Hari ubwoba bw’intambara yeruye hagati ya Israel na Hezbollah inyuma y’igitero cahitanye abana 12 muri Israel

Igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere kivuga ko cakubise ibigo vya Hezbollah muri Libani, inyuma y’igitero ca rokete cahitanye abana 12 bariko barakina mu karere k’imisozi ya Golan kigaruriwe na Israel.

Israel yagiriza uno muhari ufise icicaro muri Libani ko ari wo wakoze igitero c’ejo ku wa gatandatu mu gisagara Majdal Shams gituwemwo n’abanyagihugu bo mu bwoko bw’aba-Druze, ariko Hezbollah irahakana yivuye inyuma ko ata ruhara ibifisemwo.

Mu gatondo ko kuri uno wa Mungu, igisirikare ca Israel (IDF) catangaje ko cakoze ibitero vyo mu kirere ku bigo indwi vya Hezbollah "hagati ku butaka bwa Libani". Ntibiramenyekana nimba hari abapfuye canke bakomeretse.

Icuka kibi kibandanya ciyongera gishobora gutuma haduka intambara yeruye hagati ya Israel na Hezbollah, mu gihe impande zompi zibandanya ziterana ibisasu kuva mu kw’icumi kw’umwaka uheze igihe haduka intambara hagati ya Israel na Gaza.

Igitero c’ejo ku wa gatandatu ku kibuga c’umupira w’amaguru c’ico gisagara ni co ca mbere gihitanye abantu benshi hagati no hanze y’umupaka wa Israel wo mu buraruko kuva ku wa 7 Gitugutu (10) 2023, igihe Hamas itera Israel.

Imishamirano na Hezbollah yagiye kwunyuka igihe Hezbollah irekura ibisasu ku birindiro vya Israel umusi umwe inyuma y’igitero ca Hamas, mu kwifatanya n’Abanyapalestina.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yiyemeje kwihora Hezbollah inyuma y’iki gitero ca nijoro ku wa gatandatu, aho avuga ko uno muhari "uzokwishura ivyo wakoze ku rugero rukomeye".

Inyuma y’amasaha make, igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere cavuze ko cakubise “ibibanza vy’iterabwoba” harimwo “ububiko bw’ibirwanisgo n’inyubakwa z’iterabwoba”.

Itangazo rya ONU rivuga ko ari ngombwa ko impande zompi zigumya, mu gihe hari ubwoba ko hashobora kwaduka intambara yagutse “yota mu manga akarere kose ku buryo burengeye ukwemera”.

Umuvugizi wa Hezbollah Mohamad Afif arahakana uruhara rw’umuhari wiwe, kandi BBC iriko iragerageza guhinyuza amakuru avuga ko Hezbollah yabwiye ONU ko iki giturika catewe n’igisasu ca rokete ca Israel gitangira ibindi bisasu.

Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire yasohoye urutonde rw’amazina 10 y’abahapfiriye n’imyaka yabo, avuga ko bari abana bari hagati y’imyaka 10 na 16. Uwa 11 yavuzwe izina ariko nta myaka bashizeko. Amakuru y’umwana agira 12 ntaremezwa.

Imbere y’uko ingaruka z’iki gitero zija ahagaragara, Hezbollah yari yemeje ko ari yo yakoze ibindi bitero bine.

Kimwe ni icabereye hafi y’ikigo ca gisirikare ku musozi wa Hermon uri ku rubibe hagati y’akarere k’imisozi ya Golan na Libani. Iki kigo kiri ku birometero vyababa bitatu uvuye kuri iki kibuga.

Umuvugizi w’igisirikare ca Israel Daniel Hagari yashitse aho iki gitero cabereye, akagiriza Hezbollah ko "ibesha mu guhakana ko atari yo yakoze iki gitero".

Avuga ko igisasu ca rokete cakoreshejwe ari ico mu bwoko bwa Falaq-1 cahinguriwe muri Irani “kikaba gifiswe na Hezbollah yonyene".

Ati: "Igendereza ryacu riratomora ibintu neza. Hezbollah niyo yishe abana b’inzirakarengane”, aho yongerako ko Israel yari mu myiteguro yo kwihora.

Nubwo Israel na Hezbollah baza bararasana kandi impande zompi zikaba zaratakaje kuva mu kw’icumi, buri ruhande rwari rwirinze ikintu cari gutuma haduka intambara yeruye mu bumanuko bwa Libani.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yari mu rugendo muri Amerika, ubu akaba ari mu nzira ataha.

Mw’itangazo ry’uburakari, Sheikh Mowafaq Tarif, umukuru w’abanyagihugu b’aba-Druze muri Israel, avuga ko “ubu bwicanyi bw’agahomerabunwa” bwarenze “umurongo wose utukura”.

"Nta gihugu ciyubaha cokwama cihanganira ko abanyagihugu baco babandanya baterwa. Ibi niko vyari bimeze ku banyagihugu bo mu buraruko kuva amezi icenda aheze”.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Israel Katz yabwiye ikimenyeshamakuru ca Israe Channel 12 ati: “Duhanganye n’intambara yeruye”.

Umukuru w’igihugu wa Israel Isaac Herzog avuga ko iki gitero ari “akaga gakomeye kandi kababaje”, aca avuga ko “igihugu ca Israel kizokwivuna bikomeye kigakingira abanyagihugu baco n’ubusugire bwaco”.

Eka na reta ya Libani yasohoye itangazo aho ivuga ko “yiyamirije ibikorwa vyose vy’ubugome n’agasotoro ku basivire kandi isaba ko imishamirano ihagarara ku bice vyose vy’intambara”.

Iri tangazo rivuga kandi riti: "Gutera abasivire ni icaha ceruye c’ihonyangwa ry’amategeko mpuzamakungu kandi biteye kubiri n’ababwirizwa ngenderwako aranga kiremwa muntu”.