Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gutera ambasade, ifatwa ry'ikibuga c'indege ca Goma na M23...amwe mu makuru avugwa muri Congo
Ibiro vy'abaserukira Urwanda, Uganda, Ubufaransa n'Ububirigi ku murwa mukuru wa Congo, Kinshasa, vyatewe n'abari mu myiyerekano, mu kwerekana ishavu ku bitero vy'abitwaje ibigwanisho ku gisagara ca Goma.
Zimzwe mu nyubakwa zasahuwe.
Ku bw'umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean-Noel Barrot, igice kimwe c'inyubakwa y'ubuserukizi bw'ico gihugu yaturiwe.
Mu butumwa kuri X (yahoze ari Twitter), yavuze ko ''ivyo bitero bidashobora kwihanganirwa'', yongerako ko ''abari mu myiyerekano bakongereje umuriro ariko wazimijwe''.
Umwotsi wabonetse ufumba uva mu biro vy'ubuserukizi bw'Ubufaransa.
''Vyose biriko birakorwa kugira hacungerwe umutekano w'abakozi n'abenegihugu bacu'', nk'uko yavuze.
Igiporisi cakoresheje imyuka yokera kugira gishwiragize abari mu myiyerekano bari baturiye ama pine bongera basemerera amajambo yo kwiyamiriza M23.
Reta ya Congo yavuze ko ishima kuba abanyagihugu bahagurutse ngo berekane ko bashigikiye ingabo z'igihugu ziriko ziragwana na M23.
Ariko umuvugizi wa reta Patrick Muyaya yiyamirije intureka yatewe na bamwe mu bari mu myiyerekano.
''Turiyamirije twivuye inyuma ibikorwa vyose vyo kwonona n'intureka vyabonetse muri iyi myiyerekano,'' nk'uko yavuze ku rubuga X (rwahoze ari Twitter).
Yavuze ko umutekano wongerejwe ku buserukizi bwose bw'ibihugu kandi ko igiporisi casubije ibintu mu buryo.
Ubuserukizi bw'Ubuyapani bwasavye abaturuka muri ico gihugu bose kuguma mu mazu yabo, bubuza no kuja ku biro vyabwo.
Bimwe mu bice vya Kinshasa bisa n'ibitarangwamwo abantu - amashure n'amamangazini arugaye.
Kare ku wa kabiri, umugwi w'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yari yasavye abanyagihugu kuguma mu ngo zabo kugira habe ''ville morte'' [igisagara kitarangwamwo umurimo n'umwe] nk'ikimenyetso co kwifatanya n'ingabo za reta zigwana ngo zikingire Goma.
Hagati aho abagwanyi ba M23 bavuga ko bafashe ikibuga c'indege ca Goma.
Baracahanganye n'ingabo za reta n'abazifasha kurwana mu duce tumwe tumwe tw'ico gisagara, ariko basa n'abegereje kwigarurira igisagara cose.
ONU ivuga ko hari ibiziga mu mabarabara kandi ko hari amakuru avuga ko hari abantu basambanijwe ku nguvu n'abagwanyi.
Ishami rya ONU riraba amagara y'abantu kw'isi rivuga ko abakozi babo bariko bararaswa kandi ko abarwayi, barimwo n'abana, bari hagati y'amasasu y'impande zihanganye.
Ivyo, Adelheid Marschang, umuhuzabikorwa wa OMS ajejwe ibikorwa vyihutirwa muri Congo, yabivugiye mu nama y'amashami ya ONU n'ayandi mashirahamwe yo kuvugana uko ibintu vyifashe, aho akaga gaturutse ku bitero vya M23 kagarutsweko cane.
Ibitaro vyarengewe n'abagwayi bafise ibikomere vy'amasasu n'izindi mvune, nk'uko amashirahamwe y'abagiraneza yavuze.
''Ubu hari abantu amajana bari mu bitaro, benshi bafise ibikomere vy'amasasu,'' ni ko Marschang yavuze.
Umuvugizi w'ibiro vya ONU bijejwe gufasha abari mu kaga, Jens Learke, yavuze ko abakozi bavuze ko ibiziga biboneka aho birambaraye mu mabarabara.
Ivyo kurya hamwe n'imiti na vyo bivugwa ko vyasahuwe mu kajagari kadutse i Goma.
Kuva M23 itanguye igitero co kwigarurira Goma, amashirahamwe yagumye asemerera avuga ko bizokwunyura akaga k'abantu ibihumbi n'ibihumbi bari basanzwe barimwo muri ico gisagara.
Kuva uyu mwaka utanguye, abantu 400.000 baramaze guteshwa izabo n'iyo ntambara, ku bw'ishami rya ONU riraba impunzu, HCR.
Afrika y'Epfo yongeye kubura abandi basikare bane
Abandi basirikare bane ba Afrika y'Epfo baguye ku rugamba muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo.
Gushika ubu baciye baba abasirikare 13 b'ico gihugu bapfuye kuva intambara irushirije gukara.
Abagwanyi b'umugwi witwaje ibigwanisho ba M23 muri iyi minsi itanu iheze barongereje umuriro na cane cane mu micungararo y'igisagara ca Goma, umurwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru.
Batatu muri abo baguye mu ntambara ku kibuga c'indege ca Goma ku wa mbere mu gihe uwugira kane yapfuye ahitwanywe n'ibikomere yakuye mu ntambara n'abagwanyi ba M23 ku wa kane uheze.
Hagati aho, urwego rw'ingabo za Afrika y'Epfo, South African National Defence Force (SANDF), rwashikirije impungenge rutewe na video yazungurutse cane ivuga ko abasirikare ba Afrika y'Epfo bamanitse amaboko bakishikiriza abagwanyi ba M23.
Iyo video yerekana ibendera yera ishizwe hejuru n'umusiririkare wa Afrika y'Epfo mu cavuzwe nk'agahengwe gatoya hagati y'ingabo zihanganye kugira zishobore kwegeranya ibiziga n'abakomerekeye ku rugamba.
Malawi na Uruguay na vyo bivuga ko hari abasirikare bavyo bapfuye.
Akamo k'amahoro
Ku wa mbere umukuru wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphoza yavuganye na mugenziwe w'Urwanda, bompi bemeranya ko hakenewe ihagarikwa ry'intambara ryihuta no kuvyura ibiganiro vy'amahoro.
N'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, UA, kuri uyu wa kabiri ryitezwe gukoranya inama yihuta.
Ku wa mbere, Perezida Felix Tshisekedi wa Congo yakoranije abategetsi b'inzego zitandukanye z'igihugu kugira barabire hamwe uko vyifashe na cane cane mu gisagara ca Goma.
''Abasirikare bacu n'imigwi y'aba Wazalendo barabandanya kugwanira ibirindiro bimwe bimwe vy'ico gisagara'', vyavuzwe na Vital Kamerhe, umukuru w'inama nshingamateka inyuma y'iyo nama.
Yavuze ko umukuru w'igihugu aja gushikiriza ijambo igihugu kuri ico kibazo, ariko ntiyavuze ryari arishikiriza.
Kuri uyu wa kabiri mu gatondo, umutegetsi umwe wa reta ya Republika ya Demokrasi ya Congo yavuze ko igisirikare ca reta kigenzura igice kinini c'igisagara ca Goma kiri mu buseruko bw'ico gihugu.
Kuva ku wa gatanu, Goma ntigira amazi n'amatara, Kamerhe akaba yavuze ko reta iriko irakora ivyo ishoboye vyose ngo bigaruke mu gisagara.
Yavuze ko reta iriko irarondera inyishu mu nzira za poritike n'imigenderanire.
Ivyo bishitse mu gihe umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yiyamirije igitero ca M23 mu kiganiro bagiranye na Tshisekedi kuri terefone.
Mw'itangazo, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwavuze ko umukuru wa Congo yemeye ko bikenewe ko hongera gutangura ibiganiro vy'amahoro ''vuba hashoboka'' n'Urwanda, rwagirizwa gushigikira M23.
Rubio yavuganye kandi n'umukuru wa Kenya, William Ruto, yemera gusunika kugira habe ibiganiro.
Perezida Ruto yatumyeko inama y'ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko, inama itegekanijwe kuri uyu wa gatatu ikazohuriramwo Tshisekedi na Kagame, nubwo gushika ubu bataremeza ko bazoyitaba.
Reta ya Congo yasavye kandi iyindi nama y'akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi, aho isaba ko ubu kofatira Urwanda ingingo ruhasha.