize umwimbu".

"Kandi amazi mu Burundi ni menshi cane. Aya mapompo yanje arashobora gukwega amazi gushika mu mirima iri ku metero zirenga amajana atatu z'umugezi".

Uwundi musore yari yaje kwerekana impano yiwe ni Claude Ndayikengurukiye w'i Nyanza lac mu ntara ya Makamba.

Yari yazanye ikinga yikoreye, mu birigize hakaba harimwo ibiti vy'imigano.

Ati: "Iri kinga mubona rifise umutumba (cadre) ukozwe mu biti vy'imigano. Abantu bararikunda cane.

"Twarakoze ivyigwa dusanga imigano irakomeye cane ku buryo iri kinga ryoshobora gutwara ibiro 150. Kandi riranyaruka cane.

"Burya uriko urakora umugambi nk'uwu, uriyumvira iyo uzokura ibikoresho. Imigano ni ibikoresho biboneka mu buryo bworoshe aha mu Burundi.

Mu myaka ine umugambi PAEEJ umaze utanguye warahuye n'intambamyi zitandukanye. Muri zo harimwo ko wabonwa nk'umugambi wegamiye umugambwe uri ku butegetsi.

Izindi ntambanyi nk'uko bishikirizwa na Désiré Manirakiza arongoye PAEEJ, ni uko bamwe mu rwaruka na bamwe mu bajejwe intwaro bafise umuco w'ivya gusa, akavuga ko ibi vyatumye bitoroha na gato kubasigurira ibijanye n'intumbero ya PAEEJ.

Manirakiza avuga ko mu myaka ine PAEEJ imaze, imigambi 3889 ari yo yaronkejwe ingurane, akemeza ko iyo migambi yaranguwe neza ku bice 91 kw'ijana.