Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi-Amatora 2025: Abahiganwa ntibabona kumwe ingene kwiyamamaza vyagenze
- Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Mu Burundi haraye harangiye ikiringo c'indwi zitatu co kwiyamamariza amatora azoba ku munsi wa kane itariki zitanu z'uku kwezi kwa Ruheshi (6).
Umugambwe CNDD-FDD wavuze ko iyo myiyamamazo yabaye nk'urukino rw'umupira w'amaguru aho n'uwo muhiganwa iyo aguye umuvyura.
Mu gusozera imyiyamamazo ku rwego rw'igihugu kuwa gatandatu uheze mu gisagara ca Bujumbura, umunyamabanga mukuru w'uwo mugambwe, Reverien Ndikuriyo, yagize ati: ''Vyerekana ko tugiye mu mbonakazoza k'igihugu cifashe, aho abantu bagiye mw'ihiganwa muri poritike bamera nk'abagiye gukina umupira w'amaguru, hari akabaye ni fairplay, umwe ukamuhagurutsa uti pole, ntumufate nk'umukeba cane. Ni iteka''.
Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye mu kumwunganira yavuze ko yanezerewe cane no gusanga mu ''migabo n'imigambi y'iyindi migambwe itavuga rumwe n'umugambwe CNDD-FDD yose ata kintu na kimwe iriko iragayira umugambwe CNDD-FDD''.
Bitandukanye cane n'ibivugwa n'iyo migambwe umukuru w'igihugu avuga.
Nestor Girukwishaka wa CNL yagize ati ''hariho iterabwoba ku rubuga uribonye uca wibaza uti iki gihugu tubamwo kimeze gute?''
Ati ''hamwe usanga aho muja kwiyamamariza, ikibuga mwaragisavye mwarabimenyesheje bizwi ko ari mwebwe muhari ata wundi aja kuhaja ugaca usanga urwo rwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi ruriko rwikinirako umupira.
"Ugasanga ngo baje gutegura imyiyamamazo yabo y'umunsi ukurikira kandi imbere y'uko ico gihe kigera hategekanijwe uwundi mugambwe".
Girukwishaka avuga ko ivyo vyabatwara umwanya wo kurondera abari mu ntwaro kuza gukuraho urwo rwaruka, amasaha yo kwiyamamaza akaba aratakaye, ngo ugasanga utanguye ibikorwa isaha cumi kandi imyiyamamazo ihagarara isaha cumi na zibiri.
Girukwishaka avuga kandi ko vyanashitse aho umutamamakazi aturirirwako umwambaro wa CNL.
Umukuru w'umugambwe UPRONA, Olivier Nkurunziza avuga ibisa n'ivyo.
Agira ati "hariya mu mitumba haracariyo abatera ubwoba abantu. Bakaza mu myiyamamazo bahahamutse''.
Gabriel Banzawitonde wa APDR avuga ko ari co gituma yari yahisemwo gukoresha uburyo bwo kwiyamamaza budashira abantu mu ngorane mu kubasanga mu mihana iwabo canke ahandi bumvikanye.
Banzawitonde avuga ati ''akubwira ati jewe nta mupira w'uwundi mugambwe nokwambara kiretse umugambwe uri ku butegetsi, sinoronka aho ntaha''.
Mu gisagara ca Bujumbura uhashitse utahahora ikintu ca mbere wokwibaza n'uko hoba hari umugambwe umwe wonyene. Uciye irya n'ino mu ma karitiye, ubona amabendera y'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ari yo ashinzwe yonyene, kandi imigambwe yiyamamaza irenga 20.
Amabendera y'iyindi migambwe uyabona gusa hagize nk'imodoka yayo iguca iruhande igiye mu myiyamamazo, canke ugiye ku kibanza bagiriramwo imyiyamazo.
Uko bigenda kwose amatora bazoyitaba
Ikindi gikomeye imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD ivuga ni uko bamwe mu banywanyi bayo boba bariko barakwa ku gahato amakarata yabo y'itora, abandi bakaba basanze hari abayabatoreye kandi batabibatumye.
Ivyo vyose bavuga ko babishikiririje umugwi ujejwe amatora CENI kugira ubitorere inyishu imbere.
Gusa bavuga ko uko bigenda kwose bazokwitaba amatora, n'ivyogorana bazovyerekane babanje kwitaba ihiganwa.
Aya matora ahuriranye n'uko umugambwe CNDD-DD umaze imyaka 20 ku butegetsi. Imyiyamamazo yabaye akaryo k'uko uwo mugambwe wishimira aho uvuga ko ugejeje guteza imbere igihugu.
Mu gusozera imyiyamamazo, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yabwiye abanyagisagara ca Bujumbura ko mu 2005 "twasa nabi, naje nahora ndaba ifoto nari narifotojemwo. N'ikoti ntiryamfata. Kuko ikoti ifata ku mubiri''.
Umukuru w'igihugu yavuze ko ubu bafise amafaranga yo ''kugura ibirato, impunzu nshasha no kwiyubakira inzu''.
Ndayishimiye yavuze vyinshi abantu borabirako itarembere harimwo amakaritiye atariho mu 2005 nka Carama, Gasekebuye na Nyabugete hamwe n'amazu menshi y'amagorofa.
Ubukene bw'igitoro n'amadolari ntivyavuzweko
Gusa mu majambo bashikirije, muri izo ndongozi nta n'umwe yagarutse ku ngorane z'ubukene bw'ibitoro n'amafaranga y'agaciro igihugu kimazemwo iyi myaka ya vuba.
Ubu gutondera igitoro iminsi canke amayinga na ho nyene uronse bakakugerera hamwe no kuja canke kuva ku kazi n'amaguru vyarabaye ibintu bimenyerewe.
Ivyo biri mu vyo imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD yiyamamaje ivuga ko yoza guhindura.
N'umukuru wa Parcem, ishirahamwe ryiyemeje gukangurira abantu guhindura ingendo n'ivyiyumviro, ni ho afatira mu gushikiriza amakenga ko imbonakazoza ya 2040-2060 umugambwe CNDD FDD na reta yawo ivuga, igoye gushira mu ngiro ibintu vyifashe uko biri ubu.
Faustin Ndikumana avuga ko abahinga ubu berekana ko urugero rw'ubukene mu Burundi ruri kuri 60%. Si kure ya 65% rwariko mu 2005 igihe umugambwe CNDD FDD washika ku butetegetsi. Ico gihe igihugu cari kivuye mu ndyane z'imyaka irenga cumi, nk'uko abandanya asigura.
Ibiharuro vya Banki y'isi na vyo vyerekana ko umurundi ku mwaka yinjiza amafaranga angana n'amadorari 193 (munsi y'amafaranga y'Uburundi 600.000 ku rugero rwo muri banki). Ni rwo rwa nyuma mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko.
Faustin Ndikumana abona ko kugira iyo mbonakazoza ishoboke ari uko hahinduka ingene uburongozi n'intwaro ibereye bikora.
Avuga ati ''Iyaba iyi vision (imbonakazoza) iciye ihindura abantu mu mitegekere yabo''.
Avuga ko hari izindi mbonakazoza canke indinganizo zo ku myaka myinshi zabaye ariko ntihagire ico zishikako kubera ivyo atabihari.