Isanganya ryahitanye Umurundikazi agira gatatu mu mezi ane mu Bubiligi

Jessie Laura Olinka Kaneza
Insiguro y'isanamu, Jessie Laura Olinka Kaneza
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Yakoze inkuru ari, i Bruxelles

Isanganya ry'umuduga rivuye ku muvuduko urenze urugero mu Bubiligi ryahitanye Jessie Laura Olinka Kaneza yari atwawe muri uwo muduga, Umurundikazi w'imyaka 21.

Igipolisi kivuga ko kiriko kiratohoza icateje iri sanganya ryabereye ku masanganzira y'ibararabara E403 mu karere ka Roulers-Izegem, mu ntara ya Flande Occidental.

Kivuga ko cahawe amakuru avuga ko iri sanganya ryoba ryatewe n'uko abariko baranyonga iyo modoka boba bari banyoye inzoga nyinshi ariko kikaba kitavyemeza, kikizeza gutanga umuco ejo ku wa kabiri inyuma y'amatohoza kiriko kirakora.

Jessie Laura Olinka yari asanzwe aba nk'impunzi muri iki gihugu c'Ububiligi, bagenziwe b'Abarundi - barimwo uwariko anyonga imodoka - bashoboye kurokoka muri iri sanganya bakavuga ko bari bavuye mu birori vyo kwishimisha mu gisagara ca Mouscron.

Umwe muri aba bagenzi biwe bari kumwe hamwe na bamwe mu muryango wiwe bavuga ko uwariko aranyonga iyo modoka yari ibareruye yasetse uruhome rw'inkengera ry'ibarabara bimunanira kuyigarura kubera umuvuduko urenze urugero, ari naho uno mwigeme yaciye amijwa hanze aciye mu kiyo kubera atari yambaye umukanda (ceinture de sécurité), akaba yaciye asandaba ubwo nyene.

Abo bari kumwe muri iyo modoka ntaco babaye, kiretse ko bakomeretse bukebuke.

Abaye Umurundikazi agira gatatu ahitanywe n'isanganya mu mezi ane, inyuma ya Sandra Masika yari afise imyaka 20 na Steffy Muco w'imyaka 27, bahitanywe n'isanganya ry'umuriro muri Munyonyo (11) 2024, na bo nyene baaba bari impunzi muri ico gihugu.