Umudamu w'umukuru w'igihugu wa Amerika, Melania Trump, asaba ko umuhanuzi mu gisata c'umutekano Mira Ricardel yirukanwa

Mira Ricardel/ Melania Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images/ Reuters

Insiguro y'isanamu, Mira Ricardel (i bubamfu) na Melania Trump (i buryo)

Umudamu w'umukuru w'igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika, Melania Trump, yasavye ko umuhanuzi wa Perezida Trump ku bijanye n'umutekano ahagarikwa mu mabanga.

Uwitwa "umudamu wa mbere muri Amerika" yaracanyemwo na Mira Ricardel, icegera c'umuhanuzi w'igihugu ku bijanye n'umutekano, igihe yari mu rugendo muri Afrika mu kwezi kw'icumi.

"Niho ibiro vy'umukenyezi wa mbere bihagaze, ko adakwiye guhabwa agateka ko gukora muri White House," niko umuvugizi wiwe yavuze.

Ibiro White House vy'umukuru w'igihugu hamwe n'akanama k'umutekano w'igihugu ntaco barabivugako.

Ivyo bimenyeshejwe mu gihe ibinyamakuru vya Amerika bimaze kuvuga ko Bwana Trump arondera guhindura abakozi mu biro vya White House, igisata co mu burengero, akaba yipfuza gukura mu mabanga umuyobozi mwishikira John Kelly n'umushikiranganji w'umutekano hagati mu gihugu Kirstjen Nielsen.

Nk'icegera c'umuhanuzi mu vy'umutekano, Madamu Ricardel yarakoranye n'umuhanuzi mu vy'umutekano w'igihugu John Bolton mu kanama k'igihugu kajejwe umutekano, mu mezi indwi arangiye.

Madamu Ricardel yagiye mu birori vy'i Diwali vyo kwatsa buji ari kumwe na Bwana Trump haheze umwanya umupfasoni wa mbere amwidogeye

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Madamu Ricardel (i buryo) yagiye mu birori vy'i Diwali vyo kwatsa buji ari kumwe na Bwana Trump haheze umwanya umupfasoni wa mbere amwidogeye

Nk'uko ibimenyeshamakuru vya Amerika bibishikiriza, Madamu Trump na Madamu Ricardel bacanyemwo mu rugendo rwa mbere rw'umupfasoni wa mbere muri Afrika mu kwezi guheze bapfa intebe mu ndege.

Igihe c'urwo rugendo, Madamu Trump yabwiye ikinyamakuru ABC mu kiganiro yatanze ko hari abantu bari mu biro vy'umukuru w'igihugu White House atizera.

Yavuze ko yahaye Perezida "impanuro n'ivyiyumviro bivuye ku mutima munyuma abikoreshe ico yipfuza".

Ikinyamakuru "Wall Street Journal" cavuze ku munsi wa kabiri ko umugwi wa Madamu Trump wemeza ko Madamu Ricardel ariwe yasohoye "amakuru atyoza" Madamu Trump n'abakozi biwe.

Ico kinyamakuru kivuga ko yahanganye kenshi n'umushikiranganji wo kwivuna abansi James Mattis ku kutumvikana ku ngingo na politike biraba abakozi.

Melania Trump ngo yashwanye n'umuhanuzi mu vy'umutekano ku kirimba White House, igihe yari mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Afrika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Melania Trump ngo yashwanye n'umuhanuzi mu vy'umutekano ku kirimba White House, igihe yari mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Afrika

Itangazo rya Madamu Trump, ryasohowe n'umuvugizi wiwe Stephanie Grisham, rije haheze amasaha ashikirije irindi tangazo ryo guhakana ko yagiranye ingorane na Bwana Kelly, umuyobozi mwishikira w'umugabo wiwe.

"Imigenderanire ya Madamu Trump na Bwana Kelly yifashe neza, nta ngorane zirigera ziba hagati yabo," niko Madamu Grisham avuga.

Igihe ayo makuru agiriye hanze, Bwana Trump yaciye ashira ku mbuga ya Twitter ifoto ya Madamu Ricardel amuherekeje mu birori vya Diwali.

Madamu Ricardel yarakoze mu bushikiranganji bw'ubudandaji ahawe akazi na Bwana Bolton, kandi afise imyaka mirongo y'ubuzobere akora muri leta y'igihugu ca Amerika.

Imbere yaho yarakoze mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi kuri Perezida George W Bush no ku mukenguzamateka w'umu Républicain Bob Dole igihe yari arongoye umugwi w'abakenguzamateka benshi.