Human Rights Watch ivuga ko yasavye reta ya Kinshasa gukingira Abanyamulenge ba Uvira

Ishirahamwe Human Rights Watch (HRW) rivuga ko ryasavye reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo gukingira abanyagihugu bo mu gisagara ca Uvira, cane cane Abanyamulenge, inyuma y'aho umuhari M23 uviriye muri iki kisagara wari wafashe ku wa 10 Kigarama(12) umwaka uheze.

Clémentine de Montjoye umushakashatsi mukuru muri HRW mu karere k'ibiyaga bigari, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko bavuganye n'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Congo kuri iki kibazo.

Avuga ko Abanyamulenge bafise impungenge ku mutekano wabo, ku buryo hari bamwe bafashe ingingo yo kuva muri iki gisagara bagakurikira inyeshamba za M23, "inyuma y'uko M23 ibwiye abarongoye Abanyamulenge ko bashobora gukorwako ibitero vyo kwihora mu gihe bohaguma".

Iradiyo y'Abafaransa RFI ivuga ko Abanyamulenge hamwe n'abandi basivire bagirizwa kuba barakoranye na M23 bababa igihumbi bakurikiye abarwanyi b'uno muhari, benshi bakaba bahungiye mu bigwati biri mu kiyaya ca Rusizi, no mu gisagara ca Kamanyola.

Clémentine de Montjoye yabwiye BBC ati: "Turazi kandi ko hari bamwe mu miryango y'Abanyamulenge bagumye muri Uvira. Rero muri iki gihe kidasanzwe, akamo dutera ni uko harungikwa ingabo zahawe inyigisho zikwiye muri Uvira".

Hagati aho, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yagiriza M23 kugira aba Banyamulenge ibikoresho, akabasaba ko botahura yuko Uvira ari iyabo kandi ko ari uburenganzira bwabo gusubira mu vyabo.

Clémentine de Montjoye avuga ko inyuma y'aho M23 iviriye muri Uvira habaye ibikorwa vyo gusahura, kandi ko umutekano w'Abanyamulenge ushobora guhungabanywa n'abarwanyi bazwi kw'izina rya Wazalendo bakorana n'igisirikare ca reta ya DR Congo.

Ati: "Igihe M23 imenyeshereje ko ivuye muri Uvira …twabonye ibikorwa vyo gusahura vyakorwa n'abantu batazwi, bambaye umwambaro wa gisivire, mu mazu y'abantu, mu masengero, mu mazu y'uburiro, no mu mazu ya reta muri iki gisagara".

HRW ivuga ko yaronse ivyemezo nyavyo vy'uko habaye ibi bikorwa bibi inyuma y'uko M23 iviriye muri Uvira, ariko ko idashobora kumenya ababikoze.

Hagati aho, iri shirahamwe rivuga ko abarwanyi ba Wazalendo muri kahise bigeze gohohotera abasivire, cane cane Abanyamulenge, rigasaba reta ko yokora ibishobora kugira ngo ibabuze gusubira gukora amabi nk'aya.

Radio RFI isubiramwo Matthieu Kineza, umwe mu Banyamulenge bahunganye na M23 agira ati: "Naratewe muhira iwanje, inzu yanje irasamburwa, ibintu vyanje vyose birasahurwa, bitwarwa n'abitwa Wazalendo, bagenda bakwiragiza amajambo y'urwanko ku Banyamulenge".

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike akorera muri Uvira, na yo nyene aremeza ko ubwicanyi, ibitero ku bantu kanaka, ubusuma n'uguhagarika abantu mu buryo buteye kubiri n'amategeko vyiyongereye.

Asubirwamwo na RFI nyene, Mussa Ali Rutamu, wo muri ano mashirahamwe akorera mur Uvira, atera akamo aba Banyamulenge gusubira mu vyabo no kwirinda kuba ibikoresho vya M23.

Ati: "Ubutumwa duha Abanyamulenge bahatiwe kuva muri Uvira buratomoye kandi burabereye: Uvira iracari rwanyu. Tubatera akamo ko gutahuka mw'iteka n'itekane, cane cane mwirinde abobakoresha mu vya poritike canke mu vya gisirikare, biheka inyuma y'abasivire mu kubagira inkinzo n'icitwazo co guteza intureka".

Hagati aho, ishirahamwe HRW riremeza ko abategetsi ba DR Congo baryemereye ko bafashe ingingo zose zikenewe mu gukingira Abanyamulenge, mbere ko n'umushikiranganji w'ukwivuna abansi yabateye akamo ko kwumva ko ari uburenganzira bwabo gusubira muri Uvira mu mutekano mu gihe bobishaka.

Clémentine de Montjoye avuga ko basabye abategetsi ba DR Congo gukorana na MONUSCO kugira ngo ingabo zose zorungikwa muri Uvira zibe izagenzuwe neza, kandi MONUSCO nayo ikarungikayo abahinga mu vy'agateka ka muntu no gukingira abasivire kugira ngo babakingire bongere bakingire n'ibikorwa remezo vya gisivire.