Burkina Faso yanse kwakira abantu birukanwe muri Amerika mu gihe intwaro ya Trump yahagaritse gutanga visa

Imbohe y'umwimukira akomoka muri Honduras, ibirenge vyiwe biboheshejwe iminyororo, yambaye ibirato bitariko imigozi mu kwinengesera mu bijanye n'umutekano, ariko arinjira mu ndege imutahukana mu gihugu ca Honduras

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, André Rhoden-Paul

Reta ya gisirikare ya Burkina Faso yanse kwakira abantu birukanywe muri Amerika mu gihe ico gihugu cahagaritse gutanga visa muri ico gihugu co muri Afrika y'uburengero.

Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu, Karamoko Jean-Marie Traoré, yaribajije nimba ingingo y'ubuserukizi yari "iyo gutera ubwoba" inyuma y'aho avugiye ko yanse icipfuzo ca Amerika co kwakira abimukira bava mu bindi bihugu.

Intwaro ya Donald Trump yahinduye ibihugu vya Afrika nk'ahantu ho kwakirira abimukira birukwanywe mu ntumbero yo gutuza abimukira binjira mu gihugu.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'igisata kijejwe umutekano mu gihugu vyarabajijwe ico babivugako.

Umukuru w'igihugu ca Burkina Faso, Kapiteni Ibrahim Traoré, yifata ubwiwe nk'uwuza imbere mu guharanira inyungu za Afrika, akamirira kure ubukoroni bw'ibihugu vy'Uburengero.

Reta yiwe ya gisirikare yafashe ubutegetsi mw'itembagazwa ry'intwaro mu myaka itatu iheze, kandi kuva ico gihe imigenderanire ntiyifashe neza n'ibihugu vy'uburengero.

Mu kiganiro caciye kuri RTB, iradio n'imboneshakure vya leta, ku musi wa kane mu gicugu, umushikiranganji w'imigenderanire yabajije ati: "Mbega ubu ni uburyo bwo kudushirako igitutu? Mbega ni ukudutera ubwoba? Uko vyoba biri kwose... Burkina Faso ni igihugu ciyubashe, ahantu nyabagendwa, si ahantu ho kwirukanira abantu".

Yavuze ko yagiranye inama n'ubuserukizi bwa Amerika ku wa gatatu, aho yiyamirije uwo mugambi - avuga ko yahimirijwe incuro nyinshi - kwemera kwakira abirukanywe mu gihugu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku wa kane, ubuserukizi bwa Amerika ku mugwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou, bwatangaje ku rubuga rwayo ko izohagarika vy'igihe gito gutanga viza z'abimukira, ingenzi, abanyeshure n'abakora ingendo z'ubudandaji.

Ahubwo ababa muri Burkina Faso bazobwirizwa kuja ku biro vy'ubuserukizi bwa Amerika bikorera ku mugwa mukuru w'igihugu kibanyi ca Togo.

Karamoko Jean-Marie Traoré yavuze ko yaronse ikete rivuye muri Amerika risigura ko Burkina Faso yashizwe ku rutonde rw'ibihugu abanyagihugu bayo batubahiriza amategeko yerekeye visa za Amerika, kandi rigaruka ku migambi ya Amerika, nk'uko bigaragara mu nyandiko z'amakuru yaciye mu kinyamakuru co muri ako karere.

Ibihugu vyinshi vyo muri Afrika - Eswatini, Ghana, Rwanda na Sudani y'Epfo - vyose vyaremeye kwakira abimukira bo mu bindi bihugu birukanywe muri Amerika muri aya mezi aheze.

Ku wa mbere, Eswatini yarakiriye abantu 10 birukanywe mu gihugu n'aho vyari bikiri mu mburano, biyongera ku mugwi w'abandi batanu bari baje imbere yaho, Amerika yise ko ari uw'abagizi ba nabi bakomeye.

Ariko rero, Nigeria yavuze ko itazokwakira umuntu n'umwe yirukanywe na Amerika.

Uruhigi rwa Trump rugamije kwirukana amamiliyoni y'abimukira binjiye muri Amerika mu buryo butemewe n'amategeko.

Traoré yongeyeko ati: "Mu bisanzwe uwo mugambi twabona ko utabereye muri ico gihe, uteye kubiri rwose n'ingingo ngenderwako y'iteka".