Melania Trump arashaka kwitwarira umuhungu wa Joe Biden bifatiye kuri dosiye ya Epstein

Melania Trump, umupfasoni wa perezida Donald Trump afise imishatsi miremire, yambaye ishati yera.

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Sean Seddon
    • Igikorwa, BBC News

Umupfasoni w'umukuru w'igihugu wa leta zunze Ubumwe za Amerika Melania Trump, agabisha ko ashobora kurega muri sentare Hunter Biden agacibwa indishi y'akababaro y'umuriyaridi w'amadolari, inyuma yo kwemeza ko (Melania) yamenyanye n'umugabo wiwe biciye kuri Jeffrey Epstein, umugabo yahamwe n'ivyaha vy'ihohotera rishingiye ku gitsina.

Abunganira Melania Trump, yubakanye na perezida Trump mu 2005, bavuga ko ivyo ari "ibinyoma, bityoza, bisiga iceyi kandi biteranya."

Biden, umuhungu w'uwahoze ari perezida Joe Biden, mu kiganiro yatanze mu kwezi guheze, yavuze cane ku migenderanire hagati ya perezida Trump na Epstein abanegura.

Donald Trump yari umugenzi wa Epstein ariko yavuze ko bompi bahavuye bahebana mu myaka ya mbere yo mu 2000, kubera uwo murwizatunga yaguma ahiga abakozi bakora muri spa yari mu kibanza ca Trump co gukiniramwo Golf muri leta ya Florida.

Urwandiko rw'abunganira Melania Trump imbere y'amategeko rwarungikiwe umucamanza rusaba Hunter Biden kwisubirako ku majambo yavuze kandi akabisabira imbabazi, atari uko na ho agashirwa imbere y'ubutungane, agategekwa gutanga indishi y'akababaro ya miriyaridi y'ama dollars.

Urwo rwandiko ruvuga ko umupfasoni w'umukuru w'igihugu yahuye n'ingaruka z' ivyamuvuzweko, zirimwo 'ubuhombe bukomeye bw'amafaranga no gutakaza icizere ku bantu'.

Ruragiriza kandi uyu muhererezi mu bahungu ba Biden ko afise 'kahise kagutse kwubakiye ku kwogera ku mazina y'abandi', kugira ngo 'akunde aboneke.'

Muri ico kiganiro kirekire yagiranye na Andrew Callaghan atunganya amareresi (films), ikiganiro catangajwe muri uku kwezi, Hunter Biden yavuze ko hari ibimenyetso bitaraja ahabona, vyerekeye Epstein, bishobora gukwega na Trump.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yagize ati: "Epstein ni we yashikanye Melania kuri Trump, imigenderanire yabo yari yagutse."

Iryo kete ry'umupfasoni w'umukuru w'igihugu riravuga ko ivyo yavuzweko vyari vyavuzwe ko vyaturutse ku ruhande rumwe ku munyamakuru Michael Wolff, yanditse urwandiko ruvuga ku buzima bwa perezida Trump rumunegura.

Mu kiganiro giheruka yagiranye n'ikinyamakuru Daily Beast muri Amerika, Wolff bivugwa ko yoba yemeje ko Melania Trump yari azinanyi n'umwe mu bakorana mu buryo bwa hafi na Epstein hamwe na Trump, igihe yahura n'uwahavuye aba umugabo wiwe.

Ico kinyamakuru mu nyuma cahavuye gifuta iyo nkuru inyuma yo kuronka urwandiko ruturutse ku wunganira Melania imbere y'amategeko, rwanegura ibiri muri iyo nkuru n'ukuntu yari yanditswe.

Nta kimenyetso cemeza ko abo bompi boba bari bazinanyi na Epstein, yiyahuye ari mu mvuto arindiriye urubanza mu 2019.

Muri urwo rwandiko rw'umupfasoni w'umukuru w'igihugu, Hunter Biden yagirizwa ko yishimikije inkuru itakiriho (yafuswe) nk'urufatiro rw'ivyo avuga, urwo rwandiko ruvuga ko, "bitari na vyo kandi bityoza."

Ubutumwa buri ku rubuga rw'ikinyamakuru Daily Beast cari catanze iyo nkuru itakiri ahabona (yabitswe), buvuga ko: "Inyuma yo gutangaza iyi nkuru, The Beast yaronse urwandiko rwaturutse ku munyamategeko wa Melania Trump runegura umutwe w'iyi nkuru n'ukuntu yubatse."

"Inyuma yo kwongera kwihweza ico kibazo, ikinyamakuru the Beast kivuga ko caciye gikuraho iyo nkuru kandi kinabisabira imbabazi ku boba barajuragijwe canke baratahuye nabi."

Abajijwe ku mpungenge z'amategeko, umushingwamanza w'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Alejandro Brito, yabwiye BBC kwisunga itangazo ryatanzwe n' uwumwunganira Nick Clemens.

Iryo tangazo na ryo rivuga riti: "Abunganira imbere y'amategeko umupfasoni w'umukuru w'igihugu Melania Trump, bariko barakora batiziganya kugira ngo hagire igikorwa kandi abariko bakoresha amayeri bakwiza ibinyoma bicafuza basabe imbabazi."

Mu kwezi kwa mbere mu 2016, inkuru yanditswe ku buzima bwa Melania Trump ku rubuga rw'ikinyamakuru Harper's Bazaar yavuga ko umupfasoni w'umukuru w'igihugu yahuye n'umugabo wiwe muri Munyonyo 1998, mu birori vyari vyateguwe n'umuntu yashinze ikigo kimurika imideri.

Melania Trump, 55, yabwiye ico kinyamakuru ko yanse guha nimero za terefone yiwe Trump kubera 'yari kumwe n'uwundi bari basohokanye.'

Iyo nkuru iravuga ko Trump yaheruka kuvana n'uwari umugore wiwe Marla Maples, yahavuye aronka gatanya na we mu 1999. Imbere y'uwo yari yubatse na Ivana Trump hagati ya 1977 na 1990.

BBC yaragerageje kuvugisha umunyamategeko wa Hunter Biden.

Urwo rwandiko rwahawe abanyamategeko ruje inyuma y'amayinga make hari agahato kuri White House ko kurekura inzandiko zibitswe, zerekeye amatohoza yakozwe kuri Epstein, umugabo yaregwa ivyaha vyo guhohotera abana.

Imbere yo kwongera gutorwa, Trump yavuze ko azorekura inzandiko niyo yamara gusubira ku ntebe y'umukuru w'igihugu, ariko FBI hamwe n'igisata c'ubutungane vyamenyesheje mu kwezi kw' indwi ko ata bintu birimwo ivyagiriji kuri Epstein biri ku rutonde rw'ibibitswe.