Umugore wo mu Bufaransa yatsinze urubanza rwo kwanka imibonano mpuzabitsina n'uwo bubakanye.

Inyubako ya sentare y'Ubumwe bwa Bulaya -EUHR

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Inyuma yo gushika ku rwego rwa nyuma rwa sentare zo mu Bufaransa, yatunganirijwe ageze mu zo mu Bumwe bwa Bulaya
    • Umwanditsi, Rachel Hagan
    • Igikorwa, BBC News

Umugore wo mu Bufaransa yahagaritse imibonano mpuzabitsina n'umugabo wiwe yatsinze urubanza muri sentare ya Bulaya ijejwe kwubahiriza uburenganzira bwa zina muntu.

Sentare yavuze ko adakwiye gutabwako iceyi ko ari we yatumye batandukana n'umugabo.

Sentare y'Ubumwe bwa Bulaya ijejwe agateka ka zina muntu (ECHR), yashigikiye umugore w'imyaka 69, avuga ko amasentare adakwiye gufata kwankira umugabo wiwe imibonano mpuzabitsina nk'impamvu yo kubahukanisha.

Iyi ngingo ya sentare itadoma urutoke ku muntu n'umwe, isanga Ubufaransa bwaravogereye uburenganzira bwo kwubahiriza ubuzima bwite bwa kiremwa muntu n'ubuzima bwo mu muryango, yishimikije itegeko ry'Ubumwe bwa Bulaya, ryubahiriza agateka ka zina muntu. Ibi vyarangije urubanza rwari rumaze hafi imyaka icumi.

Umugore w'umufaransakazi, azwi kw'izina rya Madame H.W, yashimye iyo ngingo nk'intambwe yo kurangiza ico yise 'umuco mubi wo gufata ku nguvu', ikaba n'intambwe ishira imbere ubwumvikane ku biraba amabanga y'abubatse n'uburinganire.

Amashirahamwe aharanira agateka k'abakenyezi ashigikiye H.W, avuga ko abacamanza b'Ubufaransa bakomeza gushimikira "ku vyiyumviro vya kera (vyashaje) uravye ingene bafata abubakanye" (archaic vision of marriage), ibituma hakomeza kubaho ivyiyumviro bihohotera.

H.W., asanzwe aba muri Le Chesnay hafi y'umuji wa Paris, yubakanye n'umugabo wiwe, JC, mu 1984. Bavyaranye abana 4, barimwo umukobwa agendana ubumuga ategerezwa kwitabwaho buri gihe, igikorwa H.W yaciye afata.

Imigenderanire yabo nk'abubakanye yagiye imera nabi inyuma y'ivuka ry'umwana wabo w'infura, mu myaka ya 1992, H.W atangura kugira ibibazo vy'amagara yiwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu 2002, umugabo wiwe yatanguye kumugirira nabi, haba mu bikorwa canke mu majambo. Inyuma y'imyaka ibiri, yahagaritse imibonano mpuzabitsina n'umugabo wiwe, asaba kwahukana mu 2012.

Uyu mugore ntiyanse ingingo yo gutandukana n'umugabo, kuko ari nawe yari yabisavye, ahubwo yanse ingingo yatanzwe nk'impamvu yatumye ahabwa uburenganzira bwo gutandukana n'umugabo.

Muri 2019, sentare yo muri Versailles isubiramwo imanza yarahakanye ibirego vyiwe, ahubwo iha uburenganzira umugabo wiwe bwo gutandukana na we.

Sentare gasamburamanza, ari narwo rwego rwa nyuma rw'ubucamanza, yahavuye nayo nyene yanka ibirego vyiwe ataco ibanje gusobanura.

Niko guca ajana ikirego ciwe muri sentare ya Bulaya yubahiriza agateka ka zina muntu mu 2021.

Sentare y'Ubumwe bwa Bulaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, yategetse ko ama leta akwiye kwinjira mu bibazo nk'ivyo vy'imibonano mpuzabitsina, iyo gusa hari impamvu zikomeye cane.

Sentare yashinze ko, iciyumviro nk'ico c'amabanga y'abubatse mu mategeko y'igihugu c'Ubufaransa, cirengagiza akamaro kw'ubwumvikane mu bijanye n'amabanga mpuzabitsina.

Sentare ivuga ko kwemera kubakana bidasobanura kwemera gukorana imibonano mpuzabitsina n'uwo mwubakanye muri kazoza.

Sentare yavuze ko iyo ifata ingingo inyuranye n'iyo, yari kuba ihakanye ko gusambanya ku nguvu uwo mwubakanye ari ica gikomeye.

Iyo ngingo ya sentare ije mu gihe mu Bufaransa hari hasanzwe urundi rubanza rwavyuye amazinda ya benshi cane, rwa Dominique Pélicot, yahaye ibiyovyabwenge umugore wiwe agatumira abagabo b'abanyagahinga kumusambanya ku nguvu.

Pélicot n'abo bandi bagabo 50 bafatanije muri ico caha, bakatiwe mu kwezi guheze, urwo rubanza rukaba rwarateje kwibaza akaryo amategeko y'igihugu c'Ubufaransa abafata ikibazo c'ubwumvikane mu mibonano mpuzabitsina.

Imigwi canke amashirahamwe ashira imbere uburenganzira bw'abagore avuga ko ingingo ya sentare y'Ubumwe bwa Bulaya -ECHR, ari ikimenyetso cerekana ko amategeko ndetse n'umuco vy'Ubufaransa bikwiye kunagurwa.

Icegeranyo giheruka gutangwa n'abashingamateka b'Ubufaransa, catanze inama y'uko iciyumviro co kwumvikana canke kutumvikana ku bijanye n'ico amategeko avuga kw'ifatwa ku nguvu, aho rivuga ko kwumvikana bitegerezwa kuba ku bushake kandi umuntu akagira uburengazira bwo kwisubirako umwanya uwo ariwo wose.