Impfungwa z'abanya Palestina zirega Israel ihohotera muri Gaza

Impfungwa z'abanya Palestina zirega Israel ihohotera muri Gaza

Abanya Palestina bari bapfungiwe muri Gaza n'ingabo za Israel bavuga zabavunye amagufa, bagakurwako agateka.

Umwe muri bo yabwiye BBC ko bamuvunye izosi. Uwundi avuga uko vyamunaniye kwitunganya agiye mu bwiherero kuko yari aboshe, apfunze ibikonjo n'imiringa.

Ingabo za Israel zasohoye itangazo zihakana ivyo birego ko zihohotera impfungwa. Igisata c'amabohero ca Israel naco nyene cemeje ko "kitari kizi ivyo birego vy'ihohotera.”