Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
N'imiburiburi abantu 700 ni bo bamaze kwicirwa mu ntambara ya DR Congo kuva ku musi w'Imana - ONU
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
Onu ivuga ko n'imiburiburi abantu 700 biciwe mu ntambara ikaze cane i goma, igisagara ca mbere kinini co mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo kuva ku musi w'Imana.
Umuvugizi wa Onu, Stéphane Dujarric, avuga ko abantu 2.800 bakomeretse, igihe umugwi wa M23 ufashwa n'Urwanda - wafata umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru.
Ubu bivugwa ko abo bagwanyi bariko bagana ubumanuko baja mu gisagara ca Bukavu, umugwa mukuru wa Kivu y'Epfo.
Intambara zo mu buseruko bwa Congo n'izo kuva mu myaka ya 1990, ariko zongerekanye cane mu ndwi zike ziheze.
Umuhari M23, ugizwe ahanini n'abatutsi, uvuga ko uharanira agateka k'inkehwa, mu gihe reta ya Congo ivuga ko uwo muhari ufashwe mu mugongo n'Urwanda, urondera kugenzura akarere ko mu buseruko kagwiriyemwo amabuye y'agaciro.
Ku musi wa gatanu, Dujarric ivyo biharuro vyavuye mw'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, n'abarifasha, harimwo reta ya Congo, hagati yo ku musi w'Imana no ku wa kane.
Umuvugizi wa Onu yagabishije ko abapfa bashobora kwiyongera.
Mu kugerageza guhagarika ko M23 ibandanya gufata utundi turere, igisirikare ca congo carateguye uko cokwivuna mw'ibarabara hagati ya Goma na Bukavu, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.
Abanyagihugu amajana n'amajana bariyandikishije ku bushake bwabo ngo bakingire igisagara ca Bukavu.
Umwe mu rwaruka yabwiye AFP ati:"Nditeguriye gupfira igihugu canje."
Jean-Jacques Purusi Sadiki, umukuru w'intara ya Kivu y'Epfo - intara ubu isugerejwe na M23 - yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko igisirikare ca reta n'abagishigikiye basubije inyuma abo bagwanyi, ariko ivyo ntibirahinyuzwa ku buryo ata ho bwegamiye.
Mu ntango y'iyi ndwi, M23 yiyemeje kubandanya intambara gushika ku mugwa mukuru Kinshasa, ku birometero 2.600.
Thérèse Kayikwamba Wagner, umushikiranganji w'imigenderanire wa Congo yabwiye BBC ko Urwanda rwigaruriye ku nguvu igihugu ciwe, kandi ko ruri kugerageza guhindura ubutegetsi buri muri ico gihugu.
Wagner avuga ko amakungu yaretse prezida w'Urwanda Paul Kagame akarenga ku mategeko mu myaka irenga cumi ata nkomanzi aranananirwa kumuryoza irenga ku mategeko mpuzamakungu.
Umuvugizi wa reta y'Urwanda Yolande Makolo arahakana ivyo Urwanda rwagirizwa, avuga ko igisirikare cabo cagiye gutangira ngo intambara ntitandukire ku butaka bwabo.
"Nta ntambara dukeneye, ntitwipfuza kwigarurira ubutaka bw'abandi, nta n'ubwo dushaka guhindura ubutegetsi," uko ni ko Makolo yavuze mu kiganiro ca BBC, Newsday.
Abahinga ba Onu bagereranya ko mu mwaka uheze, Urwanda rwari rufise abasirikare bari hagati ya 3000 na 4000 bagwana bari kumwe na M23 mu buseruko bwa Congo.
Ku musi wa gatanu, ishirahamwe SADC ryamenyesheje ko rishigikiye igihugu ca Congo mu nama yabereye muri Zimbabwe.
Mw'itangazo, ibihugu 16 bigize iryo shirahamwe "vyasubiye kwemeza ko vyifatanije na Congo kandi ko bishigikiye ico gihugu mu kugwanira ubwigenge bwaco."
SADC yari yararungitse ingabo zo kubungabunga amahoro, ahanini bavuye muri Afrika y'Epfo muri Congo gutuza imigwi yitwaje ibigwanisho nka M23 no kugarukana amahoro mu karere kagwiriyemwo ubutare bwinshi, inyuma y'imyaka irenga cumi hari umutekano muke.
Abasirikare cumi na batandatu b'ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika bariciwe mu ntambara yabahuje na M23 mu micungararo ya Goma mu ndwi iheze.
Iyo ntambara yatumye haba akaga muri ico gice co mu buseruko bwa Congo.
Shelley Thakral wo mw'ishimi rya Onu rijejwe ibifungurwa kw'isi, PAM/WFP, avuga ko ababa mu gisagara ca Goma batagira ibifungurwa, amazi meza hamwe n'imiti.
Yabwiye AFP ati:"Itangwa ry'ibifungurwa ubu rifashwe mu kanigo wiyunviriye kuzicana kubutaka, mu kirere, mu gihe vyose ubu vyugaye."
Kuva mu ntango ya 2025, abantu barenga 400,000 barataye izabo, nk'uko bishikirizwa n'ishami rya Onu rijejwe impunzi kw'isi, HCR.
Igihugu ca Congo ni co kigira kabiri mu bunini muri Afrika - kikaba kingana na bibiri vya gatatu vy'Uburaya - kandi kikaba gihana urubibe n'ibihugu icenda.
Intambara zaheruka mu myaka ya 1990 zagiyemwo ibihugu vyinshi bihana imbibe, zinatazirwa intambara z'isi yose za Afrika.