Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Boris Johnson avuga ko Putin yamukangishije kumutera misile
Boris Johnson yavuze ko Vladimir Putin yamukangishije kumutera igisasu ca misile mu kiganiro kuri telefone c'"akataraboneka" imbere yuko Uburusiya butera Ukraine.
Uyu yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yavuze yuko Bwana Putin yamubwiye ko "vyotwara umunota umwe gusa".
Bwana Johnson yavuze ko vyavuzwe amaze kugabisha yuko intambara yoba ari "akaga gakomeye".
Ibi bitangajwe biri mu kiganiro ca BBC cerekeye imigenderanire ya Bwana Putin hamwe n’abarongozi b’isi muri iyo myaka iheze.
Umuvugizi wa Kremlin, ibiro vya Bwana Putin, yavuze ko ari "ikinyoma".
Bwana Johnson yagabishije Bwana Putin yuko gutera Ukraine bizokwega ibihano vy’ibihugu vy’Uburengero hamwe n’ukwiyongera kw’abasirikare b’urunani rwivunira hamwe, OTAN, ku mbibe z’Uburusiya.
Yaranagerageje kandi kubuza igitero c’Uburusiya mu kubwira Bwana Putin yuko Ukraine itazokwinjira muri OTAN “mu gihe gito kiri imbere”.
Ariko Bwana Johnson yagize ati: "Harageze igihe arantera ubwoba, kandi yagize ati, ‘Boris, sinshaka kukugirira nabi, na misile, vyontwara gusa umunota umwe’ canke ibintu bisa n’ivyo. Hatari.
"Ariko nibaza yuko ndavye ingene yavugana ijwi ritekanye, asa n’uwutanezwe cane n’ikintu na kimwe, yoba yariko arashaka guca kure ukugerageza kwanje kwo kwumvikanisha."
Bwana Johnson yongeyeko yuko Bwana Putin yabaye umuntu "asanzwe cane" muri ico "kiganiro kuri telephone c’akataraboneka".
Nta na hamwe ivy’ico kiganiro bigaraga mu vyo Downing Street (ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza) yahaye abamenyeshamakuru.