Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanya-Palestina batanguye gusubira mu buraruko bwa Gaza inyuma yo kurekurwa kw'imbohe 6
- Umwanditsi, Ian Aikman
- Igikorwa, BBC News
Abanya-Palestina barenga 200.000 bari barateshejwe izabo binjiye mu buraruko ku maguru mu masaha abiri kuva aho ijabukiro ryugururiwe, nk'uko umutegetsi ajejwe umutekano muri Gaza yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Amabariyeri y'imodoka yuguruwe isaha zitatu zo mu gitondo (07:00GMT), amasaha abiri inyuma yo kwugurura bariyeri ku bagenda n'amaguru.
Ubutegetsi bwa Gaza bwakoresheje abantu barenga 5.500 mu gisagara ca Gaza kugirango ''bafashe abantu bateshejwe izabo gutahuka'' muri Gaza City no mu buraruko.
Reta igereranya ko abantu bo muri Gaza City n'uburaruko bakeneye amahema arenga 135.000 kuko bataha basanga amazu yabo yarasambutse.
Amasanamu ava muri Wadi Gaza, ku nkengera ya Gaza, yerekana abantu ibihumbi n'ibihumbi bariko baragenda n'amaguru, bafise intekera z'ivy'abo mu minwe mu nzira basubira iwabo.
Gaza y'uburaruko ahanini isigaye ari ibihomoka inyuma y'ibibombe vyahatewe na Israel.
Mu minsi y'intambara, ingabo za Israel zategetse abanya-Gaza kuhava, bituma abantu ibihumbi n'ibihumbi bateshwa izabo.
Abanya-Gaza batanguye gutahuka baja mu buraruko inyuma y'aho Israel ivugiye ko habonetse umwumvikano na Hamas wo kurekura imbohe zitandatu muri iyi ndwi.
Izo mbohe zirimwo Arbel Yehud - umu sivire (civil) ari mu vyatumye haba impari.
Hamas yararekuye abasirikare bane ku wa gatandatu, ariko ntiyarekura Madame Yehud. Israel yagirije Hamas kurenga ku masezerano yo guhagarika intambara avuga ko abasivire b'Abanya-Israel ari bo bari kurekurwa ubwa mbere bagakabwa abanyororo b'abanya-Palestina.
Kuva ayo masezerano atanguye kuja mu ngiro, imbohe indwi n'abari munsi gato y'abanyororo 300 baramaze kurekurwa.
Inbere yo gutangura kwinjira muri Gaza y'uburaruko, amasanamu yerekana abanya-Palestina ibihumbi n'ibihumbi bari barateshejwe izabo bagana uburaruko bakoraniye kuri bariyeri ya gisirikare yari yarababujije kubandanya mu minsi ibiri iheze.
Amasezerano y'ihagarikwa ry'intambara no kurekura imbohe n'abanyororo yatanguye gushirwa mu ngiro ku wa 19 Nzero (1). Hamaze kuba ikabwa kabiri.
Mu rigira gatatu, Hamas izorekura Yehud n'izindi mbohe zibiri ku wa kane, hakurikire abandi batatu ku wa gatandatu, nk'uko vyavuzwe na Netanyahu na Qatar yabaye umuhuza muri ivyo biganiro.
Hisunzwe ayo masezerano yo guhagarika intambara, abanya-Palestina ku wa gatandatu vyari bitegekanijwe ko barekurirwa gusubira mu buraruko baciye mu muhora wa Netzarim, inzira y'ibirometero indwi igenzurwa na Israel itandukanya Gaza y'uburaruko n'ahasigaye h'iyo ntara.
''Turyama mu mabarabara,'' niko Nireem Musabeh yabwiye BBC kuri bariyeri ku wa Mungu. ''Ntidushobora gutaha iwacu kandi umwanya wose tugerageje kugenda baraturasa.''
Uwo munya-Palestina w'imyaka 42 yari yaje ava Deir al-Balah mu maja hagati ya Gaza, ariko yari yahungiye muri Shejaiva, mu bumanuko.
Diab Shehbari yavuze ko yari kuri iyo bariyeri kuva isaha zibiri n'inusu z'ijoro ku wa Mungu.
''Ijoro ryose abana bagumye barira kubera imbeho - duca turacana umuriro turabafuka,'' niko yavuze.
Amasezerano yo mu kwezi kwa mbere yahagaritse intambara yari imaze amezi 15 yatanguye igihe Hamas yatera Israel ku wa 7 Gitugutu (10) mu 2023. Ico gihe hishwe abantu hafi 1.200 abandi 251 batwarwa bunyagano muri Gaza.
Abanya-Palestina barenga 47.200, benshi muri abo b'abanyagihugu basanzwe, barishwe mu gitero Israel yaciye igaba nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bw'intara ya Gaza itwarwa n'umuhari Hamas.