Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
FARDC irashinja M23 gutera ibirindiro byayo i Masisi na Kalehe
Impande zombi zirashinjanya gutobera umuhate wo kugera ku mahoro mu biganiro birimo kuba, kubera ibikorwa byo kwitegura imirwano ndetse n'imirwano ivugwa yabaye muri iyi minsi ku mbibi z'aho impande zombi zigenzura mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo.
Mu itangazo ryo ku wa kabiri, Major Nestor Mavudisa Kamba Mayoyo, umuvuguzi wa Zone ya gatatu y'ubwirinzi ya FARDC ifite ikicaro i Kisangani mu murwa mukuru w'intara ya Tshopo, yatangaje ko abarwanyi ba M23 - avuga ko bafatanyije n'ingabo z'u Rwanda, bateye ibirindiro bitandukanye bya FARDC muri iyi minsi ishize.
Maj Mavudisa yavuze ko ku wa gatandatu ushize M23 yateye ibirindiro bya FARDC ahantu habiri muri teritwari ya Kalehe, ikongera ku wa mbere ahitwa i Kashihe na ho muri Kalehe, na Irambi-Katana muri teritwari ya Kabare na ho mu ntara ya Kivu y'Epfo.
Mavudisa avuga kandi ko ku wa mbere M23 yateye ibirindiro byabo i Mwendabandu muri teritwari ya Masisi muri Kivu ya Ruguru, "imirwano iba umunsi wose".
Umutwe wa AFC/M23 hamwe n'ufatanyije na wo wa Twirwaneho wo ukorera i Mulenge muri Kivu y'Epfo, na yo imaze iminsi iburira ko ingabo za leta ziri mu bikorwa byo kwegeranya ingabo hafi y'aho iyi mitwe igenzura mu kwitegura imirwano ikomeye.
Ku wa kabiri, umuvugizi wa AFC/M23 Lawrence Kanyuka yashinje ingabo za leta n'imitwe ifatanya na zo, ko ku wa gatandatu bishe abaturage bane muri 'groupement' ya Cirunga muri teritwari ya Kabare muri Kivu y'Epfo.
Kanyuka ntiyasobanuye neza niba ubwo bwicanyi bugendanye n'imirwano ivugwa na FARDC cyangwa niba ari ubwicanyi bwihariye.
Kanyuka yavuze ko ibyo bikorwa; ubwicanyi no "kohereza ingabo n'intwaro ziremereye hafi ya 'positions '"zabo, "bigaragaza neza ko ubutegetsi budashishikajwe n'ibiganiro birimo kuba".
Maj Mavudisa na we yavuze ko ibitero bya M23 ku birindiro bya FARDC ari ukurenga ku masezerano y'agahenge no "gutoba ku bushake umuhate w'amahoro urimo kuba".
Ibi biravugwa mu gihe intumwa za leta ya Kinshasa n'iza AFC/M23 ziri mu biganiro bigamije kugera ku masezerano y'amahoro i Doha muri Qatar, zihujwe na leta ya Qatar hamwe na Amerika.
Kugeza ubu impande zombi ntiziragera ku bwumvikane muri ibyo biganiro, mu gihe bivugwa ko hari igitutu cy'abahuza bifuza ko impande zombi zumvikana vuba.