Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Impfungwa z'abanya Palestina zirega Israel ihohotera muri Gaza
Impfungwa z'abanya Palestina zirega Israel ihohotera muri Gaza
Abanya Palestina bari bapfungiwe muri Gaza n'ingabo za Israel bavuga zabavunye amagufa, bagakurwako agateka.
Umwe muri bo yabwiye BBC ko bamuvunye izosi. Uwundi avuga uko vyamunaniye kwitunganya agiye mu bwiherero kuko yari aboshe, apfunze ibikonjo n'imiringa.
Ingabo za Israel zasohoye itangazo zihakana ivyo birego ko zihohotera impfungwa. Igisata c'amabohero ca Israel naco nyene cemeje ko "kitari kizi ivyo birego vy'ihohotera.”