Ikinyoma kirashobora gutuma imibonano mpuzagitsina yitwa ‘gufata ku nguvu’

Umugore n' umugabo mu gitanda , umugabo afashe agakingirizo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Kubesha ko wipfungishije burundu, canke ata ngwara ufise mu zifatira mu bihimba vy'irondoka, canke ko wikingiye gusama, bishobora gufatwa nk'icaha gifatiye ku gitsina?

Umugabo ariko ararugofera inyuma yo guhamwa n'icaha co gufata ku nguvu umugore bagiranye imibonano mpuzabitsina ku bushake, umugabo amaze kumwumvisha ko yipfungishije burundu.

None umuntu ashobora kwagirizwa gute gufata umugore ku nguvu, kandi bagiranye imibonano ku bushake, azira ko yamubeshe? Uru rubanza rushobra kugira izihe ngaruka?

"Hari ico nshaka kukubwira nirega. Ndacafise uburumbuke. Urigumya XXX"

Sally - ariko siryo zina ryiwe - yaguye mu gahundwe igihe yasoma ubwo butumwa buvuye kwa Jason Lawrance, umugabo bahuriye ku mbuga ngurukanabumenyi zihuza abifuza abakunzi.

"Urashimitse?" uko niko yamwishuye. "Wa gi …. . Kuki wonkorera ibintu nk'ivyo koko?"

Imbere yo kugirana imibonano mpuzabitsina, Lawrance yabwiye Sally ko 'yipfungishije' bituma uwo mugore yemera kugirana nawe imibonano mpuzabitsina ata gakingirizo, ariko ivyo ntiyari kubikora iyo amenya ko Lawrance yari agifise ubushobozi bwo kuvyara. Ikindi atari yaraciye ikanda n’uko yafata abagore ku nguvu.

Ico gihe Sally yari umuvyeyi ageze ku myaka 42, akaba ata n'uwundi mwana yashaka. Yari yihaye akanini ko mu gitondo yaraye akoze iyo mibonano mpuzabitsina, ariko agicako arasama, mu nyuma aja mu bibazo vyo gukorora inda.

Jason Lawrance

Ahavuye isanamu, Derbyshire Police

Insiguro y'isanamu, Jason Lawrance ariko asaba ko urubanza rumurega gufata umugore ku nguvu rusubirwamwo

Lawrance, yigeze kuba Leicestershire, yahavuye ahamwa n'icaha co gufata ku nguvu Sally incuro kabiri - kuko bari bahuje ibitsina kabiri.

Bwabaye ubwa mbere habonetse urubanza nk'urwo mu butungane bw'Ubwongereza.

Ingingo ya 74 mw’itegeko rihana ivyaha bifatiye ku gitsina ryo mu 2003 ivuga ko umuntu aba yemeye iyo arekuriye uwo bagiranye imibonano mpuzabitsina ku bushake, kandi afise ububasha bwo guhitamwo.

Umushingwamanza Sue Matthews, yakwirikiranye urwo rubanza, avuga ko "Kubera Lawrance yabeshe, yambuye uwo mugore uburenganzira bwo gufata ingingo azi neza uko ibintu bimeze".

Umushingwamanza wa Lawrance, Shaun Draycott, avuga ko hamwe ico caha comuhama no muri sentare isubiramwo, hoba hari impungenge ko n'abandi bantu batigeze bibona nk'abanyavyaha bafatiye ku mategeko, baba abagabo canke abagore, nabo bashobora gukwirikiranwa ku vyaha bifatiye ku gitsina.

Lawreance siwe wenyene amaze gukora nk'ivyo, akabesha kugirango ashike kuco ashaka n'uwo yifuza kugirana imibonano mpuzabitsina. None n'abandi babikora bashobora guhamwa n'icaha?

Kwambura agakingirizo bishobora kwitwa 'gufata ku nguvu?

akarundi k'udukingirizo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagabo bakunda kwanka agakingirizo bitwaza ko bifuza kuryoherwa

Kelly Davis, umwigisha muri kaminuza ya Arizona muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, yabajije abagabo n'abagore bari hagati y'imyaka 21 na 30 ku bijanye no "kwanka gukoresha agakingirizo", n'ukuvuga amayeri akoreshwa mu kwanka kukambara iyo uwo mukorana imibonano mpuzabitsina abigusavye.

Ku bagabo 313 bagize ico bishura, 23.4% bemeye ko “babeshe” nibura rimwe kuva bafise imyaka 14.

Dr Davis n'abo bafatanije muri ico cirwa barashimikiye kandi ku basore.

Basanze ico abo bayabaga badashobora kwifashisha ari inguvu gusa, niwo murongo wabo utukura.

Avuga ariko ko ibindi vyose bishoboka babigerageza, kuko ngo, nk'uko uwo mushakashatsi abivuga, babona ko "ariko bitegerezwa kugenda".

Ku bagore 530 babajijwe, 6.6% bemeye ko bakoresheje amayeri mu kuronka abo bahuza ibitsina kuva bagifise imyaka 14, ikinyoma gikunda gukoreshwa akaba ari uko batari mu burumbuke.

Dr Davis na bagenzi we barize kandi ku nyifato yo “kwambura agakingirizo mu mpisho”, n'ukuvuga ko baba bumvikanye gukoresha agafuko, ariko uwavyemeye akagakura imbere canke ariko arakora imibonano.

Mu bagabo babajije bari hagati y'imyaka 21 na 30, hafi 10% ku bantu 626 baremeye ko babeshe bakoresheje ayo mayeri yo kwambura agakingirizo n'imiburiburi rimwe kuva ku myaka 14.

Dr Davis avuga ko "yumiwe" abonye abagera ku 10% bemeza ko bambuye agakingirizo ku mayeri, aho benshi babikoze akarenga gatatu.

Ati: "Birateye akoba". Ibice 12% vy'abagore babajijwe, bavuga ko bigeze guhendwa muri ubwo buryo bwo kwambura agakingirizo, n'ubwo benshi mu babikozwe batanamenya ko vyabaye."

Hari benshi bashobora kudafata kwambura agakingirizo nk'icaha co gufata ku nguvu, ariko Sandra Paul, umushingwamanza yanonosoye ibijanye n'inyifato mbi ku vyerekeye imibonano mpuzabitsina, aremeza ko ivyo biri mu mategeko y'Ubwongereza.

Ico kibazo cafashwe n'abacamanza nka kimwe mu biregwa umugabo yashinze urubuga rwa Wikileaks, Julian Assange, catumye bisabwa ko ajanwa kuburaniririshirizwa hanze y'Ubwongereza.

Kandi baca urwo rubanza bavuga ko imibonano itagira agakingirizo ishobora gufatwa nk’icaha mu Bwongereza, mu gihe umwe mu bayikoranye yemeye ari uko bumvikanye kugakoresha.

Naho iyo umugabo atiyatse uwo yari yavyijeje?

Katie Russell, umuvugizi w'ikigo Rape Crisis, yemeza ko iyo umuntu abeshe uwo baryamanye ko aza kumwiyaka atararangiza (atarasohora intanga), ibi bifatwa nk'icaha gihanwa nko gufata umuntu ku nguvu.

Auga ko abifata nk'akarorero k'umuntu aba yemeye imibonano mpuzabitsina mugabo hari ivyo bemeranije n;uwo baryamanye hanyuma akabirengako.

Urubanza nk'uru, umushingwamanza Sandra Paul avuga ko rwigeze kuba mu Bwongereza, kandi hagati y’umugabo n’umugore.

Umushingwamanza Paul avuga ko "umugore atifuza kwongera kuvyara, akaba yemereye umugabo kudakoresha agakingirizo ariko kubera yamwemereye kumwiyaka."

Ati: "Ashobora kuba yari yemeye ko aza kwiyaka umugore ariko hari ibimenyetso bikwiye vyerekanye ko atari abifitiye umugambi."

Ubushikirizamanza bwo mu Bwongereza CPS bwarihweje ico kirego, bushinga ko uwo mugabo adakwiye gukurikiranwa ku caha co gufata umugore ku nguvu.

Ariko sentare ijejwe kwihweza ingingo zafashwe n'ayandi masentare yo yavuze ko ibona neza kubwayo hariho impamvu zikwiye zotuma ubushikirizamanza CPS bukurikirana uwo muntu.

Urubanza rwasubijwe muri CPS hashingiwe kuri iyo ngingo ya sentare yihweza ingingo z'ibindi bigo vy' ubucamanza.

BBC yagerageje kubaza CPS nimba uwo mugabo yoba yarakurikiranywe, ariko nta makuru batanze.

Kubesha ku ngwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina vyofatwa nko gufata ku nguvu?

Umugabo yipimisha amarso

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igendereza ryasanze abagabo bagera ku 9.6% bemanga ko babeshe ko bipimishije ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka

Umushingwamanza Paul yibaza ko kubesha ku ngwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina bitoroshe gufatirako.

Agira ati "biragoye".

Hari abagabo benshi bamaze gukurikiranwa n'imanza kubera kubesha abo bagiranye imibonano mpuzabitsina bakanduza umugera wa SIDA, uturorero twa hafi ni nka Daryll Rowe, Antonio Reyes-Minana na Aaron Sutcliffe.

Ariko rero, barezwe icaha co kubabaza umubiri abo bagiranye iyo mibonano aho kuba icaha gifatiye ku gitsina.

Iyo ari umugore abeshe naho ko adashobora gusama?

David Emanuel QC aburanira Lawrance, yagereranije ivyo umukiriya wiwe yagirizwa ko yabeshe umugore ko yipfungishije burundu, n'umugore yobesha umugabo ko yafashe umuti umubuza gusama kandi atari vyo.

Mu mategeko y'Ubwongereza no muri Pays de Gales, umugore ntashobora gukurikiranwa ku caha co gufata umugabo ku nguvu kuko nk'uko vyanditse mu gitabo c'amategeko, ku vyaha bishingiye ku gitsina yo mu 2003 ni icaha gikorwa hakoreshejwe 'igitsina gabo'.

Katie Russell, avuga ko afise ikibazo co kugereranya kwifungisha burundu ku mugabo no gufata imiti yo kwirinda gusama ku mugore.

Avuga ko kubera ibibazo vyo gusama n'ibifatiye kuri ubwo buryo bwo gutandukanya invyaro, asanga ari ubuzima bw'umugore buhura n'ingaruka z'ico kinyoma.

Kuri we ngo nizo mpamvu bitogereranywa na mba, kuko umugore ari we yirengera ibibazo vyo gutwara inda canke kuyikuramwo, gutyo rero ngo ntaho vyogereranywa n'ingaruka ziba ku mugabo.

Mugabo ku bwo umushingwamanza Paul, ngo ahubwo ikibazo gishingiye ku kumenya nimba umuntu aba yaciye ku vyo yasezeranye n'uwundi, ati "iyo umugabo asanze ari se w'umwana yavutse mu buryo bene ubu, hari ingaruka nyinshi bimugirako".

Bamwe bashobora kwibaza ko hari umwana n'ikinono mu guca bene izo manza.

Agira ati: "Nk'abakenyezi, twashitse kuri vyinshi mu bijanye n'uburinganire hagati yacu n'abagabo, tugasaba gusonerwa kimwe n'abagabo.

"Ati ariko mu gihe haje ikibazo co guhamwa n'icaha c'ububeshi, nibaza ko harimwo ikibazo guca dushaka gukingirwa ku vyaha kubera gusa turi abagore."

Iyo umuntu abeshe igitsina naho?

Gayle Newland mu 2015

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Gayle Newland yabeshe ko ari umugabo, yasavye uwo baryamanye kwifuka igitambara mu maso amukorera imibonano akoresheje igicurano kimeze nk'inzanyi.

Hari imanza nyinshi zimaze kuba ku bagore bigize abagabo kugirango bagirane imibonano mpuzabitsina n'abandi bagore nkabo.

Ibibazo bikunze kwitwa ivyo abantu babesha igitsina cabo, usanga bizana ibindi bibazo ku burenganzira bw'abo bantu baba bafise ikibazo co kutiyumva neza mu mubiri kubera kudakunda kwitirirwa igitsina cabo - gender dysphoria.

Ikindi kibazo gishobora kuvyuka ni ukumenya nimba abantu batiyumvamwo igitsina cabo kibitirirwa - transgender, bagaca bifata nk'abahungu ari abakobwa canke bakifata nk'abakobwa ari abahungu, nimba bategerezwa guhishuka abo bakundana bakababwira igitsina cabo bwite.

Umushingwamanza akaba n’umwigisha mu vy’amategeko Alex Sharpe, yafashije mu guhindura itegeko rigenga abantu batiyumvamwo igitsina bitirirwa - transgender, akaba amaze imyaka 20 aharanira uburenganzira bwabo, ari mu bafise ayo makenga.

Porofeseri Sharpe avuga ko abenshi mu bakwirikiranwa kuri ico caha, usanga ari abantu biyita abo igitsina kidahuye n'uko bateye, n'ukuvuga abiyita abagabo kandi bafise igitsina gore, canke igihushane.

Ku bwiwe ngo umuntu yavutse yitwa umukobwa mu nyuma akiyita umugabo, iyo yiyise umugabo imbere y'umukunzi wiwe w'igitsina gore, ntaba abeshe kuko nyene ariko yumva, y'uko ari umugabo.

Ibindi binyoma ni ibihe?

Abantu bavuga ibinyoma vy'ubwoko bwose mu ntumbero yo kuronka uwo bifuza kugirana imibonano mpuzabitsina.

Hari ababesha imyaka, hari abavuga ko batubatse kandi bafise abagore canke abagabo, canke ugasanga babesha ubutunzi bafise batagira namba.

Ariko rero, hari ibibazo nka bene ibi usanga bitajanwa muri sentare, abakwikirikirana imanza ntibabazwa nimba ibinyoma nk'ibi biba ari ukurenga ku vyo mwasezeranye n'uwo mwumvikanye.

Abagore benshi baramaze guhendwa n'abapolisi baba bigize abantu basanzwe ariko bafise ico bakurikirana, ndetse bakishira mu migwi y'abaharanira uburenganzira.

Umwe muri abo bagore avuga ko iki caha cakozwe, "n’umugwi w’abapolisi baja inama yo gufata abangore ku nguvu", kuko abo bapolisi bari bazi neza ko batari bumvikanye n'abo babikoranye.

Mme Paul yiyemeza ko hakwiye kuba ibisobanuro ku buryo ibinyoma bishobora gufatwa nk'icaha co kurenga ku vyo umuntu aba yasezeranye n'uwundi mu bijanye no gukora imibonano mpuzabitsina.

Akemeza ko ibi bizoshoboka inyuma y'ingingo izofatwa mw'iyunguruzwa ry'uru rubanza rwa Lawrance.

Ati: "Kutambara agakingirizo kandi wari wabisezeranije uwo mugiye gukorana imibonano, imbere y'amategeko biragaragara ko ari ikibazo ariko kubesha imyaka vyo sinzi ko ari icaha mu bihe bimwe bimwe."

Arangiza abaza ati "mu gihe rero hataraboneka amategeko, ni nde agena ingingo zo hagati na hagati zofatwa, canke abacamanza bovyitwaramwo gute?"

Woba warakoreshejweko uruyeri, canke ufise uwo mugendana yigeze kukubesha kugirango mugirane imibonano?

Woba ubwawe warakoresheje mwene ayo mayeri.

Ubivuga ko iki?