Gisèle Pelicot yihagazeko mu rubanza rwo gusambanywa ikivunga
- Umwanditsi, Laura Gozzi
- Igikorwa, BBC News
Gisèle Pelicot, umugore w'umufaransakazi umugabo wiwe ariko araburanywa ku vyaha vyo kumuha ibiyovyabwenge no kumusambanya ku nguvu igihe bari bubakanye, akanahamagara abandi bagabo mirongo kuza kumusambanya ku nguvu, yihagazeko muri sentare kuri uyu wa gatatu.
Yabwiye sentare i Avignon ko ashaka ko abagore nabo basambanijwe ku nguvu bamenya ko ''atari bo bakwiye kwumva ibimaramare - ni bo [ababikoze]''.
''Nshaka ko abagore bose basambanijwe ku nguvu bavuga bati: '' Madame Pelicot yabishitseko, nanje nobishobora. Sinshaka ko basubira kwumva ibimaramare,'' niko yavuze, nko gusigura igituma yasavye ko urwo rubanza ruburanishwa abantu bose barorera n'ama video y'uko gusambanywa ku nguvu akerekanwa.
Madame Pelicot, w'imyaka 71, yari ahawe ijambo inyuma y'aho abamwunganira mu mategeko basabiye ko yohabwa akaryo ko kwishura ku bimaze kuvugwa n'abaregwa hamwe n'amasura gushika ubu muri urwo rubanza.
Yavuze ko muri aya mayinga aheze yabonye abagore batandukanye, ba nyina na bashiki b'abagirizwa bafata ijambo bakavuga ko abagirizwa ari ''abagabo badasanzwe''.
''Abo ni nk'abo nari mfise imuhira,'' niko yongeyeko. ''Ariko uwusambanya ku nguvu si uwo muhurira mu mwijima w'aho muhagarika imodoka mw'ijoro bwije. Ushobora no kumusanga mu muryango, mu bagenzi.''
Madame Pelicot yavuze ko yasambutse wese, ko ubu azotegerezwa gusubira kwiyubaka gushasha. Yongeyeko ati: ''Sinzi ko ubuzima bwanje bwose buzokwira kugira bubitahure.''
Avuga umugabo wiwe nka Monsieur Pelicot, yavuze ati: ''Nifuza ko nosubira kuguhamagara Dominique. Twabanye imyaka 50, nari mpimbawe, ndi umugore afise vyose.''
''Wari umugabo anyitaho, sinigeze ndakugirako amakenga. Twasangira agatwengo n'amarira,'' niko yabandanije avuga, mw'ijwi ryaja riramuniga.
Yasavye ko bahukana na Dominique mu 2021.
Muragaba: Bamwe mu basomyi bashobora gusanga ibiri muri iyi nkuru bibababaza.
Dominique yaremeye ko yarondera abagabo ku mbuga hwaniro kuza gusambanya ku nguvu umugore wiwe mu gihe yaba yataye ubwenge kubera ibiyovyabwenge bikomeye n'ibinini vyo gusinziriza yamuha mu mpisho hagati ya 2010 na 2020.
Madame Pelicot yavuze ko yakunda kwumva ko yagize amahirwe kuba yari amufise hafi yiwe igihe yari afise ibibazo vy'amagara mu nyuma vyahavuye bimenyekana ko vyari bifitaniye isano n'imiti yamuha.
''Ndiko ndagerageza kwumva ingene uno mugabo, kuri jewe yari intungane, ashobora kuba yarakoze ibi. Bishoboka gute ngo abe yarampemukiye gushika aho? Vyagenze gute ngo ureke abo banyagahinga binjire mu cumba iwanje?'' niko yavuze.
''Nshaka kumubwira nti: Nagumye ngerageza kuguteza imbere, kukuduza.
"Wewe wahisemwo uruhande rwa mbere rubi rw'ubwoko bw'abantu. Niwe wahisemwo gutyo.''
Madame Pelicot yavuze ko Dominique yahora amutekera ivyo kurya akamuzanira na crème glacée ahejeje gufungura ivyo ku mugoroba - ari nabwo buryo yahavuye akoresha mu nyuma mu kumuha ibiyovyabwenge.
Ati: ''Narakunda kumubwira nti: Mbega umuntu yahiriwe nka nje, uri indanga, uranyitaho vy'ukuri.''
Yavuze ko atigera yumva mu mutwe hari igihindutse canke ngo yumve umutima wiruka, ko ategerezwa kuba yaca ayamira vuba na vuba ahejeje guhabwa ivyo biyovyabwenge. Yavyuka asanga ari mu gitanda ciwe bukeye mu gitondo, yumva arushe bidasanzwe, ariko avuga ko yibaza ko vyaterwa no kuba yari yagenze n'amaguru ahantu harehare.
''Naragira ibibazo bijanye n'ibice vy'irondoka vy'abagore, hanyuma hari ibitondo navyuka numva umenga ni nk'uko inemba yamenetse. Ibimenyetso vyari bihari, ariko sinigeze menya ingene nobitahura,'' niko yavuze.
Madame Pelicot n'abashingwamanza biwe bongeye baribaza niba Dominique yari afise ingorane yo kwumva ko ari umuntu muto kubera imigenderanire umugore wiwe yari yarigeze kugirana n'uwo bakorana, canke ukubona ko hari ubudasa bw'igihagararo mu kibano hagati yabo canke kubera umugore yakuze akunzwe nawe atariko vyamugendeye.
Agarutse ku vyo abantu bamaze kuvuga kuva urubanza rutanguye, yavuze ati: ''Nabwiwe ko ndi intwari. Uko si ukuba intwari, ni ukugira ishaka n'ubwira bwo guhindura abantu.''
"Ubutwari busigura gusimbira mu kiyaga ugatabara umuntu. Jewe ico mfise ni ishaka n'ubwira,'' niko yavuze.
Nico gituma nza ngaha iminsi yose.... N'ubwo numva ibintu bidakwiye kuvugwa, ndahaguma kubera abagabo n'abagore bose bari inyuma yanje.''
Avuga ko atigeze yicuza kuba yasavye ko urwo rubanza rucirirwa ku mugaragaro: ''Nabikoze kuko ivyanshikiye bitazokwigera bisubira gushika.''
Kenshi muri ako avuga ko yasambanijwe ku nguvu harafashwe amasanamu.
Benshi mu bagirizwa barahakana kuba bamusambanije ku nguvu, bagasigura ko badashobora kwagirizwa icaha kuko batari bazi ko yataye ubwenge, ko rero batari ''bazi'' ko bariko baramusambanya ku nguvu.
N'ubwo iminsi myinshi yagumye aza muri sentare, Pelicot yari amaze guhabwa ijambo kabiri gusa.
Aho yaheruka, ku wa 18 Nyakanga, yavuze ko ''yamaramajwe n'abavuze ko yari yemeye kugira uruhara mu mukino wo gusambana aho yigize nk'uwusinziriye igihe abagabo baronderwa n'umugabo wiwe ku mbuga hwaniro baba baje iwabo.
''Aba bagabo baje kunsambanya ku nguvu. Ivyo ndiko ndumva muri iki cumba ca sentare biratesha agaciro cane, birambura [umuntu] agashambara.'' niko yavuze.
Urwo rubanza rurakurikirwa cane mu Bufaransa, aho Madame Pelicot ubu asigaye ari ikimenyetso c'abaharanira uburenganzira bw'abagore - uhereye no kuba yemeye ko umwidondoro wiwe uja ahabona akanasaba ko urubanza rwiwe rucibwa uwushaka wese arorera.
Abamwunganira mu mategeko bavuze ko kureka urubanza rugacirirwa ku mugaragaro bizokwimura ''ibimaramare'' bikabishira ku bagirizwa.
Ku wa gatandatu uheze, harabaye ingendo zo gushigikira Pelicot mu bisagara birenga cumi vyo mu Bufaransa. Amashirahamwe atari make y'abaharanira uburenganzira bw'abagore nayo ariko arasaba kandi reta y'Ubufaransa kwagura itegeko ryerekeye gusambanya ku nguvu kugira hashirwemwo ingingo y'ukuba wemeye [kugira habe imibonano mpuzapitsina].
Urwo rubanza rwatanguye itariki 2 Nyakanga (9). N'ubwo intahe zimara amasaha menshi ku munsi, ruracari hagati na hagati gusa kubera ubwinshi bw'abantu biregura bategerezwa kubazwa.
Icavuye muri urwo rubanza citezwe gushikirizwa mu mpera z'ukwezi kwa Kigarama (12).
Hamwe iyi nkuru yoba yakugizeko ingaruka BBC Action Line web page iratanga urutonde rw'amashirahamwe yiteguye kugushigikira no kukugira inama.







