Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cristiano Ronaldo avuga ko yumva yahemukiwe na Manchester United
Na Simon Stone
BBC Sport
Cristiano Ronaldo avuga ko yumva yahemukiwe na Manchester United (Man U) kandi ko ariko arirukanwa muri uyu murwi.
Muri Myandagaro (8), Ronaldo yari yemeye gusigura ubuzima bwiwe i Old Trafford (ikibuga ca Manchester United) inyuma y’aho vyankiye ko ava muri uno murwi akimukira mu murwi ukina mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League), nk’uko yari avyizeye.
Uyu mukinyi w’inararibonye wa Portugal yavuye mu gacerere mu kiganiro kirekire n’umunyamakuru Piers Morgan w’imboneshakure TalkTV yo mu Bwongereza.
BBC yashatse kumenya aho umurwi Manchester United uhagaze kuri ibi bivugwa na Ronaldo ariko ntaco urashikiriza.
Inyuma yo gutsinda Fulham kuri 2-1 mu rukino rw’ejo ku wa Mungu, Man U iza mu kibanza ca gatanu mw’ihiganwa ry’Ubwongereza, Premier League, muri uno mwaka wa mbere w’umumenyereza Ten Hag.
Abajijwe nimba abarongoye Man U bariko bagerageza kumwirukana muri uno murwi, Ronaldo yavuze ati: “Ego, si umumenyereza gusa [Erik ten Hag], hari n’abandi babiri canke batatu mu murwi. Numva ko nahemukiwe”.
Asubiye kandi kubazwa nimba abategetsi bakuru b’umurwi bariko bagerageza kumwirukana, uyu mukinyi w’imyaka 37 avuga ati: “Ntaco bimbwira. Abantu bategerezwa kwumva ukuri.
"Ego, numva ko nahemukiwe, kandi numva umengo hari abantu batankeneye hano, si muri uno mwaka gusa, ariko kandi no mu mwaka uheze”.
Ronaldo avuga ko ata 'cubahiro' agifitiye Ten Hag
Ronaldo ntarasubira gukina kubera ingwara itazwi kuva aho Man U itsindiwe na Aston Villa 3-1 ku wa 06 Munyonyo (11) akaba ari we yari kizigenza.
Mu kwezi guheze, Ten Hag yaranse kumukinisha muri Premier League igihe Man U ija gukina na Chelsea, hari haciye imisi itatu yanse kuja mu kibuga nk’umusubirizi.
Ronaldo yabwiye Morgan ati: "Sindamwubaha kuko ntanyubaha. Mu gihe utanyubaha, sinzokwigera ndakwubaha”.
Muri iki kiganiro, Ronaldo arabwira kandi Morgan ivy’urupfu rw’umwana wiwe w’umuhungu mu kwa kane n’ingene yakozwe ku mutima n’icubahiro abafana ba Liverpool bamuhaye mu rukino rwayihuje na Man U i Anfield (ikibuga ca Liverpool) mu misi yakurikiye.
Ikiganiro cose kimara iminota 90, ariko Morgan yakuyemwo inkuru ntoya yandikiye ikinyamakuru The Sun aho biboneka neza ko Ronaldo asuzugura ingene yasanze Man U imeze kuva agarutse mu murwi n’impundu nyinshi mu kwa munani 2021.
Ati: "Nibaza ko abafana bakwiye kumenya ukuri. Nipfuriza ivyiza uyu murwi. Nico gituma naje muri Manchester United.
"Kuva [uwahoze ari umumenyereza] Sir Alex [Ferguson] agiye, nta terambere nigeze mbona mu murwi. Nta na kimwe cahindutse.
"Ndakunda Manchester United, ndakunda abafana, igihe cose bari ku ruhande rwanje. Ariko nimba bashaka kuyihindura…bategerezwa guhindura ibintu vyinshi, vyinshi”.
Ronaldo avuga ko abona ibintu co kimwe na Ferguson, ari na we yagize uruhara rukomeye kugira ngo asubire i Old Trafford avuye muri Juventus igihe vyaboneka ko yashobora kwinjira muri Manchester City.
Ronaldo yongerako ati: "Arazi gusumba abandi bose ko umurwi utari aho wategerezwa kuba uri.
"Arabizi. Bose barabizi. Abantu batabibona…ni uko badashaka kubibona; ni impumyi”.
Ronaldo ntiyigeze yumva ivya Rangnick
Ole Gunnar Solskjaer yahoze akinana na Ronaldo ni we yari umumenyereza wa Man U igihe uyu munya-Portugal asubira mu murwi, imbere y’uko asubirirwa na Ralf Rangnick hanyuma hakaza uwuhari ubu, ari we Ten Hag.
Rangnick yaje kumenyereza Man U avuye muri Lokomotiv Moscow aho yari arongoye igisata kijejwe ukwinonora imitsi.
Imbere y’aho, yamenyekanye igihe yari mu Budagi, ari kumwe na Jurgen Klopp ubu amenyereza Liverpool, hamwe na Thomas Tuchel yahoze amenyereza Chelsea.
Kuri Rangnick, Ronaldo avuga ati: "Mu gihe utari n’umumenyereza, ni gute woza kuba umumenyereza wa Manchester United? Sinigeze numva ivyiwe".
Ronaldo kandi aragira ico avuze kuri Wayne Rooney bahoze bakinana muri Man U, uyu yahoze ari umusatirizi w’Ubwongereza akaba amunegura ku nyifato yiwe muri uno mwaka.
Ronaldo ati: "Sinzi igituma anegura cane…kumbure ni uko yahagaritse umwuga wiwe kandi nanje ngikina ku rwego rwo hejuru”.
"Sinshatse kuvuga ko ndi mwiza kumusumba. Iki coco ni co…”