Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Icibutso c'uwahora ari perezida wa Ghana Akufo-Addo casambuwe
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News
Icibutso c'uwahora ari umukuru w'igihugu ca Ghana, Nana Akufo-Addo, cari cubatswe mu mpera z'umwaka uheze, casambuwe.
Igihe Akufo-Addo yerekana ico cibutso ciwe muri Munyonyo (11) mu ntara y'uburengero bw'igihugu vyakiriwe nabi cane ku mbuga hwaniro, bamwe barabigaya bavuga ko ari ''ukwihayagiza''.
Cari cubatswe nk'ikimenyetso co gushima ibikorwa vy'iterambere vyaranguwe ku butegetsi bw'uwo mukuru w'igihugu.
Ku wa mbere, imbuga hwaniro zahanahanye amasanamu yerekana ico cibutso gisigaye ari ibimanyu, umutwe waco utembagara hasi. Abagisambuye canke icabibatumye ntibaramenyekana, igiporisi naco ntaco kiravuga.
N'umutumba waco warasambuwe, inkingi cahagararako, nayo nyenye yononekaye, niyo yonyene isigaye ihagaze.
Akufo-Addo yavuye mu mabanga y'umukuru w'igihugu ku ndwi iheze ahejeje ibiringo bibiri vy'umukuru w'igihugu. Uwari yitoje kw'izina ry'umugambwe wiwe kugira amusurubirire yaratsinzwe cane mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye mu kwezi kwa Kigarama (12).
Ico cibutso cari kimaze guterwa mu kwezi guheze ukuguru kumwe kurononekara.
Bamwe mu bantu baba ngaho bari basanzwe barasavye ko ico kibumbano covanwaho, ariko abategetsi b'aho bari bemeye ko aho cononywe ubwa mbere hari gusubirwamwo.
Isamburwa ryaco ntiryakiriwe kumwe, aho bamwe bavyiyamirije abandi bakavuga ko hari gushobora kuboneka inzira yo kuvyifatamwo neza gusumba.
Umwe mu baba ngaho yabwiye radiyo Citi FM yo ngaho nyene ko ''ata kamaro cari gifitiye'' abantu, ''rero gisambuwe, ni ibisanzwe''.
Uwundi yavuze ko bibabaje ko hari kuba habonetse iyindi nzira ''ibereye, y'urupfasoni yo kukivanaho'' yongerako ko kugisambura bizogira ingaruka mbi ku banywanyi b'umugambwe w'uwo yahoze ari umukuru w'igihugu.
Radiyo Joy FM yasubiyemwo uwundi muntu aba ngaho avuga ko anezerewe no kuba casambuwe.
Mu mwaka uheze, abaraba ibintu n'ibindi baribajije igituma hakoreshejwe amafaranga y'igihugu kugira cubakwe na cane cane mu gihe igihugu cari mu bihe bitoroshe vy'ubutunzi.
Muri iyi myaka iheze Ghana yarahuye n'ibibazo vy'ubutunzi vya mbere bikomeye mu myaka irenga mirongo ibiri, mu mwaka uheze ikaba yarahawe n'ikigega c'isi FMI miriyaridi 3 z'ama dorari zo kuyivyura.
Ikibazo c'ubuzima buzimye kiri mu vyaranze ukwiyamamaza mu matora yo mu kwezi guheze.
Perezida John Mahama, yatsinze ayo matora ku majwi menshi cane, muri kahise yaraneguye iyubakwa ry'urwo rwibutso.
Yavuze ko abanyagihugu ari bo bakwiye gutera iteka uwahoze ari umukuru w'igihugu ku vyo yaranguye, avuga ko ico cibutso ari ukwerekana ukutumva ayo abantu bagowe.