Wa mugabo yashaka kwica Trump mu 2024 yaciriwe umunyororo w'ubuzima bwose

Ryan Routh ariko arahagarikwa n'abajejwe umutekano.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ryan Routh yahagaritswe inyuma y'akanya gato arashwe n'ingabo yo mu gisata kijejwe umutekano w'abategetsi
    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, Kuri Maison Blanche/White House
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Ryan Routh yaciriwe umunyororo w'ubuzima bwiwe bwose ku caha co kugerageza kwica Perezida Donald Trump ku kibuga ca 'golf' muri Florida muri Nyakanga (9) mu 2024.

Mu mwaka uheze, Routh w'imyaka 59 yaragiriwe n'iki caha co kugerageza kwica Trump, ico gihe akaba yariko yiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu, ku kibuga ciwe, Trump International Golf Club, muri West Palm Beach.

Ingabo yo mu gisata c'igihugu kijejwe gukingira abategetsi (Secret Service) yari muri ako karere yabonye umunwa w'inkoho mw'ishamba aca ararasa Routh, na we aca ariruka. Yagiye gufatirwa hafi y'aho.

Mu rwandiko rusigura iki gihano, umucamanza Aileen Cannon avuga ko ivyaha vya Routh ata "nkeka ko bikwiye igihano c'umunyororo w'ubuzima bwose".

Umupfasoni Cannon yanditse ati: "Yamaze amezi atari make ategura kwica umukandida yiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu, kandi kuva ico gihe ntiyigeze yicuza canke ngo yigaye ku bo yagomba akorere amabi."

Martin Ross, umushingwamanza wa Routh, avuga ko bazokwunguruza.

Routh yahakanye ivyo yagirizwa mbere ahitamwo kwiburanira we nyene ubwiwe muri uru rubanza rwatanguye ku wa 8 Nyakanga (9) 2025.

Ino mvukira yo mu ntara ya Caroline du Nord yari asanzwe aba i Hawaii imbere y'uko afatwa, yagiye avuga ibintu bidatumbereye mu gihe sentare yaba ishashe, nko gusaba Trump gukina 'golf' na we, hamwe no kumugereranya na Adolf Hitler na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Sentare imaze kumukubita intahe mu gahanga, Routh yaragerageje kwicumita mw'izosi akoresheje ikaramu imbere y'uko abajejwe umutekano bamusohora vuba vuba.

Naho bivugwa ko Routh, aho yari yinyegeje, atigeze abona neza Trump, abajejwe umutekano babwiye abariko baramwumviriza ko mu nyuma batoye inkoho irekura amasasu menshi ifise ubuhinga bwo kubona neza ikiri kure (lunette de visée) hamwe n'igikono kinini c'amasasu aho nyene Routh yari yihishije.

Abacamanza babwiwe kandi ko Routh yahasize urutonde rw'ibibanza Trump yari yiteze kubonekamwo, kandi asiga n'inyandiko yari yandikiye umugenzi yerekana ko ivyabaye kwari ukugerageza kumwica.

Mu majambo yiwe yo gusozera muri urwo rubanza, Routh yavuze ku bintu vyinshi bitandukanye bitajanye n'uru rubanza akoresheje umuvugwa wa gatatu, harimwo kahise ka Amerika, intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine be n'umugambi wiwe wo kugura ubwato - ivyo vyatumye umucamanza amuciramwo kenshi, akanahagarika urubanza.

Umushikirizamanza mukuru muri uru rubanza, John Shipley, yavuze ko herekanywe "ivyemezo vyinshi cane" vyagaragaje ingene "yari hafi cane yo gushika ku ntego yiwe".

Ivyabaye muri Florida vyari bigize kabiri hageragezwa kwica Trump mu 2024, inyuma y'uko umugabo yari afise inkoho yarashe ahariko habera imyiyamamazo mu gisagara ca Butler, muri Pennsylvania, muri Mukakaro (7).

Ico gihe, umuntu umwe yarahasize ubuzima, abandi batari bake barakomereka harimwo na Trump.

Uno mugabo yari afise imyaka 20 yagiye kumenyekana kw'izina rya Thomas Crooks, yishwe n'abajejwe umutekano bari bahari.