Abashira ubuzima bwabo mu kaga kugira babe abapatiri ba Katorika

Miguel Pantaleon smiling inside a church
Insiguro y'isanamu, Miguel Pantaleon avuga ko arajwe ishinga no kwita ku ''bubabare'' bw'abantu
    • Umwanditsi, Willy Grant
    • Igikorwa, BBC

Umunsi Miguel Pantaleon yatirwa mw’isengero rya Katorika mu kwezi guheze, wabaye umunsi wiwe wa mbere ukomeye muri ubwo buzima bushasha.

Uwo mupatiri mushasha yari amaze imyaka hafi 10 akora kugira eje mu bihebeye Imana.

Mu misa yitabwe n’abantu benshi aho avuka i Rincon del Carmen muri Mexique y’uburengero, yatiwe icese na musenyeri w’iyo diyoseze.

Nyina wiwe, Petra Florencio, yari mu bicaye imbere arorera yuzuye ivyishimo.

Miguel agira 11 mu bana 13, kandi ukwihebera Imana kwiwe n’iteka ku muryango.

Yamara, Petra birumvikana ko ashobora kwijijanya imitima: Miguel yinjiye muri bumwe mu buzima bw’igipatiri bubangamye cane kw’isi.

Abapatiri barenga 50 baramaze kwicwa muri Mexique kuva mu 2006, icenda muri bo kuri iyi ntwaro ihari ubu yonyene.

Bamwe bishwe kubera ukwiyamiriza amabi akorwa n’imigwi icuruza ibiyovyabwenge, abandi baguye mu mporero z’intambara idahera hagati y’amashirahamwe y’inkozi z’ikibi akebana.

Hafi buri igihe, ubwo bwicanyi ntibuhanwa canke ngo butorerwe inyishu – mu gihe abategetsi akenshi bakora amatohoza yo kuyeyemvyako gusa.

Aerial view of the seminary among fields at the foot of a mountain
Insiguro y'isanamu, Miguel Pantaleon yize kw'iseminari iri hagati muri Tierra Caliente, aho imigwi y'inkozi z'ikibi igwana ipfa akarere ikoreramwo
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bwinshi muri ubwo bwicanyi bwabereye mu ntara yitwa Tierra Caliente yo mu burengero bwa Mexique aho muri iyi myaka ya vuba, imigwi ibiri y’inkozi z’ikibi (Jalisco New Generation Cartel na Familia Michoacana) igwana ipfa akarere ikoreramwo.

Miguel yambwiye imisa isohotse ati: ‘’Kuri jewe, kuba umupatiri ngaha i Tierra Caliente bisigura urukundo.’’

‘’Aba n’abantu babayeho mu mubabaro mwinshi. Iyo rero twitavye akamo k’Imana, ni ikimenyetso c’urukundo rwayo.’’

Miguel yize kw’iseminari aho ugenda n’imodoka amasaha atari make hagati muri Tierra Caliente, uvuye mu gisagara ca Ciudad Altamirano.

Buri gitondo, mu gihe abo patiri bashasha 18 bo kuri iyo seminari bahurira mu gasengero mu misa yo mu gitondo, baca iruhande y’ikibibutsa ibishobora kubashikira nk’abihebeye Imana: imva y’umupatiri yishwe yari umwigisha kuri iyo seminari.

Kw’ibuye ry’ivyandiko vyo ku mva, ku kimanyu c’icuma gihometseko handitse aya majambo: ‘’Patiri Habacuc Hernández Benitez, 16 Nzero 1970 - 13 Ruheshi 2009."

Patiri Habacuc – azwi cane nka Patiri Cuco – ni nk’umumaratiri aho hantu, ikimenyetso c’abihebeye Imana n’abanyaseminari benshi bishwe muri Mexique.

Father Marcelino Trujillo looks on at Padre Cuco's grave
Insiguro y'isanamu, Ingene ibintu vyahindutse ku munota wa nyuma bishobora kuba vyarokoye ubuzima bwa Patiri Marcelino Trujillo, yakorana na Patiri Cuco kw'iseminari

‘’Umwaka Patiri Cuco yishwemwo wabaye intango y’imipfunda y’intureka muri iyi ntara’’ nk’uko bivugwa n’umugenzi wiwe, Patiri Marcelino Trujillo.

‘’Imbere y’aho, imigwi idandaza ibiyovyabwenge yarihisha gusumba, ibintu vyari bikigendeka.’’

Inkuru y’urupfu rwa Patiri Cuco n’ubu iracashegesha, inyuma y’imyaka cumi rubaye.

Uwo mupatiri w’imyaka 39 yari mu nzira aja mu birori vy’urwaruka ari kumwe n’abanyaseminari babiri.

Abantu bafise inkoho baciye bakikuza imodoka yabo babahatira kuyivamwo. Ata jambo na rimwe rivuzwe, baciye babicira iruhande y’ibarabara, mu kubarasa amasasu menshi mu mugongo.

Nta mvo igaragara [y’igituma bishwe] yigeze imenyekana.

Marcelino yategerezwa kuba yari kumwe na mugenziwe uwo munsi, ariko kubera ihinduka ryo ku munota wa nyuma ry’ingene ibintu bitegekanijwe, yagumye kuri seminari. Vyatumye uwo munsi ubuzima bwiwe burokoka.

Ntibwari ubwa mbere iyo seminari ihekurwa n’intureka z’imigwi y’abadandaza ibiyovyabwenge.

Ku munsi wa Noel mu 2014, Patiri Gregorio, mwenesewabo na Cuco, nawe yapfuye nk’uko nyene.

Antonio Abelez stands outside a seminary building
Insiguro y'isanamu, Umuyabaga Antonio Abelez n’umwe mu banyaseminari afise ishaka ryo kuba patiri n’ubwo bibangamye

Bene izo nkuru zishobora guca intege abahungu baho, n’aho boba bafise ishaka ringana gute, zo kuja kwihebera Imana muri Ciudad Altamirano.

Ariko bamwe mu banyaseminari bambariye ko igihushane c’ivyo ari ukuri, ko abapatiri bicwa ari icitegererezo aho kuba igabisha.

‘’Babaye akarorero kagaragara kuri twebwe,’’ bivugwa na Antonio Abelez w’imyaka 19.

‘’Urwo rupfu batari bakwiye, rutubera akarorero k’ubutwari bwabo.’’

Umuyobozi wa seminari, Antonio Reinoso, avuga ko bigisha abo basore kwerekana ‘’ukwiyubara’’ nk’abapatiri – kugarukira kwigisha ijambo ry’Imana gusa no kubanza kwiyumvira neza imbere yo kwiyamiriza imigwi y’inkozi z’ikibi canke indongozi z’imigwi icuruza ibiyovyabwemge iyo bari kuri arutari.

Ambwira ati: ‘’Icaha kigambiriwe n’igikoko c’imitwe igihumbi.

‘’Ntibazoshobora gutora umuti w’iyo ntureka bonyene ubwabo. Ariko bitwaje ukwemera, barashobora guhangana.’’

N’aho biri uko, abanya-seminari baremeye ko hari igihe bibaza ku bwitonzi bw’ingingo bafashe yo kuja gukorera Ekereziya.

‘’Tubaho dukikijwe n’intureka hamwe n’urupfu,’’ bivugwa na Guillermo Cano, umunyeshure ageze mu myaka ya 20.

‘’Kubera ivyo abantu baciyemwo, biradutera ubwoba kwibaza ko natwe dushobora gushikirwa n’ivyo nyene.’’

Miguel Pantaleon smiling with a procession of locals on a street
Insiguro y'isanamu, Ukwatirwa kwa Miguel Pantaleon wabaye umunsi mukuru w'ikibano cose

Tugarutse i Rincon del Carmen, benshi mu baba muri ico kigwati bari baje kwigina uwo musaseredoti mushasha yatiwe, Patiri Miguel Pantaleon.

Mu rugendo rwo kuva kw’isengero, bari inyuma yiwe mu mabarabara n’indirimbo, ibimuri bituritswa hamwe n’ibirori vy’akanyamuneza.

Mu gihe Miguel ariko arahimabaza ari kumwe n’umuryango n’abagenzi, ashimika avuga ko yiteguriye ikizoshika icari co cose.

‘’Ndazi ko umunsi umwe tuzohura n’iyo migwi [icuruza ibiyovyabwenge], atari ukugira duhangane, ahubwo kubereka ishusho ry’ikigongwe c’Imana, kuko Imana nabo nyene ni iyabo.’’