Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: G7 yiyemeje gufata mu mugongo Ukraine gushika ku kanyuma
Abategetsi b’ibihugu indwi bitunze gusumba ibindi kw’isi (G7) biyemeje gufasha Ukraine “igihe cose bizoba bikenewe”, hari ku musi ugira kabiri w’ikoraniro barimwo mu Budagi.
Mw’itangazo, ibihugu vya G7 bivuga kandi ko Uburusiya butegerezwa guhagarika kuzibira ibifungurwa bubibuza kuva ku bivuko vya Ukraine.
Mw’ijambo yashikirije ibi bihugu yifashishije ubuhinga bwa videwo, umukuru w’igihugu ca Ukraine yateye akamo ibihugu vy’Uburengero ko vyomuha ibindi birwanisho vya rutura.
Abategetsi ba G7 bari mu ngorane yo kutabona ibintu kumwe mu nzira yavyo ku gitero c’Uburusiya kibandanya cunyura ibintu.
Mw’iri tangazo basohoye nijoro ku wa mbere ryarimwo amajambo akomeye, aba bategetsi bavuga bati: “Tuzobandanya dufasha Ukraine mu kuyiha imfashanyo y’amafaranga, y’ubutabazi, ya gisirikare n’imigenderanire, mu gihe cose bizoba ari ngombwa
“Turacababajwe kandi tubandanya twiyamiriza igitero c’ubugome, kitagira imvo, kidasiguritse, kandi giteye kubiri n’amategeko kuri Ukraine cakozwe n’Uburusiya bufashijwe na Biélorussie [Belarus]”.
Abategetsi ba G7 - Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani, Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika – bahambijwe n’intumwa zibiri zo mu Bumwe bwa Bulaya i Bavière/Bavaria mu Budagi.
Ibi biganiro vyo ku rwego rwo hejuru vyabaye mu gihe ingabo z’Uburusiya zongereje akariro mu bitero kuri Ukraine, aho abategetsi bavuga ko inyubakwa y’idandarizo yatewe igisasu ca misire mu gisagara ca Kremenchuk kiri hagati mu gihugu, kigahitana abantu n’imiburiburi cumi, nk’uko bivugwa na buramatari.
Igihe yahamagara mw’ihoteri y’akaroruhore iyi nama yariko iberamwo, Perezida Volodymyr Zelensky yasabiye Ukraine ibindi birwanisho vya rutura, anavuga ko yizeye ko intambara ishobora kuba yarangiye mu mpera z’uno mwaka “imbere y’uko igihe c’ubukonje gitangura”. Hari amakenga ko igihe c’ubukonje (hiver/winter) aho usanga ibirere ari bibi cane gishoboa kubangamira cane ingabo za Ukraine.
Yasavye kandi ibihugu vy’uburengero ko vyobandanya bitera igitsure Uburusiya mu kubufatira ibindi bihano.
Mw’itangazo rusangi, abategetsi b’ibihugu vya G7 bavuze ko baciyemeje “kugumizaho no kwongereza” ibihano kuri reta ya Perezida Vladimir Putin na Biélorussie imufashe mu mugongo.
Hagiye gufatwa ibihano ku bidandazwa vy’i’ nzahabu n’igitoro bishorwa hanze, “abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara” na bo nyene bafatirwe ibihano, nk’uko iri tangazo rusangi ribivuga.
G7 kandi isaba Kremlin ko yorekura imfungurwa zikava ku bivuko vya Ukraine – yongera yagiriza Moscou kwongereza ubwoba bw’ubukene bw’ibifungurwa kw’isi nk’inkurikizi y’iyi ntambara.
Igice kinini c’intete kirumara za Ukraine zategerezwa gushorwa hanze zishobora kuborera mu bubiko mu gihe ingabo z’Uburusiya zikizibiye ibivuko vya Ukraine ku Nyanja Yirabura (Mer Noire/Black Sea).
Iri tangazo rya G7 rivuga riti: “Turasaba vyihuta Uburusiya ko buhagarika ataco burinze gusaba ibitero ku nyubakwa z’uburimyi n’amabarabara bukareka ivyimburwa bigasohoka ibivuko vya Ukraine”.
Amatohoza ya BBC yatoye ivyemezo vyerekana ko ingabo z’Uburusiya mu turere twa Ukraine zigaruriye zigenda ziba intete hamwe n’ibindi vyimburwa vy’abarimyi.
Mw’ijambo yashikirije muri iri koraniro, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Boris Johnson yabwiye BBC ko ari “ngombwa ko igiciro c’ubwigenge cishurwa" mu gufata mu mugongo Ukraine, kandi ko iyi mfashanyo itegerezwa kubandanya itangwa kugira ngo iki gihugu gisanure ubutunzi bwaco, gishore hanze intete congere gikingire abanyagihugu baco.
Imbere y’aho ejo ku wa mbere, umushikiranganji Johnson yafashwe isanamu ariko ashinyaguriza Vladimir Putin – akunze kwifotoza agatuza kambaye ubusa – abwira abandi bategetsi ko ari ngombwa ko “twereka [Uburusiya] inguvu zacu”.
Mu gihe abategetsi ba G7 bari mu nama yabo ejo ku wa mbere, hari amakuru yasohotse yavuga ko Uburusiya butashoboye kwishura ideni ryabwo ku ncuro ya mbere kuva mu 1998, inyuma yo kunanirwa no kuriha ku gihe imiriyoni 100 z’amadorari y’abanyamerika. Hagati aho, Kremlin ivuga ko ikibazo atari “ingorane yacu”, kubera aya mafaranga yarishwe mu kwa gatanu, ariko akazibirwa n’ibihano vy’Uburengero.