Umushikiranganji wo muri Nigeria yagirizwa impapuro z'umutsindo za magendo yatanze imihoho

Isanamu ya Uche Nnaji yambaye inkofero itukura

Ahavuye isanamu, Nigeria Ministry of Science,Technology and Innovation/ Facebook

Insiguro y'isanamu, Uche Nnaji avuga ko abakeba biwe mu vya poritike bamuteye ubwoba
    • Umwanditsi, Chris Ewokor
    • Igikorwa, BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Abuja

Umushikiranganji w'ubuhinga n'ubumenyi wa Nigeria, Uche Nnaji, yatanze imihoho inyuma y'imisi mikeyi havuzwe ko yoba yatanze impapuro z'umutsindo za magendo.

Atanze imihoho inyuma y'amatohoza yakozwe n'ikinyamakuru kivuga ko Nnaji yahaye umukuru w'igihugu Bola Tinubu impapuro z'umutsindo z'ibinyoma igihe yagenwa ngo abe umushikiranganji mu 2023.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu, Bayo Onanuga, yemeje ko Nnaji yatanze imihoho mu mabanga yiwe mu majambo yanditse ku rubuga rwa X ku wa kabiri, asubiramwo amajambo y'uno mushikiranganji yavuga ko "yatewe ubwoba n'abakeba biwe muri poritike".

Nnaji arahakana ivya magendo yagirizwa, agashimangira ko yahejeje kuri kaminuza yo muri Nigeria y'i Nsukka (izwi kw'izina rya UNN), akaronka urupapuro rw'umutsindo mu gisata ca Microbiology/Biochemistry.

Ivyo birego vyo gukoresha impapuro za magendo vyateje uburakari mu banyagihugu ba Nigeria, inyuma y'amatohoza y'imyaka ibiri yakozwe n'ikinyamakuru Premium Times.

Mu ndwi iheze, bivugwa ko kaminuza ya UNN yabwiye ico kinyamakuru ko ata kintu na kimwe ifise cerekana ko uno mushikiranganji yahejejeyo amashure mu 1985, nk'uko yabivuga.

Umutegetsi wo hejuru kuri iyo kaminuza yabwiye ico kinyamakuru ko Nnaji yinjiye iyo kaminuza mu 1981 ariko ko atigeze arangiza amashure yiwe canke ngo aronke urupapuro rw'umutsindo.

Urwego rw'inyigisho zo gukunda igihugu zihabwa ruhejeje amashure yisumbuye (NYSC) narwo nyene ruvuga ko urupapuro Nnaji yatanze rwerekana ko yarangije izi nyigisho rutashoboye guhinyuzwa.

Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, Atiku Abubakar, asaba amatohoza yigenga kuri ico kibazo, avuga ko Nnaji yari akwiye "kwirukanwa no gukurikiranwa mu butungane kubera uruyeri n'impapuro z'ububeshi".

Abubakar yanditse ku rubuga rwa X ati: "Abanya-Nigeria bakwiye kumenya ukuri ku bijanye n'abarongoye ubuzima bwabo n'ubutunzi bwabo."

Uguhagarika mu mabanga canke kwirukana umushikiranganji ni imbonekarimwe muri Nigeria, Nnaji akaba agize kabiri gusa avuye mu mabanga kuva Prezida Tinubu ashitse ku butegetsi muri Ruheshi (5) 2023.

Muri Nzero (1), umushikiranganji w'ubutabazi n'ukurwanya ubukene, Betta Edu, yarahagaritswe vy'akanya gato kubera uburakari bw'abanyagihugu bwaturutse ku giturire. Ico gihe, Dr Edu w'imyaka 37, yarahakanye ko ata caha yakoze.

Uwasubiriwe na Tinubu, umuhisi Muhammadu Buhari, yirukanye abashikiranganji babiri gusa mu myaka umunani yamaze ku butegetsi.