UmunyaKenya aba muri Amerika yaciriwe gufungwa ubuzima bwose yagirizwa gufata ku nguvu umukecuru w’imyaka 74

Ahavuye isanamu, TARRANT COUNTY SHERIFF'S DEPARTMENT
Umuya Kenya aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaciriwe umunyororo w'uguherayo yagirizwa gufata ku nguvu umutamakazi w'imyaka 74 nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru, Dallas News.
Iyo ngingo yafashwe haciye amezi make uwundi mugabo akomoka muri Kenya nyene yagirijwe icaha c'ukwica abatamakazi 11 muri Texas.
Anthony Mamboleo Nyakeo w'imyaka 53 avugwa ko yakoze ico caha mu kwezi kwa mbere umwaka uheze wa 2018 yagiriwe n'icaha co gufata ku nguvu uyo mutamakazi yari arwaye mu mutwe.
Nyakeo arahakana ivyo yagirizwa.
Umushikirizamanza yabwiye ico kinyamakuru ati: "Umuganga yariko arafasha uyo mutamakazi yabonye ariko ava amaraso mu bihimba vyiwe vy'irondoka.
Amatohoza yerekana ko yari amaze gukorerwa ivya mfura mbi akatari gake, nayo ibipimo vyose vya ADN vyakozwe ku bavuzi bose bikaba vyerekana ko ari Nyakeo".
Nyakeo yahora akora nk'umuganga kw'ivuriro rya Woodridge risanzwe rivura abafise ubumuba mu karere ka Grapevine.
Uyo mutamakazi yahora arwaye indwara yitwa Alzheimer (ituma umuntu ata ubwenge) yasandavye muri uyo mwaka nyene ashikanye imyaka 75.
Mu ntahe yariko ica urwo rubanza, Sentare yamenyesheje ko Nyakeo yakoze ico kibi mu gihe uwagikorewe atabubasha yari afise bwo kwemera canke guhakana kubera ata bwenge yari afise.
Jordan Rolfe umwe mu bashikirizamanza, yabwiye abacamanza ati: "Nta bushobozi yari afise bw'ukuvuga, kwigaburira canke bw'ukwitwara ku kazu ka surwumwe".
Bwana Nyakeo wewe arahakana ivyo yagirizwa akavuga ko hari umuntu yatoye ADN mu gakingirizo yakoresheje aca ayinjiza muri uyo mutamakazi.
"Ati: "Jewe ico nakoze naramwogeje gusa hanyuma ndamutwara aho yafungurira".
Umukozi mugenziwe yatanze ivyemezo avuga ko amaze kubona ivyariko bishikira nyene gukorerwa ayo mabi yaciye yibaza ko ategerezwa kuba yafashwe ku nguvu.
Ati: "Ku vyo nzi, ico si ikintu abatamakazi bashobora gukora iminsi yose mu gihe bari mu myaka nk'iyo".
Abashikirizamanza bandikiye sentare ko Nyakeo yigeze no gufata ku nguvu abakozi bagenziwe akanagerageza n'ugutoroka ava muri Texas igihe amatohoza yariko arakorwa.
Muvyo banditse bavuga bati: " Yaranasavye mugenziwe bigeze n'ugukorana ko yobesha mu gihe hogira ico abazwa kuri we".
Rolfe avuga ko vyoba vyiza ku banyagihugu bo muri ako karere mu gihe Nyakeo yoba ari mw'ibohero.
Rolfe ati: "Biragoye gutahura umuntu nk'uyu, kuko ibintu yakoze biteye kubiri n'amateka duhagarariye. Yakoze ibintu bitabaho".










