'Ndi umunya-Kenya, ntimurase' - umunonotsi avuga ko yahenzwe akinjira mu ngabo z'Uburusiya

    • Umwanditsi, Akisa Wandera
    • Igikorwa, BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Nairobi
    • Umwanditsi, Vitalii Chervonenko
    • Igikorwa, BBC Igisata ca Ukraine
    • Yakoze inkuru ari, Kyiv

Amasozi agenderana mu maso, umunonotsi w'umunya-Kenya ubu asigaye ari imbohe muri Ukraine atakamba asaba ko atosubizwa mu Burusiya.

''Hariya noca mpfa,'' niko Evans Kibet avuga, azungagiza ukuboko mu kirere imbere y'uwuriko aramubaza ataboneka muri video yashizwe ahabona ku wa gatatu na birigade imwe y'ingabo za Ukraine.

Uwo mugabo w'imyaka 36 asigaye ari imbohe yo mu ntambara yambaye agapira gatukura ko gukinana. Ibendera ry'iyo birigade rihometse inyuma yiwe.

Uwo mukinyi yiruka ku kirere kirekire avuga ko yaguye mu mutego wo kwinjira mu gisirikare c'Uburusiya, ubu akaba yifuza ingene yotaha ngo aje kuraba umukobwa wiwe w'imyaka 16.

Mu butumwa bwo kuri Facebook buherekeje iyo video, iyo birigade ya 57 y'abasirikare bagwanira hasi n'ibiduga vy'intambara, buvuga ko ari akarorero k'ingene Uburusiya bufata abanyamahanga binjiye mu ngabo zabwo ariko bukongerako ko ''yarwanye ku ruhande rw'umwansi, ko rero kwemera amajambo n'amarira wobikora atawe urinze kubwira''.

Iyo birigade yavuze ko ico kiganiro cakozwe Kibet yavyemeye, ariko BBC ivyo ntiyashoboye kubihinyuza. N'ubwo atari ubwa mbere havuzwe abanyamahanga binjizwa mu ngabo z'Uburusiya, uyu abaye umwe muri bake mu mbohe z'abanyamahanga zivugiye kuri video.

Abantu baturuka muri Somalia, Sierra Leone, Togo, Cuba na Sri Lanka, mu bandi benshi, ubu barapfungiwe mu makambi y'imbohe z'intambara muri Ukraine, nk'uko Petro Yatsenko, umuvugizi w'igisata c'ingene imbohe z'intambara zifatwa, yabwiye BBC.

''Benshi muri abo bantu bava mu bihugu bikenye kurusha ibindi bakisanga ku ruhande rw'Uburusiya mu nzira zitandukanye. Bamwe barabeshwa - bemerewe ubuzi mu mahinguriro - abandi bakaba baja mu ntambara ku gushaka kwabo. Birakenewe cane kumenya ko ari bake bafatwa ari bazima; benshi barapfa canke bagakomereka cane,'' niko yongeyeko.

Tugarutse muri Kenya, umuryango wa Kibet n'abagenzi baraciwe ivutu n'ivyo babonye.

Inyuma yo kwiruhutsa cane kandi haheze akanya katari gato ataco avuze, mwenewabo Edith Chesoi yawiye BBC ko iyo video iguma imuca mu mutwe.

''Yampahamuye cane. Sinasinziriye mw'ijoro. Sinzi n'ico novuga.''

''Murumuna wa Kibet, Isaac Kipyego, yavuze ko ari ''umuntu yicisha bugufi kandi umuntu avuga make'' akaba n'inkingi n'umujenama ku bandi bose bo mu muryango.

Bamuzi nk'umuntu yihebeye inkino ziwe.

''Ndakunda kwiruka, ndakunda kwiruka,'' niko Kibet avuga muri iyo video yo muri Ukraine. Kandi ivyo ni vyo bishobora kuba vyatumye aba umusirikare w'Uburusiya atabizi.

Kibet yari yubakiye ubuzima bwiwe ku bikorwa vy'ubunonotsi, umukino wateje imbere abanya-Kenya nka we kuva mu migwati gushika ku rugero rw'isi.

Yakuriye mu muryango w'abarimyi wo mu karere k'umusozi Elgon mu burengero bwa Kenya.

Kibet yimenyereje i Iten, igisagara co mu misozi miremire kizwi cane mu kuvamwo abakinnyi baca imihigo mu mahiganwa ya Olympique n'isi, ariko mu bijanye n'amahiganwa ntiyigeze ashika kuri urwo rugero. Ahubwo yahiganywe ku birere bitazwi cane vya 10km n'inusu ya marathon mu mabarabara ya Buraya na Asia, nk'uko umuryango n'abagenzi babivuga.

Murumuna wiwe ati: ''Kibet yatanguye kwiruka kuva akiri umwana. "Yamye afise impano. Kwiruka bwari ubuzima bwiwe."

Ariko naho iyo siporo yari yabaye akaranga kiwe, ntiyatumye aronka amahera yari avyiteze.

Abagenzi bavuga ko Kibet yari amaze igihe afise ingorane z'amahera.

Muri Ntwarante (3), yasavye umugenzi bari kumwe mu myimenyerezo yitwa Elias Kiptum ngo amufashe aje guhiganwa muri Pologne, ​​ariko ikipe ijayo yari yamaze kwuzura.

''Nibaza ko ari uko yasanze ageze mu Burusiya,'' niko Kiptum yabwiye BBC.

Igihe mu mpera z'umwaka, umuranzi mu vy'inikino yamusaba ko yoja mu Burusiya kugira ngo aje mu mahiganwa, Kibet ntiyatevye kwemera. BBC yaragerageje kurondera uwo muntu ariko terefone ntiyigeze yitabwa.

''Yaranezerewe cane igihe yambwira ko agiye kwiruka mu Burusiya'', niko murumuna wa Kibet yavuze. "Nanje naramunezererewe. Twari twiteze vyinshi."

Chesoi, yamuherekeje ku gituro c'ibisi mu ntambwe ya mbere y'urwo rugendo mu mpera z'ukwezi kwa Mukakaro, yavuze ko yari afise gusa "ivalize ntoyi".

Kibet yabwiye umuryango wiwe ko yari agiye kumara indwi zibiri gusa.

Muri iyo video yafatiwe muri Ukraine, Kibet avuga ko yagiye mu Burusiya nk'uwutembera atajanywe n"akazi k'igisirikare".

Hanyuma, haciye indwi zibiri, uwamwakiriye amubaza nimba yoshima kugumayo igihe kirekire.

"Nanje nti: 'Ego, ariko ingorane ni uko viza yanje yarangiye'. Aca avuga ati: 'Oya, hari ico nshobora kugufasha.'" Hanyuma yemerera Kibet akazi.

"Ku mugoroba, yaje afise impapuro zanditswe mu rurimi rw'Ikirusiya. Yambwiye ati: 'Iki ni co gikorwa nshaka ko ukora.'

''Sinari nzi ko ari akazi k'igisirikare,''

Kibet avuga ko yaciye ashira umukono kuri izo mpapuro uwo mugabo aca atwara telefone na pasiporo vyiwe.

"Ni uko ibintu vyaciye bigenda nabi... uwo mukono waciye uta ubuzima bwanje mu kaga."

'Uragwana canke tuzokwica'

Nk'uko Kibet abivuga, hari abandi bantu baje bamubwira ngo yinjire mu modoka. Baca bagira urugendo rw'amasaha nk'indwi.

"Nisanze ndi mw'ikambi y'igisirikare."

Kibet avuga ko bamumenyesheje ko yiyandikishije ngo aje mu gisirikare, ko ata mahitamwo afise.

"Nabwiwe ngo: 'Uragwana canke tuzokwica.'"

Avuga ko hakurikiye indwi imwe y'ivyigwa vy'ibanze aho yeretswe ingene inkoho ikora. Nta n'umwe mu bakuru biwe yavuga Icongereza, ni co gituma amabwirizwa yaza biciye mu gusunura no mu bimenyetso.

Kibet avuga ashimitse ko atigeze agwana, hanyuma ko ari mu nzira aja ku bwari kuba ubutumwa bwiwe bwa mbere, yaciye anyegeza ibikoresho vyiwe maze arahunga, amara imisi ibiri ayerera mw'ishamba hafi ya Vovchansk mu ntara ya Kharkiv mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine.

Naho yaciye yegera bamwe mu basirikare ba Ukraine.

''Naragiye nshize amaboko hejuru,'' niko avuga asubiramwo ingene yabigira imbere ya kamera.

''Navuze nti: 'Ndi umunya-Kenya, ndasavye ntimundase,'

"Bose baciye bandabishako inkoho, ariko ndababwira ngo batekane. Umukuru wabo araza, baramboha. Ndababwira nti: 'Oya, nta kigwanisho mfise, nta na kimwe ndondera. Ndi hano kugira ngo nkize ubuzima bwanje.''

Naho umuryango wa Kibet ubabaye cane kubera iyo video, bariruhutsa kuba ari mu minwe y'abanya-Ukraine.

"Twumva ko afise umutekano gusumba [na bo] aho kuba mu Burusiya''. nk'uko vyavuzwe na murumuna wiwe Kipyego.

Uwo muryango uriko urasaba ubutegetsi bwa Kenya ngo bufashe. Ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu twarabubajije ariko ntaco buravuga.

Umuvugizi wa Ukraine, Yatsenko, yavuze ati: ''Niyo leta y'igihugu akomokamwo yerekana ko yipfuza kumusubiza mu gihugu c'amamuko, Ukraine iriteguye kugira ibiganiro vyo kumurungika mu gihugu ciwe''.

Ariko rero, avuga ku zindi mbohe z'intambara, yongeyeko ko "ibihugu vyinshi vyo muri Afirika ntivyerekana ko bifise ishaka ryo ku gutahukana abantu nk'abo, vyerekana ko bitifuza kubakira".

Ku muryango wa Kibet, ikintu conyene bashira imbere ni umutekano wiwe.

Murumuna wiwe ati: "Nimba yakoze ikosa, bamubabarire. Ico dushaka gusa ni uko agaruka".