Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore yari yabuzwe irengero yishikanye akekwa ko yishe umugabo wiwe mu gihe c'ukwezi kw'ubuki
Igipolisi co mu Buhindi kiramenyesha ko umugore yari yabuzwe irengero inyuma y'uko basanze umugabo wiwe yishwe bunyamaswa mugihe bari mu kwezi kw'ubuki arafunzwe inyuma yo kwishikana ku bajejwe umutekano.
Imiryango yabo bompi iragiriza ko uyo mugabo yoba yarishwe canke akanyuruzwa bikanakurura isekeza rikomeye ryo kurondera uyo mugore.
Ubu igipolisi cagiriza Sonam Raghuvanshi, umugore w'imyaka 25 kuba yaratanze akazi ku bica umugabo wiwe Raja w'imyaka 30 mugihe bari mu rugendo mu gisagara gitoya co muri Leta ya Meghalaya. Abantu 4 barafunzwe.
Se wa Sonam witwa Devi Singh yavuze ashigikira umukobwa wiwe ko ari umwere kandi atoshobora gukora akabi nkako.
Umuhungu avukana na Raja, Sachin Raghuvanshi yabariye BBC mu mpera z'indwi imbere y'uko Sonam afatwa ko uyo muryango waheruka kurwubaka wari watoye igisagara ca Meghalaya kuhahimbariza ukwezi kwabo kw'ubuki kubera bumvise ko hari imisozi myiza.
Uyo muryango wagize ubugeni italiki 11 z'ukwa gatanu muri Indore kandi abavyeyi bose barabahezagiye.
Uwundi muhungu bavukana na Raja, Vipin Raghuvanshi, avugako ubwo bugeni bwabo bwari bwatunganijwe amezi ane imbere y'uko buba kandi bose bari baranezerewe, ata mishwano yari hagati y'abo haba imbere yo kugira ubugeni canke inyuma yaho.
Abo bageni bagiye muri Meghalaya italiki 20 z'ukwa gatanu ariko inyuma y'imisi ine bari mu rugendo, bose barabuzwe irengero.
Polisi n'abakozi bo mu gisata kijejwe gukinga ibiza baherekejwe n'abanyagihugu baho barahize abo bageni.
Amasanamu yerekana abatabara abari mu kaga bamanuka imisozi n'udutumba vyuzuye ko igipfungu kivanze n'imvura. Abategetsi bavuga ko imvura n'ukuntu hatabona vyari intambamyi ku guhiga abo bantu.
Inyuma y'indwi, ikiziga ca Raja kimaze kwononekara caratowe hagati y'imisozi ibiri gikereweko izosi, umuringa yari yambaye n impeta vyarabuzwe irengero. Umugore wiwe Sonam nawe yarabuzwe irengero.
Imiryango yabo yagize isekeza ryo kurondera uyo muryango ikagiriza igipolisi co muri Meghalaya ko kidakora ibikwiye mu gutorera umuti urupfu rwa Raja no kuronndera Sonam -ikirego gihakanwa n'umushikiranganji wo ku rwego rw'iyo Leta.
Imiryango yabuze abayo yasavye ko iki gikorwa cohabwa igipolisi co ku rwego rw'igihugu kugira habe amatohoza nyayo, yongera ibonana n'abarongozi bo mu bwoko bwabo n'abashikiranganji bo ku rwego rw'igihugu muri Leta yabo kugira bahimirize muri ico gikorwa.
Ku musi wa gatanu uheze, barandikiye ikete umushikiranganji wa mbere Narendra Modi basaba ubutungane kuri Raja n'ukwo hofatwa umugore wiwe Sonam.
Ariko ku musi wa mbere, umukuru w'igipolisi ca Meghalaya, Idashisha Nongrang yavuze ko Sonam yishikirije ibiro vya polisi vya Uttar Pradesh muri District ya Ghazipur.
Uyo mukuru wa polisi Nongrang avuga ko abandi bantu batatu bikekwa bava muri Leta uwo muryango uvamwo ya Madhiya Pradesh bafashwe mw'ijoro.
Yavuzeko umuntu umwe yafatiwe aho bita Uttar Pradesh, abandi babiri bagirizwa nabo bafatiwe muri Indore mu gihe Sonam yishikanye ku biro vya polisi vya Nandganj aca arafatwa arapfungwa.
Munyuma, umukuru wa polisi Vivek Syiem yavuzeko umuntu wa kane yafatiwe i Meghalaya ku bijanye n'ivyabaye ku musi wa mbere. Nta catumye urupfu rwa Raja yavuze, ariko yashikirije ko kizigenza mu bikekwa ari Sonam.
Yishura ku kibazo c'umunyamakuru niba Sonam yari afise uwundi yagomba ko bubakana ari nawe yafashwe, bwana Syeim yavuzeko ukurikije ibijanye n'inkwano bishoboka, gusa ko n'ivyo bizomenyekana abantu babiri babanje kubazwa.
Se wa Sonam, Devi Singh, yabariye irorokanirizo ry'amakuru ANI News Agency ko umukobwa wiwe yashitse kw'ibarabara muri Ghazipur mw'ijoro ryakeye agatiza telephone agahamagara musazawe - ari nawe yaciye ahamagara polisi.
Bwana Singh avugako ataravugana n'umukobwa wiwe ariko yizera ko yashoboye guhunga abagira bamufate kandi kw'ari umwere.
Singh yagiriza igipolisi ca Meghalaya kurementanya inkuru, yongera asaba umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu gutegeka leta yo ku rwego rw'igihugu kugira amatohoza nyayo kugira ukuri kumenyekane.
Umuhungu avukana na Raja Vipin Raghuvanshi yatanguye kubwira abanyamakuru ko atokwemera ko Sonam yagize uruhara muri urwo rupfu gushika Sonam avyiyemereye.
Ariko yavuze ko umwe mu bantu bafashwe b'abagabo igipolisi camenyesheje akora mu biro vya Sonam.
Yagize ati: "Sonam wenyene niwe yobisigura neza. Icaha nikimufata azobihanigwe".
Raghuvanshi yagumye anebagura igipolisi ca Meghalaya na Leta ko bitariko birakora ibihagije mu gutora umuti w'iki kibazo yavuze ati: "Gushik'ubu ndaziko leta ya Meghalaya itariko irabesha. Bariko baravuga ukuri."
Ku musi wa mbere mu gitondo, iyo nkuru imaze kumenyekana umushikiranganji mukuru wa Meghalaya yarashimiye umukuru wa polisi waho avugako bagize ico bashikako mu misi indwi.
Uwundi mushikiranganji Alexander Laloo Hek yavuzeko abanyagihugu bidogeye leta bidafise ifatiro mugihe amatohoza yari akibandanya.
Yavuzeko ukuri kwamenyekanye.