'Iyaba Twahirwa yari gukora jenoside, yari guhera ku mugore wiwe w’Umututsikazi' – uwari umushingamateka wa FPR

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Mu ntahe yo ku munsi ugira 31 w’urubanza rw’Abanyarwanda babiri Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994 mu Rwanda, mu bo sentare yumvirije harimwo umukobwa wa Twahirwa avuga ko yategetswe kwemeza ko se yakoze ivyaha vya jenoside ariko akavyanka.

Muri urwo rubanza rw’ejo ku wa kane, uwa mbere yumvirijwe na sentare ni Brigitte Tuyishime, umugore w’imyaka 57 aba mu Bubiligi nk’impunzi kuva mu 2005, akaba yahoze ari umushingamateka w’umugambwe (ishyaka) FPR uri ku butegetsi mu Rwanda, kuva mu 2001 gushika mu 2005.

Tuyishime yumvirijwe nk’uwuregura abaregwa kandi akaba yari yishikiye muri sentare, yavuze ko azi Twahirwa kuko yava hamwe na se, mbere ko amuzi n’i Gikondo aho yaba, kandi ko amuzi nk’umuntu w’akarorero.

Tuyishime yavuze ko, uko azi Twahirwa ata vyaha vya jenoside yakoze, ko ahubwo ari irementanya abategetsi ba FPR bamugirira, akavuga ko ivy’ubutegetsi bwa FPR abizi kuko yabukozemwo.

Yagize ati: “Jewe nabaye umushingamateka wa FPR kuva mu 2001 gushika 2005 aho natangiye imihoho kuko navuga ivyo badashaka bagaca bantera ubwoba, ngahitamwo gutanga imihoho (kwegura) no guhunga.

“Rero na Twahirwa nk’umuntu badashaka, kumwagiriza ivyaha vya jenoside ni ibisanzwe kuko ari ubutegetsi bwa ryogora duhure (igitugu).

Twahirwa iyo aba yari umuntu yari gukora jenoside, yari guhera ku mugore wiwe w’Umututsikazi”.

Abajijwe Basabose yavuze ko atari amuzi uretse ko bahuriye mu Bubiligi bose ari impunzi.

Hakurikiye umukobwa wa Séraphin Twahirwa yitwa Oliva Twahirwa. Ni umugore w’imyaka 34 aba mu Bubiligi kuva mu kwezi kwa 6 uno mwaka wa 2023, akaba yari yishikiye muri sentare.

Avuga ko yagiye kuba mu Bubiligi ahunga ba maneko b’igendereza ry’Urwanda muri Kenya bamutegeka kwagiriza se ku nguvu ivyaha vya jenoside.

Avuga ati: “Nakoresheje urupapuro rw’inzira [passeport] rutari rwanje kugira nze mu Bubiligi kubera natinya kwicwa muri Kenya, na rirya nari naranse kwagiriza papa ivyaha vya jenoside.

“Narigeze kuja mu Rwanda gusaba urupapuro rw’inzira rw’Urwanda ariko bararunyimye kubera ndi umwana wa Twahirwa. Aha nanka kubabesha, kuva mu 2020, hari abantu bo mu Rwanda baguma bantelefona, bambwira ngo nagirize papa wanje ko yakoze jenoside nanje ndavyanka kuko ntagomba kubesha”.

Sentare itegekanya guha ijambo rya nyuma impande z’abunganira imiryango y’abasaba indishi n’abacikacumu, abaregura abaregwa, uruhande rw’umushingwanza hamwe n’abaregwa ubwabo mu ndwi iza, gutyo ibone gusozera urubanza ku wa 12 Kigarama ( 12) 2023.