Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Turukiya: Umuhagarikizi yakubiswe ingumu, inkino z'umupira w'amaguru zaciye ziba zirahagaritswe
- Umwanditsi, Na Burak Abatay
- Igikorwa, BBC Türkçe
Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Turukiya (TFF) yahagaritse vy’agateganyo inkino zose z’ihiganwa inyuma y’aho umukuru w’umwe mu mirwi yariko ikina nijoro ku wa mbere akubitiye ingumu umuhagarikizi aca aragwa.
Halil Umut Meler yakubiswe na Faruk Koca, umukuru w’umurwi MKE Ankaragucu, yiteye mu kibuga inyuma y’aho uno murwi wiwe wari utewe igitsindo catumye unganya 1-1 n’umurwi Caykur Rizespor mw’ihiganwa Super Lig ryo muri ico gihugu.
Mehmet Buyukeksi, umukuru wa TFF, yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Inkino mu mahiganwa yose yungurujwe mu kiringo kitazwi.
Yongerako ati: "Iki gitero kibaye ijoro riteye isoni ku mupira w’amaguru wa Turukiya”.
Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu kw’isi (FIFA) Gianni Infantino avuga ko ivyaraye bibaye “bidashobora kwihanganirwa”, kandi ko kurwana ata “kibanza bifise mu nkino canke mu muryango wacu”.
Ati: "Ata bahagarikizi nta mupira w’amaguru ushobora kubaho. Abahagarikizi, abakinyi, abafana n’abakozi bategerezwa bose gukingirwa no gutekanirwa kugira ngo urukino ruryohere ijisho, kandi nsavye abategetsi vyega ko bokora ivyo bajejwe kugira ibi bikurikizwe kandi vyubahirizwe ku nzego zose”.
Meler yabandanije akubitwa incuro nyinshi mu gihe yari aryamye hasi mu kibuga, akaba yaranakomeretse.
Ivyabaye vyatumye haduka akajagari hagati y’abakinyi n’abakuru b’uno murwi.
Vyabaye ngombwa ko Koca anyarukanwa kwa muganga ariko “ivyo guhagarika abantu bizoba ahejeje kuvurwa”, nk’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Turukiya, Ali Yerlikaya abivuga.
Yerlikaya yongerako y’uko hari abaza bamaze guhagarikwa kubera uruhara bagize muri aka kaguma yiyamiriza yivuye inyuma.
Meler w’imyaka 37, ni umwe mu bahagarikizi bakomeye ba Turukiya mbere akaba ahagarikira n‘inkino mpuzamakungu za FIFA. Ari kandi ku rutonde rw’abahagarikizi badasanzwe b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Bulaya, UEFA.
'Igitero c’ubutabuntu kandi c’agasuzuguro'
Umukuru w’ico gihugu, Recep Tayyip Erdogan, yashikirije ijambo inyuma y’aka gahomerabunwa. Ati: "Ndiyamirije iki gitero ku muhagarikizi Halil Umut Meler inyuma y’urukino rwo kuri uno mugoroba hagati ya Ankaragucu na Çaykur Rizespor, kandi ndamwipfurije gukira vuba”.
"Inkino zisigura amahoro n’umuvukano. Inkino ntizijana no kurwana. Ntituzokwigera na rimwe twemera ingwano mu nkino za Turukiya”.
Umurwi MKE Ankaragucu wari wakiriye uru rukino washikirije umubabaro wawo kubera ivyakozwe n’umukuru wawo, aho mw’itangazo uvuga uti: "Turababajwe n’ivyabaye kuri uno mugoroba.
"Tursavye imbabazi ku bakunzi b’umupira w’amaguru ba Turukiya hamwe n’abakunzi b’umupira w’amaguru kw’isi yose kuri ibi bintu bibabaje vyabaye inyuma y’urukino na Caykur Rizespor ku kibuga Eryaman Stadium."
Umurwi Caykur Rizespor warungitse ubutumwa bwo gushigikira Meler wongera ushikiriza akababaro kawo, mu kuvuga uti: "Turiyamirije twivuye inyuma aka kabi kabaye inyuma y’urukino twakinye na Ankaragucu uno musi.
"Turahojeje umuryango wose w’abahagarikizi, cane cane umuhagarikizi w’uru rukino, Halil Umut Meler, tukaba tumwipfurije gukira vuba".
TFF yahisemwo gufata ingingo ihambaye yibaza ko ishobora kuzotuma urukino rw’umupira w’amaguru muri Turukiya ruba ikibanza ciza.
Umukuru wa TFF Buyukeksi yongeyeko ati: "Inkino z’umupira w’amaguru si intambara, nta mpfu zihari inyuma y’urukino. Imirwi yose ntishobora gutsindira ihiganwa umwanya umwe. Twese dutegerezwa kubitahura. Dusavye umwe umwe wese kugira uruhara.
"[Ankaragucu] n’abawurongoye bazohanwa bimwe bikomeye cane”.
Avuga ko kuva kuri uno wa kabiri ibihano bitangura kwigwako n’amakomite abijejwe.
Mw’itangazo kuri iki kintu yise 'igitero c’ubutabuntu kandi c’agasuzuguro', TFF yagize iti: "Amajambo y’ubutabanga y’abakuru b’imirwi, abamenyereza, ndetse n’abamenyeshamakuru bo ku mboneshakure ku bahagarikizi ni yo yaciriye inzira iki gitero kigayitse uno musi.
"Dufatanije na Reta yacu, imanza mpanavyaha zose zikwiriye zatanguye kuri abo bose bagize uruhara n’abakokeje iki gitero c’ubutabuntu. Umurwi wabikoze, umukuru wawo, abamenyereza bawo n’inkozi z’ikibi zose zakubise Meler bazohanwa bimwe bikomeye cane”.
Imbere y’aha, Galatasaray, umwe mu mirwi y’ico gihugu ikomeye cane, yari yasavye ko hoba inama yihuta kugira ngo imirwi yose itorere umuti ico yita ikibazo kigenda ciyongera mu rukino rw’umupira w’amakuru muri Turukiya.
Itangazo rya Galatasaray rivuga riti: "Twese dutegerezwa kuja hamwe uno musi tugakora kugira ngo dutorere umuti ibibazo biduhanze”.
Ishirahamwe ry’abahagarikizi Association of Active Football Referees and Observers muri Turukiya basaba abahagarikizi bose kutinjira mu kibuga, rikongerako riti: "Igitero c’ubugome kuri Meler nticabaye ku muhagarikizi wacu Halil Umut Meler wenyene, ahubwo ni ku muryango wose w’abahagarikizi”.
Ishirahamwe ry’imirwi ihurikiye mw’ihiganwa rya Turukiya, Turkish Super Lig Professional Football Clubs Foundation, ririyamiriza iki gitero rikavuga ko imirwi "yiteguye gufata ingingo zose zo kuzibira ibikorwa vy’ubugome".