Igiturika cahitanye 25 abandi 800 barakomereka muri Irani
- Umwanditsi, Frances Mao
- Igikorwa, BBC News
Abantu nibura 25 nibo bapfuye abandi hafi 800 barakomereka mu giturika gikomeye cane cabaye kuri kimwe mu bivuko bikomeye vya Irani, nk'uko bitangazwa n'abategetsi.
Iki giturika cabereye ahitwa Shahid Rajaee, ikivuko ca mbere kinini mu gihugu, hafi y'igisagara ca Bandar Abbas kiri mu bumanuko ejo ku wa gatandatu.
Amadirisha n'ibisenge vy'inzu zihegereye vyaragurutse, amamodoka nayo aramenagurika. Ababa mu karere bavuga ko ingaruka z'iki giturika zumvikanye gushika ku birometero 50. Abantu batandatu gushika ubu ntibaramenya irengero, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.
Amavidewo yahinyujwe na BBC yerekana umuriro mwinshi watanguye kuduga imbere y'iki giturika, abantu nabo bahunga abandi bakomeretse baryamye hasi, hagati y'ibihomoka.
Umuntu umwe mu bari muri ako karere yabwiye imboneshakure ya reta ya Irani ati: "Iyo nyubakwa yose yari yuzuye umwotsi, inkungugu n'umunyota. Sinibuka nimba ari jewe nagiye munsi y'imeza canke nimba najuguriwemwo n'ico giturika".
Amashusho yafatiwe mu kirere yerekana nibura ibibanza bitatu biriko birasha, umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Irani na we akaba mu nyuma yemeje ko umuriro waguma ukwiragira uva muri konteneri uja mu yindi. Amashure n'ibiro muri ako karere vyategetswe kuguma vyugaye kuri uno wa Mungu.
Ishirahamwe rimwe ry'abikorera utwabo ryitaho ibijanye n'ivyago vyo mu kiyaga rivuga ko amakonteneri yashikiwe n'ivyago yarimwo amavuta agenewe ibisasu vya misire biraswa kure.
Igisata kijejwe igendereza muri iri shirahamwe Ambrey kivuga ko uno muriro wavuye ku "gufata nabi aya mavuta yari agenewe gukoreshwa muri misire ziraswa kure za Irani".
Ambrey yongerako ko yari izi ko ubwato bwa Irani "bwapakuruye amavuta yo mu bwoko bwa sodium perchlorate akoreshwa muri vya muzinga kuri iki kivuko muri Ntwarante (3) 2025".
Ikinyamakuru Financial Times carigeze kwandika ko ubwato bubiri bwatwaye amavuta muri Irani buyakuye mu Bushinwa.
Ibinyamakuru vya reta bisubiramwo ababibonye bavuga ko iki giturika cabaye inyuma y'aho hadukiye umuriro ugaca urandaranda mu makonteneri atari yugaye yarimwo "ibintu bishobora kwaka".
Mu nyuma, abategetsi bajejwe ivyinjira n'ibisohoka basohoye itangazo ryasomwe ku mboneshakure ya reta rivuga ko iki giturika gishobora kuba catewe n'umuriro wadutse mu bubiko bw'ibikoresho vy'ubumara.
Mu makuru yasohotse mu nyuma, Ambrey isubiramwo ikigo ca reta kijejwe guhangana n'ibiza kkivuga ko abategetsi bari bagabishije ikivuko ca Shahid Rajaee ku bijanye n'umutekano w'ibi bikoresho vy'ubumara.

Ahavuye isanamu, EPA

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikivuko ca Shahid Rajaee ni co ca mbere kinini kandi giteye imbere muri Irani, kikaba ari na co gicishwako ibidandazwa hafi vyose vy'iki gihugu.
Kiri ku muhora wa Hormuz (détroit d'Ormuz/Strait of Hormuz), umuhora nyamukuru ucishwamwo amato yikoreye igitoro, ku birometero vyababa 20 mu burengero bwa Bandar Abbas, igisagara gikomeye ca Irani ku mupaka wo mu bumanuko kndi kikaba ari co gifise ikigo nyamukuru c'igisirikare ca Irani kirwanira mu mazi.
Perezida Masoud Pezeshkian wa Irani avuga ko ababajwe n'abahasize ubuzima be n'abakomeretse. Yavuze ko reta yatanguye amatohoza kandi ko yarungitse umushikiranganji w'intwaro yo hagati kugira ngo ahagarikire ano matohoza.
Iki giturika c'ejo ku wa gatandatu cahuriranye n'ikindi kiringo c'ibiganiro hagati y'abategetsi ba Irani n'aba Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku mugambi wa nikleyeri wa Irani, aho Perezida Donald Trump wa Amerika arondera amasezerano yobuza Irani guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.
Muri ibi biganiro bihagarariwe na Oman, impande zompi zivuga ko hari intambwe yatewe, ariko intumwa nkuru ya Irani yavuze ko hari hagisigaye vyinshi kugira ngo ibibazo batumvikanako bigabanuke. Ibi biganiro bizobandanya mu ndwi iza.
Irani ivuga ko yiteguye guhagarika uno mugambi wayo wa nikleyeri nayo igatezurirwa ibihano, ariko igashimangira ko idashobora guheba umugambi wayo wo kwongereza ubutare bwa uranium. Ishimangira ko uno mugambi wayo wa nikleyeri ufise intego za gisivire.
Ibiganiro vy'uno mwaka ni vyo vya mbere vyo ku rwego rwo hejuru hagati ya Amerika na Irani kuva mu 2018, igihe mu kiringo ciwe ca mbere Trump yivumbura mu masezerano yari ahari yo kubuza ibikorwa vya nikleyeri vya Irani agaca asubizaho ibihano vy'ubutunzi















