Ikigwati gito co mu Buhindi kivuga ko Kamala Harris ari uwabo

Thulasendhrapuram, ikigwati gito cane kiri ku birometero vyababa 300 uvuye mu gisagara ca Chennai kiri mu bumanuko bw’Ubuhindi (cahoze citwa Madras) hamwe no ku birometero 14.000 uvuye i Washington DC, niho sekuru na inakuru bavyara nyina wa Kamala Harris bamuka.

Hagati muri iki kigwati hamanitse icapa kinini c’umupfasoni Harris w’imyaka 59.

Baramusabira ku mana yabo mu masengesho adasanzwe gugira ngo agire amahirwe – amazina y’umupfasoni Harris na sekuru avyara nyina ari ku rutonde rw’abatanga amaturo mw’isinagoga y’ikigwati – n’indya ziriko ziratangwa.

Abanyagihugu bo muri ico kigwati barakurikiranira hagufi amatora y’umukuru w’igihugu wa Amerika inyuma y’aho Joe Biden akinjuriye, umupfasoni Harris agaca aseruka nk’uwushobora kugenwa ngo yitoze.

Krishnamurthi, umukukuruke yahoze akora mw’ibanki, agira ati: “Ni igikorwa kitoroshe gushika aho ageze mu gihugu ca mbere c’igihangange kw’isi”.

“Ni ukuri turamwishimiye. Kera Ubuhindi bwarategetswe n’abanyamahanga, ubu Abahindi bategeka ibihugu vy’ibihangange kw’isi”.

Hari kandi ivyishimo, cane cane mu bagore. Babona ko umupfasoni Harris ari uwabo, ikimenyetso c’ibishoboka ku bagore aho bari hose.

Arulmozhi Sudhakar, indongozi muri ico kigwati, agira ati: “Bose baramuzi, n’abana. ‘Mushikanje, mama’ – uko niko bamuvuga.

“Turanezerejwe n’uko atibagira iyo yavuye kandi biratunezera”.

Uno munezero wibutsa ingene abo muri iki kigwati biha amabarabara n’imiriro y’umunezero, ivyapa n’ibirangamisi, igihe umupfasoni Harris yaba icegera c’umukuru w’igihugu.

Habaye ibirori rusangi aho amajana n’amajana y’abantu basangirira hamwe imfungurwa kama zo mu bumanuko bw’Ubuhindi nka sambar na idli, zimwe mu mfungurwa zikundwa cane na Harris, nk’uko bivugwa n’umwe mu ncuti ziwe.

Amamuko y’Ubuhindi

Umupfasoni Harris ni umukobwa wa Shyamala Gopalan, umushakashatsi kuri kanseri y’ibere, yakuriye mu ntara ya Tamil Nadu iri mu bumanuko, imbere yo kwimukira muri Amerika mu 1958. Abavyeyi ba Gopalan bamuka muri Thulasendhrapuram.

Mu mwaka uheze, umupfasoni Harris yanditse ku mbuga hwaniro ati: “Mama, Shyamala, yaje muri Amerika avuye mu Buhindi ari umwe, afise imyaka 19. Yari umuntu akomeye – umuhinga, uwaharanira uburenganzira bwa muntu, akaba n’umuvyeyi yinjije agatima ko kwiyemera mu bakobwa biwe babiri”.

Umupfasoni Harris yaragendeye Chennai ari kumwe na mwenewabo Maya inyuma y’urupfu rwa nyina wabo, baramijira umunyota w’ibisigarira vyiwe mu kirere, nk’uko biri mu mico y’Abahindu, nk’uko biri mu nkuru y’ikinyamakuru The Hindu.

Umupfasoni Harris akomoka mu muryango w’abakire. Inarume wiwe Gopalan Balachandran ni umwigisha wa kaminuza. Sekuru PV Gopalan, yarabaye umutegetsi muri reta, akaba yari umuhinga mu bijanye no kwakira impunzi.

Yarabaye kandi n’umuhanuzi w’umukuru w’igihugu wa mbere wa Zambia mu myaka ya 1960.

“Yabaye (Kamala) umuntu akomeye igihe kitari gito. Si ikintu gitangaje cane. Ikintu nk’iki cari citezwe kuva imyaka itari mike”.

Prof Rajaraman avuga ko yaburanye na Shyamala ariko ko yasubiye kumubona hagati mu myaka ya 1970 igihe yafata urugendo muri Amerika akabonana kandi na Gopalan i Berkeley.

“Shyamala niho yari ari. Yarampaye igikombe c’icayi. Aba bana biwe babiri (Kamala na mwenewabo Maya) niho bari bari. Ntibari bavyitayeho”.

“Bompi bari abanyamwete. Nyina wiwe yarangwa n’umutima w’ubugwaneza, uranga kandi Kamala”.

Dusubiye i Thulasenhrapuram, barindiranye igishika ko atangazwa vuba ko agiye kwitoza.

" Sarala, chithi (mutoyi wa nyina) wa Kamala yama agendera iyi sinagoga. Mu 2014 yatanze amarupee 5000 ($60) kw’izina rya Kamala Harris", bivugwa na Natarajan, umupatiri w’iyi sinagoga.

Natarajan arizeye ko amasengesho yabo azofasha umupfasoni Harris gutsinda amatora.

Abanyagihugu b’iki kigwati bavuga ko bashobora kuba bari ku birometero ibihumbi n’ibihumbi, ariko ko bumva bari kumwe na we mu rugendo rwiwe. Bizeye ko azobagendera umusi umwe canke ko azocishamwo izina ry’ikigwati cabo mw’ijambo ryiwe.