Prezida Donald Trump wa Amerika avuga ko abanyafrika bakunda umupfasoni wiwe Melania

Ahavuye isanamu, Reuters
Ku rubuga rwa Twitter, prezida Donald Trump wa Amerika yanditse ko umupfasoni wiwe Melania ariko aravyifatamwo neza mu rugendo arimwo muri Afrika.
Yanditse ati:"Abantu baramukunda, kandi na we arabakunda! N'ibintu bibereye ijisho."
Umupfasoni Melania Trump yashitse muri Kenya ku musi wa kabiri ku mugoroba, inyuma y'urugendo yari amazemwo imisi muri Malawi na Ghana.
Umuryango umwe wo ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Nairobi wari uhariwe we wenyene igihe yashika, kandi ni na ko bizogenda igihe azoba ahavuye agana igihugu ca Misri, aho azorangiriza urugendo yizanyemwo weneyene, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC Ferdinand Omondi ari i Nairobi.
Muri Kenya araja kuratira ijisho muri zimwe mu mpongore kama, anarorere ibikino bibera mu nzu yagenewe ibikino y'igihugu (National Theatre).
Umupfasoni Melania Trump yavuze kandi ko ashaka kubonana n'umupfasoni wa prezida Kenyatta. Yarahayagije isekeza rya Margaret Kenyatta "Hejuru y'ubusa", wo guteza imbere amagara y'abana n'abavyeyi.
Melania Trump na we ariko aramenyekanisha isekeza yatanguje rya "Be Best" uteza imbere ubuzima bw'abana. Ariko, nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC, ntiyakiranywe n'igishika cinshi cane.






